Ibiro vy'Inama Nkuru ya UA/AU vyemeje Faure Gnassingbé wa Togo nk'umuhuza hagati y'Urwanda na Congo

Ahavuye isanamu, AFP
Perezida João Lourenço wa Angola yaraye ashikirije uwo yabonye ko yomusubirira nk'umuhuza hagati ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo n'Urwanda. Uyu nawe ni Faure Gnassingbé, umukuru w'igihugu ca Togo, mu ntumbero yo kurangiza intambara ibangamiye ico gihugu mu buseruko.
Hari mu nama yiwe ya mbere y'Ibiro vy'Inama Nkuru y'Ubumwe bwa Afrika nk'umukuru w'Ubumwe bwa Afrika, yabaye ejo ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2025 hifashishijwe ubuhinga bwa none.
Yari inama yo kwiga ku mugambi w'amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu ntumbero yo kurangiza intambara yabaye ndanse mu buseruko bw'iki gihugu, na cane cane hagati y'ingabo za reta n'umuhari M23.
Perezida Lourenço yamenyesheje ko imibonano y'intangamarara hagati ya we na Perezida Gnassingbé yavuyemwo inyishu nziza, bisigura ko uno mukuru w'igihugu ca Togo yemeye ivyo yasabwe.
Muri iyi nama, Perezida Lourenço yabanje kwibutsa igituma yavuye mu mabanga yo kuba umuhuza, aho avuga ko yashatse kwitangira amabanga yiwe nk'umukuru w'Ubumwe bwa Afrika.
Iyi nama yari yitabwe na Perezida John Dramani Mahama wa Ghana, icegera c'umukuru w'igihugu c'Uburundi Prosper Bazombanza, Perezida Mohamed Ould Ghazouani, wa Mauritania, Ambasaderi Mahmoud Thabit Kombo, umushikiranganji wa Tanzania ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu hamwe n'ibibazo vy'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko hamwe n'umukuru w'inama nkuru y'Ubumwe bwa Afrika Mahmoud Ali Youssouf.
Iyo nama yaremeje igenwa rya Faure Gnassingbé, hakaba hasigaye ko yemezwa n'Inama nkuru y'abakuru b'ibihugu n'amareta y'ibihugu bigize Ubumwe bwa Afrika.
Ari nka hamwe yokwemezwa - Ibiro vy'Inama nkuru y'Ubumwe bwa Afrika bikaba bimenyesha ko bizokora uko bishoboye kugira ngo yemezwe - Perezida Gnassingbé azoba afise igikorwa kitoroshe co guhuza abakuru b'ibihugu vy'Urwanda na DR Congo, igikorwa kitoroheye umukuru w'igihugu ca Angola.
Inama yari yitezwe ku wa 15 Kigarama (12) umwaka uheze wa 2024 hagati ya Perezida Felix Tshisekedi wa DR Congo na Perezida Paul Kagame w'Urwanda yarasivye kubera Perezida Kagame yanse kuyitaba.
Reta y'Urwanda yavuze ko iyi nama yasivye kubera Urwanda na Congo vyananiwe no kwumvikana ku kungene hoba ibiganiro bitaziguye n'umuhari M23 mu ntumbero yo gutorera umuti intambara yo mu buseruko bwa Congo.
Bagiye guhurira i Doha, umugwa mukuru wa Qatar, ku wa 18 Ntwarante (3) bahujwe na Emir w'iki gihugu mu buryo butari bwitezwe mbere bwatangaje benshi, aho bemeranije kubandanya ibiganiro vy'amahoro arama, nk'uko itangazo ry'ubushikiranganji bwa Qatar bujejwe imigenderanire ryabimenyesheje.
Reta ya Congo, ONU n'ibihugu bimwe bimwe vy'uburengero, bagiriza reta y'Urwanda ko ari yo ifatiye umuriro M23. Nubwo iyo reta yagiye ibihakana, ivuga ko yafashe ingingo zo gukingira imipaka y'igihugu, harageze aho itabihakana kandi ntivyemere, igatangazwa ahubwo no kubona amakungu ataco avuga ku kibazo c'inyeshamba za FDLR, ivuga ko zifashwe mu mugongo na reta ya Kinshasa.
Umuhari M23, ubu uri mu runani AFC (Alliance du Fleive Congo), wasubiriye gutangura intambara mu mpera za 2021 inyuma y'imyaka yababa umunani ata gakoma, aho wagiye wigarurira uturere tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Kuva mu ntango z'uno mwaka wa 2025, intambara zarakomeye cane hagati y'igisirikare ca reta n'inyeshamba z'umuhari M23, zatumye uno muhari wigarurira imigwa mikuru y'izo ntara zibiri, Goma na Bukavu.
Utwigoro two kurangiza iyo ntambara ntaco turashobora gushikako, eka n'ingabo z'umuryango w'ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko SADC zari zarungitswe gufasha reta ya Congo kurwanya uno muhari ntizashoboye guhagarika M23.
Zari zarungitswe mu mpera za 2023 zisubiriye iz'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko zari zarungitswe muri Congo mu 2022 mu ntumbero yo kubanguranya impande zishamiranye. Vyahavuye birangira reta ya Tshisekedi izagirije ko ataco zariko zirayifasha.
Inama rusangi ya SADC n'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, EAC, yabaye ku wa 8 Ruhuhuma i Dar es-Salaam muri Tanzania yasavye ko hogenwa abandi bahuza bofasha mu mugambi w'amahoro, kandi imigambi w'amahoro wa Luanda na Nairobi igashirwa hamwe mu ntumbero yo kurondera umuti urama, ivyo inama nkuru y'amahoro n'umutekano y'Ubumwe bwa Afrika yahavuye yemeza ku wa 14 Ruhuhuma 2025.
Yaciye yongereza abahuza kuri ico kibazo. Iruhande ya Uhuru Kenyatta yahora ari umukuru wa Kenya yari asanzwe arongoye umugambi wa Nairobi, ubu hongeweko Kgalema Motlanthe, yahoze atwara Afurika y'Epfo, Catherine Samba-Panza yahoze atwara Centrafrique, Sahle-Work Zewde yahoze ari umukuru wa Ethiopia na Olusegun Obasanjo yigeze kuba umukuru wa Nigeria.
Mu gihe reta ya DR Cogo yamaze igihe ivuga ko idashobora kuganira n'umuhari M23, yahavuye igondozwa, icabonetse ko yari intambwe ikomeye mu nzira iganisha ku mahoro.
Ku wa 18 Ntwarante, hari hitezwe ibiganiro hagati y'intumwa za reta ya Congo n'iza M23 i Luanda. Reta Ya Congo yararungitse intumwa ariko M23 irasiba, ivuga ko hari kubera ibihano vyari vyaraye bifatiwe bamwe mu barongozi bayo.
Ubu havugwa ibiganiro vyitezwe kubera i Doha muri Qatar hagati y'intumwa za reta ya Congo n'iza M23 mu ndwi itangura, inyuma y'aho ico gihugu c'abarabu gishoboreye guhuza abakuru b'ivyo bihugu.
Gusa imigambi yo gufasha kurondera amahoro muri Congo ni myinshi ku buryo abihweza ibintu n'ibindi bibaza ingene izohuzwa kugira ishike kuri iyo ntumbero imwe yo kugarukana amahoro amaze imyaka hafi 30 yarahungabanye mu buseruko bwa Congo.













