RD Congo yitwariye Apple iyagiriza gukoresha ubutare buvuye mu turere tw'intambara

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Will Ross & Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo) yuguruje urubanza mpanavyaha mu Bufaransa no mu Bubirigi, aho yitwariye amakompanyi y'ubuhinga bwa none yegukira ikompanyi y'amaterefone ngendanwa Apple, ikayagiriza ko akoresha ubutare bw'intambara.
Kw'izina rya reta ya DR Congo, abashingwamanza bavuga ko Apple ifise uruhara mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi bikorwa n'imigwi yitwaje ibirwanisho igenzura bimwe mu birombe bicukurwamwo ubutare mu buseruko bw'iki gihugu.
Apple ivuga ko "yiyamiriza yivuye inyuma" ibi birego kandi ko "yiyemeje gukora itiziganya kugira ngo ikoreshe ubutare mu buryo bubereye".
Abategetsi bo mu Bufaransa no mu Bubirigi ubu bagiye kwihweza nimba hariho ivyemezo bikwiye kugira ngo bafate ingingo.
Mw'itangazo, abashingwamanza ba DR Congo bavuga ko isoko Apple iguriramwo ubutare ryandujwe n'"ubutare bw'amaraso".
Bavuga ko ubutare bwa étain, tantalum na tungsten bucukurwa mu turere tw'intambara hanyuma "bugashorwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko biciye ku masoko mpuzamakungu".
" Ibi bikorwa bituma hama ubugizi bwa nabi n'intambara bidahera mu guha uburyo bw'amafaranga imirwi y'inyeshamba n'iy'iterabwoba, kandi bituma abana bakoreshwa ku nguvu kandi bikonona ibidukikije".
Apple irahakana ibi birego ikavuga ko itegeka abayishorera "kugendera cane ku mategeko ngenderwako agenga iki gisata".
Umuvugizi yabwiye BBC ati: "Igihe intambara yaba ndanse muri ako karere mu ntango z'uno mwaka twamenyesheje abadushorera ko amahinguriro yabo ategura agasukura ubutare ategerezwa guhagarika kugura ubutare bwa étain, tantalum, tungsten, n'inzahabu buva muri DR Congo no mu Rwanda.
"Twafashe iyi ngingo kubera ko twari dufise impungenge ko bitagishoboka ko abagenzuzi bigenga canke abajejwe uburyo bwo gutanga impapuro z'ivyemezo vy'ubuziranenge bw'ubutare bakora uko amabwirizwa ngenderwako yacu abisaba".
Ubuseruko bwa DR Congo ni isoko rikomeye ry'ubutare, kandi inyota y'amabuye y'agaciro kw'isi yose yatumye intambara zimaze imyaka mirongo muri aka karere zidahera.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu amaze igihe kirekire avuga ko amabuye y'agaciro menshi cane ava mu birombe vyemewe, hamwe no mu turere twiganziwe n'imirwi y'inyeshamba, atwarwa mu gihugu kibanyi c'Urwanda, bikarangira ageze mu materefone n'amamashini nyabwonko yacu.
Urwanda rwavuze ko urubanza rwa reta ya Congo yitwariye Apple ari ukurondera kuvugwa mu binyamakuru.
Rurahakana ko ata butare bucukurwa mu turere tw'intambara rushora muri iyi kompanyi y'ubuhinga bwa none.










