'Uwo mugabo atera ingorane ntiyatowe na rimwe'- Kagame avuga Tshisekedi

Umukuru w'Urwanda Paul Kagame mu birori vyo kwifurizanya umwaka n'abaserukira ibihugu vyabo n'amashirahamwe mpuzamakungu, ku wa 16 Nzero 2025, Kigali, Rwanda

Ahavuye isanamu, You Tube

Perezida Paul Kagame w'Urwanda yagiriza Perezida Felix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ko incuro zibiri zompi ari ku butegetsi ''atigeze atorwa na rimwe [atigeze atsinda amatora na rimwe]''.

''Uwo mugabo atera ingorane nariko ndavuga hagati y'Urwanda na Congo ntiyigeze atorwa, kabiri kose'', niko Kagame yavuze ku wa kane mu birori vyo kwifurizanya umwaka mushasha n'abaserukira ibihugu vyabo n'amashirahamwe mpuzamakungu bakorera mu Rwanda.

''Ntiyigeze atorwa, na rimwe, na rimwe,'' niko perezida Kagame yabandanije ababwira, ati ''kandi murabizi''.

"Uyu mugabo Tshisekedi ntiyatowe. Ku ncuro ya mbere ntiyatowe na gato, kandi murabizi, nta gishasha ndiko ndabwira uwo ari we wese. Gusa ni uko mutabivugira ku mugaragaro, ariko jewe ndiko ndabivugira ku mugaragaro, niho honyene bitandukaniye.

"Ubwa kabiri, nta na kimwe cabaye, kandi murabizi".

Aya majambo yarakaje abategetsi ba RD Congo kandi ntibayihanganiye.

Aciye ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), umuvugizi wa reta y'iki gihugu, Patrick Muyaya, aranegura Perezida Kagame bikomeye, aho avuga ko ari umutegetsi arongoye igihugu ciwe mu gahotoro.

Yanditse ati: "Uno muntu yatowe kw'iterabwoba yavuze ubujambojambo bw'amayeri kugira ngo aryohere abamwumviriza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ni mu gihe mu gihugu ciwe abamwumviriza bose bazi ko amatora aba mu kanywababo, ko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe ata jambo bafise, ko ibimenyeshamakuru ata jambo bifise, ko itoteza ari amayeri y'imyiyamamazo yiwe.

"Vuga gusa ivyo gusahura, gufata ku nguvu n'ubwicanyi, ni vyo muzi gusa, nayo ivy'amatora vyovyo ni mubinume, cane cane ayo muri RDC".

Patrick Muyaya abona ko "ivyo bijambojambo'' ari ''ikimenyetso c'uko ivyo muriko murakora muri RD Congo biri hafi kurangira''.

Si bwo bwa mbere abategetsi b'ibi bihugu bibanyi baterana amajambo biturutse ku ntambara ibera mu buseruko bwa RD Congo, hagati y'igisirikare c'iki gihugu n'umuhari witwaje ibigwanisho wa M23.

Reta ya DR Congo, abahinga b'ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n'amakungu, harimwo Ubufaransa, Ubwongereza Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyagiriza reta y'Urwanda ko ari yo ifashe mu mugongo M23, mu kuyiha ibirwanisho n'ingabo.

Kimwe mu vyegeranyo vy'abahinga ba ONU kivuga ko Urwanda rwarungitse aho muri Congo ingabo zishobora kuba zishika 4.000 gufasha M23 kurwana.

Ku ruhande rwayo, reta y'Urwanda yagiriza RD Congo ko ihaye indaro ikongera kandi igakorana n'umuhari FDLR urwanya Urwanda kandi ugizwe n'abagirizwa ko bahunze igihugu bahejeje gukora jenoside yo mu 1994.

Muri iryo jambo, vyaboneka ko atari iryateguwe ryanditse, umukuru w'igihugu c'Urwanda yamaze umwanya munini abwira abaserukira ibihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu ko ibibazo vyo muri Congo bitazokwigera bitora inyishu igihe cose bazobandanya kwirengagiza ''umuzi w'igitera'' ivyo bibazo.

