Intambara ya RD Congo: M23 itumirwe mu biganiro, niko abakuru b'ibihugu ba EAC na SADC basaba

Ahavuye isanamu, SADC
Inama rusangi hagati y'amashirahamwe EAC na SADC ku kibazo ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo isaba ko umuhari w'inyeshamba wa M23 n'iyindi mirwi atari ya reta itumirwa mu biganiro vyo gutorera umuti intambara iri mu buseruko bwa Congo.
Iyi nama kandi isaba ko hategurwa uburyo bwo gukura ingabo mvamahanga zitatumiwe ku butaka bwa Congo.
Yashimangiye kandi ko ari ngombwa gutuza umuhari w'inyeshamba z'Abahutu FDLR urwanya reta y'Urwanda ukorera mu buseruko bwa Congo, gukuraho ingingo z'ukwivuna z'Urwanda, hamwe n'ugukura ingabo z'Urwanda muri Congo.
Iyi nama y'abakuru b'igihugu vy'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko, EAC hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko, SADC, yabereye i Dar es Salaam muri Tanzania, yari iyo kwiga ivyiyumviro vyashikirijwe n'abashikiranganji b'ibi bihugu yabaye ejo ku wa gatanu.
Veronica Nduva, Umunyamabanga Mukuru wa EAC, agira ati: "Iyo nama rusangi itegeka ko ibiganiro n'ibiganiro bitaziguye bihuza reta n'imirwi yose itegamiye reta bisubira gutangura, harimwo na M23, hakurikijwe amasezerano ya Luanda na Nairobi".
Iyi nama y'abarongoye ibihugu bihurikiye muri aya mashirahamwe itegeko kandi abakuru b'ibisirikare vy'ibi bihugu gukorana mu misi itanu kugira ngo bashireho integuro y'umutekano wa Goma n'uturere tuyizungurutse.
Isaba kandi no kuvugana ingene ikibuga c'indege ca Goma cosubira kwugururwa co kimwe n'inzira nyamukuru kugira ngo imfashanyo y'ubutabazi ishobore gushikira abayikeneye mu buseruko bwa Congo.
Abakuru b'ibi bihugu basaba ko intambara zihagarara bidatevye, hakaba amasezerano yo guhagarika intambara, ibikorwa nyamukuru bigasubira gutangura, harimwo n'ivyo gutanga imfungurwa.
Bashimangira ko inzira za poritike n'ibiganiro ari zo zishobora gutorera umuti urama indyane zirangwa mu buseruko bwa Congo.
Iyi nama yategetse ko izo nzira zibiri z'ibiganiro zisanzweho (Luanda na Nairobi) zihurizwa hamwe zikaba nzira imwe yitwa inzira ya Nairobi-Luanda kugira ngo zishigikirane.
Iyi nama yari yitabwe n'abakuru b'igihugu vya Tanzania, Uganda, Urwanda, Kenya, Somalia na Zambia, abandi b'ibindi bihugu harimwo uw'Uburundi n'uwa RD Congo bakaba bari barungitse abaserukira.











