RD Congo: Reta yemeye ko Bukavu yafashwe n'inyeshamba za M23

Ku mugoroba wo ku wa gatanu w'indwi iheze, niho abarwanyi ba M23 baboneka hagati mu gisagara ca Bukavu ahazwi nka Place de l'Independance

Ahavuye isanamu, MONUSCO

Insiguro y'isanamu, Ku mugoroba wo ku wa gatanu w'indwi iheze, niho abarwanyi ba M23 baboneka hagati mu gisagara ca Bukavu ahazwi nka Place de l'Independance

Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo yemeje ko igisagara ca Bukavu, umugwa mukuru w'intara ya Kivu y'Epfo, cafashwe n'inyeshamba z'umuhari M23 uhanganye n'igisirikare c'iki gihugu.

Mw'itangazo bwacishije ku rubuga rwa X ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu, ubushikiranganji bwa Congo bujejwe kumenyesha amakuru bwemeje "ukwinjira kw'ingabo z'Urwanda n'abafasha bazo [M23] muri iki gitondo" ku mugwa mukuru w'intara ya Kivu y'Epfo.

Muri ubu butumwa bwagiriza amenya igisirikare c'Urwanda, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Patrick Muyaya, avuga ko iki gihugu kibandanya kwica amatwi "mu mugambi waco wo kwigarurira ubutaka" gihonyanze ivyemezo vy'inama y'abakuru b'ibihugu vy'akarere iherutse kubera i Dar-Es-Salaam, muri Tanzania, no "kwiyobagiza akamo k'amakungu gasaba ihagarikwa ry'intambara".

Reta ya Congo ishimangira ko iriko irakora ibishoboka vyose kugira ngo "isubize ibintu mu buryo, igarukane umutekano n'ubusugire bwayo".

"Bukavu, Goma n'utundi duce twose twigaruriwe muri Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo ni ikimenyetso c'uko duhanganye n'umwansi. Twese tugume duhagaze, turi maso, twihanganye kandi dufatanye mu nda muri iki gihe kigoye, turi inyuma y'ingabo zacu n'Umukuru w'Igihugu, Umukuru w'Ingabo", niko ubu butumwa bwa Muyaya buvuga.

Bukavu

Reta ya Kinshasa itangaje ibi inyuma y'aho mu gitondo c'ejo ku wa Mungu igisirikare ca DR Congo (FARDC) gitangarije ko ari co cagenzura igisagara ca Bukavu, ariko amashusho n'amakuru yava mu banyagihugu baba muri iki gisagara akemeza ko abarwanyi ba M23 bariko babandanya binjira ku bwinshi.

Amakungu abandanya yiyamiriza iyi ntambara, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (AU/UA) rikagabisha ko Congo ishobora gusambuka, rikongera rigasaba ko abarwanyi ba M23 bava mu turere bigaruriye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'Ubumwe bwa Bulaya bivuga ko bifise ubwoba ku biriko bibera muri aka karere k'ubuseruko bwa Congo, bigasaba guhagarika intambara no kwubahiriza ubusugire bw'igihugu.

Aho yari ari mw'ikoraniro ry'abakuru b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Afrika i Addis-Abeba muri Ethiopa, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yasavye ko haba ibiganiro vuba bwango, akagabisha ko ata nyishu ya gisirikare ishoboka.

Perezida Félix Tshisekedi wa Congo yagiriza Urwanda ko rufise intego yo kwiyagurira akarere, agasaba ko amakungu afatira ibihano iki gihugu cagirizwa ko ari co gifatiye umuriro inyeshamba za M23, ivyo reta ya Paul Kagame ibanganya yamirira kure.

Perezida Tshisekedi asaba kandi amashirahamwe y'inkino kw'isi, harimwo NBA, Formula One, n'imirwi ikomakomeye y'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya, guhagarika amasezerano y'ugufashanya afitaniye n'Urwanda mu gihe intambara ibandanya ikomera igatuma ibihumbi amajana n'amajana baza izabo.

