N'iki catumye abakuru b'u Rwanda na RD Congo badahurira Luanda?

Insiguro y'amajwi, Icatumye abakuru b'u Rwanda ca Congo bari bitezwe Luanda badahurirayo coba ari iki?

Inama yari yitezwe ku munsi w'Imana i Luanda muri Angola hagati ya Perezida w'u Rwanda Paul Kagame na Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ku buhuza bwa Perezida w'Angola João Lourenço ntiyabaye.

Ibiro vya Perezida Tshisekedi vyagirije "intumwa z'u Rwanda kwanka kwitabira iyo nama yari yitezwe kurangiza intambara mu burasirazuba bwa RDC hagati y'ingabo za leta n'umutwe uyirwanya wa M23.

Leta y'u Rwanda yavuze ko iyo nama "yigijwe inyuma" kuko ku wa gatandatu mu nama y'abashikiranjangi b'ububanyi n'amahanga yabereye i Luanda nyene, u Rwanda na DRC vyananiwe kwumvikana ku kwemera "ibiganiro bitaziguye n'umutwe w'inyeshamba za M23.

Umushikirajganji w'ububanyi n'amahanga w'u Rwanda, Olivier Nduhungurehe, yasobanuriye BBC Gahuzamiryango icatumye impande zompi zitumvikana kugirango hasinywe amasezerano y'amahoro hagati y'Urwanda na DRC.