Trump yoba ariko yihweza ku masezerano ku butare bwa RD Congo ibangamiwe n'intambara?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
Repubulika ya Demokarasi ya Congo isa n'iyiriko irondera kwitabaza Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu buryo bwo kurondera uwoyifasha mu ntambara yayo n'inyeshamba za M23 zibandanya zifata uburere bw'igihugu.
Inyuma yo kubona ingene ubutegetsi bwa Donald Trump bushashaye imigenderanire yo gutsimbataza ubudandaji – igafatira ku masezerano ashingiye ku mabuye y'agaciro hagati ya Ukraine na Amerika – Congo, igihugu cicaye ku mutungo kama w'igitangaza, yizeye ko ishobora kugiriranira amasezerano yayo bwite na Washington (ubutegetsi bwa Amerika).
Hari kandi n'amakuru avuga ko Trump agiye kugena vuba sebukwe w'umukobwa wiwe Tiffany, mu mabanga akomeye mu karere k'ibiyaga binini.
Umuvugizi wa reta ya Congo, Patrick Muyaya, yaremeje mu kiganiro Newsday ca BBC ko igihugu ciwe gishaka kwiyegereza Amerika kikayiha "amabuye y'agaciro ahambaye".
Yongerako ati: "Ego cane... turashobora no kuvugana ibijanye n'umutekano".
Kubera iki ubu havugwa ivy'amasezerano?
DR Congo iri mu bibazo mu vya gisirikare.
Inyeshamba za M23 zishigikiwe n'igihugu kibanyi c'Urwanda zimaze kwigarurira uduce tutari duke mu karere k'ubuseruko bw'igihugu gatunze amabuye y'agaciro menshi. Urwanda rwagiye ruhakana ko rwoba rufashe mu mugongo M23.
Ingabo z'akarere – ubwa mbere zo mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko (EACRF), hanyuma zisubirizwa n'izo mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC) - zari zarungitswe kugira ngo zifashe reta ya Congo, zarananiwe no kuzibira inyeshamba.
Ubu hoho M23 ivuga ko ishaka kubandanya isatira itera igana mu burengero kugira ngo ifate umugwa mukuru Kinshasa.
Kubera ibi bibazo, ntibitangaje ko Prezida Félix Tshisekedi yoba ariko ararondera ingene yokwisubiza agateka.
Ku wa 22 Ruhuhuma (2), Tshisekedi yasubiwemwo n'ikinyamakuru New York Times avuga ko ubutegetsi bwa Trump bwerekanye ko bushaka amasezerano ashingiye ku butare buhambaye.
Umusi umwe imbere y'aho, ishirahamwe Africa-USA Business Council ryarandikiye umushikiranganji wa Ameika ajejwe imigenderanire Marco Rubio kw'izina ry'umukenguzamateka umwe wa Congo risigura amasezerano ashobora kuba arimwo "ugufashanya mu vy'ubutunzi n'igisirikare".
Amerika yokwunguka iki?
DR Congo ifatwa ko ifise ubutare bufise agaciro k'imiriyaridi 25.000 z'amadolari y'Abanyamerika butaracukurwa – harimwo cobalt, inzahabu n'umujumpu.
Ubu ni co gihugu ca mbere kw'isi gitanga ubutare bwa cobalt buronderwa cane mu bijanye n'ubuhinga bwa none, harimwo mu guhingura amabateri y'imodoka zikoresha umuyagankuba - ariko igice kinini c'ubu butare bukaba buja mu Bushinwa.
DRC ifise kandi n'ubutare butari buke bwa lithium, tantalum na uranium, na bwo nyene bukaba ari nkenerwa mu vya gisirikare.
Nubwo Amerika iriko irashira umutahe munini mu bikorwa remezo – umuhora wa Lobito - bifise intego yo kwunguruza ibiva muri Afrika yo hagati gushika ku kivuko co muri Angola, amakompanyi yayo nta ruhara afise mu bijanye no gucukura ubutare muri Congo.
Mu gihe Ubushinwa ari bwo bwiganziye igisata c'ubutare muri Congo, hashobora kuba hari "igihengeri kibandanya ciyongera mu bijanye no kwivuna abansi, mu gihe ibihugu vy'abakeba bibandanya vyiganziye amatungo ya Afrika", nk'uko biri muri iri kete ryandikiwe Rubio.
Mu nzandiko, Congo ivuga ko ishobora guha amakompanyi ya Amerika amasezerano meza yoshobora kuyaha akaryo ko gucukura ubutare.
Ariko, nk'uko umuhinga mu bijanye no gucukura ubutare Gregory Mthembu-Salter abivuga, mu gihe Amerika igendera ku makompanyi y'ubudandaji y'abikorera utwabo, ibitandukanye n'Ubushinwa, ashobora kubona ko kuja gukorera muri iki gihugu bishobora kuyateza ivyago.
