Intambara ya Congo: Bemera kwiroha muri Rusizi bahunga ngo M23 ntibinjize mu gisirikare cayo ku nguvu

- Umwanditsi, Nomsa Maseko
- Igikorwa, BBC News, Rugombo
Jordan Bita kwiroha mu ruzi ahunga kugira ngo ntiyinjizwe ku nguvu mu gisirikare c'inyeshamba mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Uno musore w'imyaka 25 yajabutse Rusizi igabura Congo n'Uburundi akoresheje igisashe cirabura yari yatekeyemwo utuntu twiwe maze imikuba ikomeye imufasha kujabuka.
Mu mwiheburo, iyi ni yo nzira yonyene yari asigaranye kugira ngo ashobore kunyaga amagara agahungira mu Burundi mu gihe ibintu bibandanya vyunyuka mu buseruko bwa Congo, inyuma y'uko inyeshamba za M23 zifashe ibisagara vya Goma na Bukavu, haraciye amayinga ashika kuri atanu.
BBC yahuye na we yinjiye mu Burundi, yihungura amazi mu maso, aho yagize ati: "Narashoboye guhunga ata nkomanzi... kuko nagenda nca mw'ishamba ninyegeza mu bisaka, aho guca mw'ibarabara".
Ati: "Ibi bimeze uku kuko abarwanyi ba M23 banyagara hose kandi baduhatira kwifatanya na bo ngo turwanye leta".
Ingabo z'Uburundi ntizigoheka ku nkengera y'uruzi mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero aho imiryango y'Abakongomani iriko irajabukira.
Hano hahungiye abantu bababa 70.000 mu kwezi guheze, mu gihe inyeshamba za M23 zivugwa ko zishigikiwe n'Urwanda - ruhana urubibe n'Uburundi mu buraruko - zibandanya zisatira amaja mu bumanuko bwa Congo.
Mu mpera za Nzero (1), niho zafata umugwa mukuru wa Kivu ya Ruguru, Goma, muri Ruhuhuma(2) naho zifata Bukavu, umugwa mukuru wa Kivu y'Epfo.

Intundura Bita yari afise yabanje gusuzumwa neza ku mategeko y'ingabo z'Uburundi - nta birwanisho vyemerewe kwinjira.
Inyuma y'aho, yaciye afata ino ntundura yiwe ariremeka ku mutwe, aduga ku gasozi ashika kw'ikambi iri hafi y'aho, ku birometero nka 12 uvuye mu gisagara ca Rugombo.
Umuryango wiwe wari wamaze gushika muri iyo kambi yubatswe mu kibuga c'umupira muri ico gisagara.
Uwundi mugabo, Amani Sebakungu, yaboneka ko yari arushe cane ahemagirika amaze kujabuka Rusizi: "Uri mu ruzi utegerezwa kurya umutima amenyo ukagira uti nimba mpfa canke ndokoka, ni bibe uko nyene. Imana rero yashatse ko njabuka amahoro".
Mu gihe abanyamakuru ba BBC bariko baganira na Sebakungu, igisirikare c'Uburundi cadutegetse twese kuva aho hantu kuko inyeshamba za M23 zari zabonetse zitera zija ku ruzi hakurya.
Mu nyuma, duhagaze ku gasozi kari hafi, twashoboye kubona izi nyeshamba zambaye umwambaro wa gisirikare zitonze umurongo zihagarika abantu ku ruhande rwa Congo zibabuza kujabuka.
Ivyago abo bahunga bahura na vyo ni vy'ukuri.

