RD Congo: MONUSCO yahawe na ONU ikindi kiringo c'umwaka, mu gihe Urwanda rutungwa agatoki

Igihe abasirikare ba MONUSCO bariko bahabwa imidari

Ahavuye isanamu, MONUSCO

Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi yaraye yongereje ikiringo c'ingabo za ONU zarungitswe kugarukana amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, gushika ku wa 20 Kigarama (12) 2025.

Itangazo ryasohowe inyuma y'ikoraniro ry'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi rivuga ko MONUSCO yemerewe gukoresha "uburyo bwose ifise … kugira ngo ibuze vuba na vuba kandi uko bitegerezwa ibitero vy'imirwi yitwaje ibirwanisho ku basivire".

Itadomye urutoke ku gihugu, inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ivuga ko "itewe impungenge nyinshi n'ibitero vya M23 muri Kivu ya Ruguru, ihonyanze amasezerano yo guhagarika intambara, hamwe n'ukubona hari ingabo mvamahanga ziva mu gihugu kibanyi mu buseruko bw'iki gihugu".

Iki cemezo, nk'uko biri muri iri tangazo, kivuga ko izi ngabo za MONUSCO zizoba zigizwe n'abasirikare 11.500, intwazangabo n'indorerezi za gisirikare 600, abapolisi bose hamwe bangana 1.713.

MONUSCO (Mission de l'Organisation des Nations Unies pour la Stabilisation en République Démocratique du Congo) yatanguye ku wa 1 Mukakaro (7) 2010, isubiriye MONUC (Mission de l'Organisation des Nations Unies en République Démocratique du Congo).

Yahawe inshingano zo gukoresha uburyo bwose bukenewe kugira ngo irangure igikorwa cayo, harimwo gukingira abasivire, abajejwe ubutabazi no gukingira uburenganzira bwa muntu, hamwe no gushigikira reta ya RD Congo mu twigoro twayo two kugarukana no gutsimbataza amahoro.

Reta ya DR Congo isanzwe itabona ryiza cane ibikorwa vya MONUSCO mbere mu mpera z'umwaka uheze, mw'ijambo ryiwe yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye, Perezida Felix Tshisekedi yavuze ko ingabo za MONUSCO zategerezwa kugenda.

Inyuma yo kwemeza iyi ngingo, bamwe n'abandi mu baserukira ibihugu vyabo mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, bahawe ijambo kugira ngo bagire ico bashikiriza. Berekanye ko batewe impungenge n'ukungene intambara zasubiye kuba ndanse mu buseruko bwa DR Congo, bamwe muri bo bakaba basubiye kwagiriza beruye Urwanda.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwuserukira Sierra Leone, umwe mu bateguye urwandiko rw'iki cemezo agira ati: "Icemezo c'uno musi gishobora kuba igihe kizohindura cane ibintu muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo mu nzira yo gutorera umuti iyi ntambara mu mahoro."

Hagati aho, atewe impungenge nyinshi no kubona M23 ibandanya yiyagurira uturere, agasaba ko ihagarika vuba bwango ibitero vyayo no kwiyagurira uburere mu buseruko bw'igihugu.

Ku ruhande rwiwe, intumwa y'Ubushinwa, ivuga ko inzira y'amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo iri mu gihe gikomeye, aho yashimiye utwigoro twa Angola mu nzira y'amahoro ya Luanda. Yavuze kandi ko ashigikiye Kinshasa mu kubungabunga ubusugire n'ubwigenge bw'igihugu, kandi ko ONU ikwiye kwubahiriza bimwe bishitse ivyiyumviro n'ivyipfuzo vya reta.

Hagati aho, intumwa y'Ubwongereza ivuga ko ibabajwe no kubona ya nama y'abakuru b'ibihugu vy'Urwanda na DR Congo yategerezwa kubera i Luanda muri Angola yarungurujwe, akavuga ko afise impungenge ku kwiyongera kw'indyane kuva ku wa 15 Kigarama (12), "harimwo kuba hari ingabo z'igisirikare c'Urwanda muri DR Congo".

Ku ruhande rwiwe, uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw'ijambo ryiwe, yababajwe n'uko bamwe mu bagize Inama iki cemezo kitadomye urutoke ku ruhara rw'Urwanda mu bibera mu buseruko bwa DR Congo.

Ati: "Mu mwaka uheze, umurwi w'abahinga ba ONU warerekanye neza ko Urwanda rwarungitse ingabo ziri hagati y'ibihumbi bitatu gushika kuri bine ku butaka bwa RDC n'uruhara rwarwo mu bitero vya M23 ariko ugasanga hari bamwe bakoresha amajambo y'ugushishitira aho kudoma urutoke ku Rwanda".

Avuga ko kugira ngo ubu butumwa bushobore kurangura neza ivyo bujejwe muri RD Congo ari ngombwa ko bumenya ingene ibintu bimeze ku rubuga.

Ati: "Mu gukikiriza kuri ibi bibazo no kunanirwa kuvuga ababitera, turiko dukorera nabi abajejwe ubutabazi bari mu kaga gatewe n'irungikwa ry'ibirwanisho bikomeye, ukwinjirira ubuhinga bwa GPS be no gufasha M23 bikorwa n'Urwanda".

"…Turatewe umutima uhagaze cane n'amakuru yo muri ino ndwi avuga intambwe zatewe na M23 yigaruriye ubutaka bushasha, ishigikiwe n'ibirwanisho vya RDF, n'ingabo za RDF zasubiye kurungikwa, iri rikaba ari ihonyangwa ry'amasezerano yo guhagarika intambara".

BBC Gahuzamiryango yarondeye reta y'Urwanda iyisaba kugira ico ivuze, ariko gushika ubu nta nyishu iraronka.

Hagati aho, Urwanda ruramenyereye kwagirizwa ko rufasha umuhari w'inyeshamba za M23, ivyo uno muhari na reta y'iki gihugu babandanya guhakana. Ahubwo, reta y'Urwanda yagiriza reta ya RD Congo gufasha inyeshamba z'umuhari FDLR zirwanya reta ya Paul Kagame.