Ariko ibi vyose ni ivy'abantu biyumvira mbere umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire avuga ko "ata kintu umuntu yohava atangaza muri iki gihe".
Naho biri uko, Amerika "iriteguye kuja mu biganiro bijanye no gufashanya muri iki gisata" hisunzwe itegeko ry'umukuru w'igihugu rigamije kugira Amerika "igihugu gifata iya mbere mu guhingura no gutunganya umutungo kama atari igitoro, harimwo n'amabuye y'agaciro adasanzwe".
DR congo ishobora kuhungukira iki?
Kimwe mu bintu nyamukuru kirashobora kuba "ugutsimbataza ugufashanya mu vya gisirikare", nk'uko iri kete ryandikiwe Rubio ribivuga.
Muri ibi harimwo:
- Ukwigisha no guha uburyo abasirikare "kugira ngo bakingire amayira yunguruza amabuye y'agaciro"
- Guha Amerika uburenganzira bwo gushika ku bigo vya gisirikare "mu gukingira amatungo ahambaye"
- No "gusubiriza ubutumwa bw'amahoro bwa ONU ataco bumaze bugasubirizwa n'ugufashanya kutaziguye hagati ya Amerika na Congo mu bijanye n'umutekano".
Umuvugizi wa reta ya Congo yanse kwemeza ibi, ariko hari amakenga ku bijanye n'ishirwa mu ngiro ryavyo n'akarusho vyoshobora gushoka bizana.
Nk'uko bivugwa na Stephanie Wolters, umuhinga mu kigo ca Afrika y'Epfo cigisha ibijanye n'imigenderanire (South African Institute of International Affairs), nimba Kinshasa ishaka ko igisirikare ca Amerika kiba mu buseruko, "ibi birashobora kudakunda".
Ikindi kandi, "ibirwanisho n'inyigisho ni ibintu bifata igihe kirekire", nk'uko yabibwiye ikiganiro Focus on Africa ca BBC.
Ati: "Ndibaza ko iyi nzira yafashwe na reta ya Congo ari ukubera ibibazo bihanze ubuseruko bw'igihugu, kandi jewe sinemera ko ivyo Amerika yotanga ari ikintu gishobora kuzana akarusho uravye ivya nkenerwa muri kino gihe".
Umuhinga mu bijanye n'ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro Umunyecongo Jean-Pierre Okenda, avuga ko vyoba vyiza gucungera ibijanye n'ano masezerano, agasaba ko inama nshingamateka n'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike na bo nyene bobazwa nimba babona ko ano masezerano azozanira inyungu abanyagihugu.
Umuntu atereje amaso imbere, avuga ko mu ntumbero yo kwubaka kazoza keza gashingiye ku mahoro arama ari ngombwa gutorera umuti "uburongozi bw'igihugu butungisha abari ku butegetsi gusa".
Amasezerano y'imbere y'aha Congo yagiranye n'Ubushinwa yabuhaye uburenganzira bwo gucukura amabuye y'agaciro na bwo bukayifasha mu migambi y'ibikorwa remezo, aranegurwa cane ko ataco yashitseko mu vyari vyemerewe igihugu.
Tshisekedi yarasubiye kubiganirako n'Ubushinwa ariko kubera ata muco urimwo ibi biganiro biranegurwa.
Hagiye gukurikira iki?
Nta kintu gitomoye gishobora kuba vuba.
Mu gihe Muyaya adatomora neza ivyo twokwitega, yabwiye BBC ari i Kinshasa ko "mu misi iri imbere dushobora kuzoronka izindi nsiguro dutanga".
Yongerako ko "[Tshisekedi] afise ishaka rya poritike kandi nibwira ko Amerika yitwararika ivyo bibazo".
Ku ruhande rwa Amerika, nk'uko bivugwa n'urubuga ngurukanabumenyi Semafor, Perezida Trump agiye gutangaza Massad Boulos nk'intumwa nshasha ya Amerika mu karere k'ibiyaga binini.
Ni se wa Michael Boulos yubakanye n'umukobwa wa Trump, Tiffany, akaba ari umuhanuzi mukuru wa Trump ku bijanye n'ibibazo vy'Abarabu n'Ubuseruko bwo Hagati kuva muri Kigarama (12) umwaka uheze.
Mu vyo asanzwe akora mu bucuruzi harimwo ishirahamwe ryo muri Nigeria rijejwe gukwiragiza imodoka n'ibikoresho muri Afrika yose y'uburengero - kandi yitezwe gufata indege aja i Kinshasa mu ndwi nkeya ziri imbere.