Ku kibazo c'uko hari ingabo z'Urwanda zoba ziri muri Congo, Perezida Kagame ntabihakana canke ngo avyemeze.

Ahubwo, kandi ntibwari ubwa mbere, yabajije abaserukira ibihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu ati: ''Imbere y'uko munibaza ico kibazo [c'uko hari ingabo Urwanda rufise muri Congo], mwosigura igituma FDLR iri muri Congo n'igituma ishigikiwe na reta ya Congo?''

Aho n'Uburundi ntiyabusize inyuma. Yavuze ko nabwo bwajanyweyo ''mu murongo w'ivyo vyiyumviro nyene [vya FDLR] ku vyitwazo vyo kurwanya M23 ufise isano n'ubwoko bw'Abatutsi gutyo rero ufise aho uhuriye na Kagame...''

Kagame yabwiye abatumire biwe ko ''ivyo vyose muvyirengagiza hanyuma mukaza kwidoga ku bishoboka ko Urwanda rwoba rufise ingabo mu buseruko bwa Congo''.

Ku bwa Perezida Kagame rero hari nkunzi mu kuvuga ku ngorane zirangwa mu buseruko bwa DR Congo, aho agabisha ko batamutegeka ingene ategerezwa kwitwara mu guhangana na zo.

Ati: "Sinshobora kwemera kwitwara uko mwebwe mushaka ko nitwara mu guhangana n'iki kibazo. Sinshobora, kuko ni ugupfa n'ugukira kuri jewe n'abanyagihugu banje".

'Kuba indongozi ukaba n'ikijuju ni akaga'

Amakungu abandanya atera akamo ko hoba ibiganiro vyo kurangiza intambara zirangwa mu buseruko bwa DR Congo.

Mw'ijambo ryo kwakira Perezida João Lourenço wa Angola mu rugendo arimwo mu Bufaransa, Perezida Emmanuel Macron yateye akamo ko hoba "ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru" hagati ya DR Congo n'Urwanda kugira intambara irangire.

Umukuru wa Angola, João Lourenço, n'umuhuza wa Congo n'Urwanda mu matati yavyo ashingiye ku ntambara mu buseruko bwa Congo.

Muri Kigarama (12) hari hategekanijwe kuba inama hagati y'abakuru b'ivyo bihugu, aho vyari vyitezwe ko bashira imikono ku masezerano y'amahoro. Inama yasivye ku munota wa nyuma kuko Urwanda rwabonye ko ataco ibiganiro vyoshikako reta ya Congo ivuze ko idashobora kuganira na M23.

Perezida Kagame yaravuze ayandi majambo akomeye. Atadomye urutoke ku wo yoba yashaka kuvuga, yagize ati ''ndazi kumenya indongozi iyo ndayiravye, ndazi kandi kumenya ikijuju (injiji) iyo ndakiravye''.

Arabandanya ati: ''Iyo uri indongozi ukongera ukaba ikijuju ni akaga''.

Nta birenga ngaho yongeyeko vyotuma kwibaza uwo yashaka kuvuga uwo ari riwe.

Mu gushikiriza iryo jambo, abicishije mu gutwenza, Kagame yabanje kugabisha abagira bamwuvirize ko hari aho ivyo yagira avuge bitari kubaryohera.

Yababwiye ko yari yasavye ko yovuga mu ba nyuma, abatumire bamaze kugira ico ''barya'' mu gihe ''bimwe mu vyo nza kuvuga vyoba bitajanye n'akayabagu kanyu''.

No mu gusozera ati ''ni co gituma nashatse ko duhera ku gufungura kugira mushobore kunyihanganira...Yamara n'ubundi sinzi ko mwari mwifuje ko biba dessert ariko nashaka kubashimira...''