Dufise abantu bavuga ibinyoma ata mvo n'imwe-Kagame

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hagati aho, Prezida Paul Kagame ariyamiriza ivyo igihugu ciwe cagirizwa, akavuga ko ari ibinyoma bikwiragizwa kandi ko ataco bifasha mu gutorera umuti w'indyane zibera mu buseruko bwa Congo.

Mw'ijambo yashikirije ku wa kane aho yari ari mw'ikoraniro rya AU, Perezida Kagame yagize ati: "Iyaba urukino rwo kwagirizanya, amajambo meza, ububeshi, kutagira isoni, vyari vyo muti w'iki kibazo, kiba cararangiye kera cane. Iki kibazo ntituba tukigifise. Dufise abantu bavuga ibinyoma ata mvo n'imwe".

Mu gihe abandanya yagiriza reta ya Congo n'igisirikare cayo guha impigi inyeshamba z'umuhari FDLR zirwanya reta ya Kigali, Perezida Kagame avuga ko adatahura ukungene amakungu abandanya yirengagiza iki kibazo.

Ati: "Ni gute FDLR itabaho mu mitwe y'abantu bamwe bamwe? Canke ni kuki ari ikintu umengo gifatwa minenerwe? Iyo ugifata minenerwe, uba uriko ufata minenerwe akahise kanje, kandi nanje ivyo sinshobora kuvyemera. Sindaba ngo uri nde.

"Si ndiko nditonesha ku muntu uwo ari we wese muri iki cumba ngo ampe uruhusha rwo kubaho canke abantu banje kubaho? Oya. Nzobaho kubera ko ari uburenganzira bwanje. Ni ico gusa".

"Rero, iyo ndiko ndumviriza abantu bamwe bamwe bavuga ibi bintu; ni ryari Congo izofata inshingano ku bibazo vyayo?"

Perezida Kagame avuga ko adatahura ukungene RD Congo yama ifata ko ingorane zayo zose ziva hanze, akavuga ko igihugu ciwe ataco gifitaniye n'ibibazo bihanze Kinshasa.

Ati: "Dufise ingorane zacu bwite duhanganye na zo. Congo ni nini cane ku buryo Urwanda rudashobora kuyiheka mu mugongo.

"Nk'uko nabibabwiye, turi igihugu gito, turi igihugu gikenye, ariko ku bijanye n'uburenganzira bwo kubaho, ntimwihende. Sindiko ndasaba, nta n'umwe nzosaba".

Repubulika ya Demokarasi ya Congo iri mu ndyane kuva mu 1996, igihe inyeshamba zari zirongowe na Laurent Desire Kabila kandi zishigikiwe n'Urwanda hamwe na Uganda ico gihe zatanguza intambara yamaze amezi indwi igatembagaza intwaro ya Mobuku Sese Seko yari imaze imyaka irenga 30 irongoye iki gihugu.

Kuva ico gihe, RD Congo nta mahoro arama yigeze ironka, aho hagiye havuka imirwi itandukanye, cane cane mu buseruko bwayo, akarere gatunze amabuye y'agaciro menshi, Urwanda rukaba rwagiye rwagirizwa gushigikira imwe muri iyi mihari.

Muri kino gihe, bizwi ko aka karere gaharurwamwo imirwi y'inyeshamba irenga 100, harimwo na M23 imaze kwigarurira uturere tutari duke two mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, kuva isubiriye gutanguza intambara mu mpera za 2021.

Reta ya Congo, n'ibihugu bitari bike, co kimwe n'amashirahamwe mpuzamakungu, babandanya bagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo M23, ariko reta yarwo ikabihakana, ikagiriza ahubwo reta ya Congo n'igisirikare cayo gukorana n'inyeshamba za FDLR, reta ya Kinshasa nayo ikavuga ko ari ivyitwazo vya reta ya Kigali kugira ngo ibandanye gusahura amatungo kama y'ico gihugu.

Mu gihe ibihugu n'abategetsi batari bake babadanya basaba ko hoba ibiganiro mu ntumbero yo gutorera umuti izi ndyane, utwigoro twose two guhagarika intambara ya kino gihe ntaco turashikako.