Biravugwa ko hari abapfa bariko bagerageza kujabuka uru ruzi rwagutse hamwe na hamwe rukaba rufise ibenga rishobora gushika ku metero cumi (10m).
Clarice Kacindi yapfushije umwana wiwe w'imyaka itatu igihe yariko ajabuka Rusizi, haraheze imisi cumi.
Aho yari ari muri ico kibuga mu Rugombo, yambwiye ati: "Umwe mu bana banje yari aryamye mu bwato imbere yanje, nanje mfise abandi batatu. Harimwo n'abandi bantu benshi, maze tugeze hagati mu ruzi ubu bwato bucikamwo kubiri umwana wanje aca aratwarwa.
Ati: "M23 iriko iratwicira ubuzima. Bategerezwa guhagarika iyi ntambara. Naho noba nshaka gusubira muhira, nzobwirizwa gutangura ubuzima gushasha. Ibintu vyose twasize baravyivye".
Hubatswe amahema amajana n'amajana muri iki kibuga kugira ngo yakire aba bahunga mu gihe ibibazo vyabo nk'abasaba ubuhungiro bikiriko birigwa.
Abantu nka 25 barasangiye ihema, abandi benshi na bo baryama ku gahinga. Bahabwa indya rimwe gusa ku musi.
Hirya mu bumanuko, ku mupaka mukuru hagati ya DR Congo n'Uburundi mu Gatumba, na ho nyene ibintu birashushe.
Ni nk'urugendo rw'isaha uva mu gisagara ca Uvira kiri hafi muri Congo, uja mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi, aho usanga ari uruja n'uruza rw'abantu n'imiduga.
Ubu ni yo nzira yonyene usanga arimwo uruja n'uruza rw'impunzi zisuka mu Burundi - ahanini abagore n'abana.
Abajejwe umutekano mu Burundi batashatse ko amazina yabo aja ahabona babwiye BBC ko abagabo batabemerera kujabuka umupaka, bagategekwa kuguma i Uvira kugira ngo barwanire igisagara kugira ntigifatwe na M23.
Nahungiye mu Burundi incuro nyinshi kuva nkiri muto... hari ibihe nahatswe gutwarwa ndiko ndahunga"
Uburundi bufise ingabo zirenga 10.000 zarungitswe muri Congo zifasha igisirikare cayo mu ntambara yaco n'inyeshamba za M23.
Benshi muri izi ngabo ziri i Uvira, igisagara gifise abantu barenga 300.000.
Uvira iri ku mpera y'uburaruko bw'ikiyaga Tanganyika, ubu ikaba imeze magabo cane mu gihe inyeshamba za M23 zitera zigana mu bumanuko zivuye i Bukavu, zikavugwa ko ubu zoba zigeze ku bilometero 70.
Imigenderanire hagati y'Urwanda n'Uburundi imaze igihe kirekire yaratosekaye, ibi bihugu vyompi bikagirizanya gushaka gutembaza ubutegetsi bwavyo.
Ibi bihugu bifise ururimi rumwe n'amoko amwe - aho Abatutsi n'Abahutu bakunze gushamirana mu ndyane z'amoko na poritike zimaze gutuma haba ubwicanyi bukomeye.
Reta y'Uburundi itinya ko mu gihe M23 yoshinga imizi muri Kivu y'Epfo mu kwigarurira Uvira umuhari Red Tabara woba uronse urubuga rukomeye.
Uno muhari ugizwe ahanini n'Abatutsi ukorera muri Kivu y'Epfo - kandi warigeze gukora ibitero ku Burundi muri kahise.

Brigitte Mukanga-Eno wo mw'ishami rya ONU rijejwe impunzi, yabwiye BBC ati: "Birateye ubwoba ku Burundi. Ubu ni bwo bwa mbere mu myaka irenga 20 igihugu cakira impunzi nyinshi nk'izi".
"Turakeneye gushigikira iki gihugu mu kwakira izi mpunzi kugira ngo tworohereze abakiriko barahungira mu Burundi kugira ngo ntihahave haduka indyane hagati y'impunzi n'abazakiriye".
Magega Mwarui w'imyaka 87 arazi amakuba aturutse ku myaka yaranzwe n'imishamirano mu karere, akenshi itewe n'indyane zishingiye ku moko.
Uno mutamakazi atakibona yabwiye BBC aho yari ari mu Rugombo ati: "Maze guhungira mu Burundi incuro nyinshi cane. Tujabuka uru ruzi dufise intekera y'utwo dushoboye gutwara".
Ati: "Kuva nkiri muto, imbere y'uko mpuma... narahatswe kenshi gutwarwa n'uruzi ndiko mpunga intambara".
Charlotte Odile, ubu aba mw'ikambi iri hanze gato ya Rugombo yashizwemwo abamaze kwemererwa ubuhungiro, yatubwiye ko yaje mu Burundi ari kumwe n'abana biwe bane inyuma y'aho umugabo wiwe arasiwe n'inyeshamba za M23 muri Kivu y'Epfo.
Ati: "Ndizeye ko nzoronka aho abana banje baba bakaronka amahoro".
Robert Kiptoo wa BBC yaterereye muri iyi nkuru.










