SADC yarangije ubutumwa bwa gisirikare muri RD Congo

Ingabo za Sadc

Ahavuye isanamu, SAMIDRC

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Sadc zari zarungitswe muri Congo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2023

Abategetsi b'ibuhugu vy'umuryango wa Afrika y'Ubumanuko SADC bumvikanye kurangiza ubutumwa bw'ingabo iryo shirahamwe ryari ryararungitse gufasha reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo) kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho.

Iyo ngingo yafatiwe mu nama idasanzwe y'abakuru b'ibihugu bigize iryo shirahamwe yabereye ku buhinga bwa video-conference (atari ho bari imbona nkubone) yari ihagarikiwe n'umukuru wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa.

Abategetsi b'ivyo bihugu bavuze ko batewe umutima uhagaze n'ingene ibintu biguma vyunyuka mu buseruko bwa Congo kuva umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 wigaruriye ibisagara vya Goma na Bukavu, imigwa mikuru y'intara za Kivu, mu buseruko bwa Congo.

Bavuze ko kuva ivyo bisagara bifashwe amayira nyamukuru yo gushikanayo ivya nkenerwa yugawe no gushikanayo imfashanyo ku bari mu kaga bigaca bigorana cane.

Yari inama igira gatatu kuri Congo muri aya mezi make aheze.

Abategetsi b'iryo shirahamwe ry'ibihugu 16 Congo irimwo bumvikanye gukurayo izo ngabo mu bice bice.

Zari zarungitsweyo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2023 gufasha reta ya Congo kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho na cane cane M23.

Tanzania, Afrika y'Epfo na Malawi nivyo vyari vyatanze ingabo.

Muri aya mezi aheze izo ngabo zaratakaje abatari bake na cane cane mu ntambara ya M23 yo gufata Goma mu mpera z'ukwezi kwa mbere bituma Malawi itahukana abayo.

Abo bategetsi ba Sadc Nta nsiguro batanze y'igituma barangije ubwo butumwa.

Ariko inama yabo yongeye gusubiramwo ko hakenewe gutorwa inyishu ya poritike n'imigenderanire (diplomatie) ''irimwo impande zose za reta n'izitari iza reta, iza gisirikare n'izitari iza gisirikare mu buseruko bwa RD Congo kugira hagaruke amahoro, umutekano n'ituze mu gihugu''.

Kuva Goma ifashwe ingabo za SADC zari he?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abasirikare bikekwa ko barenga 1,000 barungitswe n'ibihugu vya Afrika y'Epfo, Malawi na Tanzania bari mu bigo biri i Goma no mu nkengera zayo ahitwa Mubambiro aho bacungerewe n'umugwi wa M23.

Kuva ico gisagara gifashwe kazoza kabo ntikari kazwi neza.

Mu kwezi guheze, umugwi wa M23 wemeye ko ibiziga 14 vy'abo muri Afrika y'Epfo baguye ku rugamba, na bamwe mu bari bakeneye ubuvuzi, basubizwa mu bihugu vyabo baciye mu Rwanda.

Kuba aba basirikare bakiri i Goma no hafi yaho bacungerewe na M23, ukwezi kurenga inyuma yo gutsindwa ku rugamba, ntivyavugwako rumwe.

Imwe mu ngorane zavugwa ni uko ikibuga c'indege ca Goma cugaye kugeza ubu.

Ico kibuga carononywe n'intambara yakibereyeko mw'ifatwa rya Goma.

Kugira gisubire gukora ubutegetsi bwa reta ya Congo butegerezwa gutanga uruhusha ku ndege mpuzamakungu za gisivire kugira zishobore kukigwako.

Ntibizwi neza niba urwo ruhusha rwararatanzwe M23 ikaba ari yo itaremera ko iki kibuga c'indege gifungurwa.

Mu kwezi guheze umugwi wa M23 wavuze ko mu gihe izo ngabo zoshaka gutaha, inzira ihari y'izo ngabo za SADC ziri i Goma ari iyo guca ku mupaka zikinjira mu Rwanda zigafatirayo indege zija mu bihugu vyazo.

Hari amakuru avuga ko kuba izo ngabo zaratevye kuva muri DR Congo bishingiye ku kutumvikana na M23 ku bintu bitandukanye zifise zishaka gutahana, ko M23 idashaka ko zitahana ivyo zitazanye.

Ikarata y'ibihugu bigize SADC

Ibuihugu vya SADC

Ahavuye isanamu, SADC