'MONUSCO itegerezwa kuva muri Congo' - Prezida Tshisekedi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, Felix Tshisekedi, aranebagura ingabo za Onu zimaze imyaka irenga 20 muri ico gihugu, "ariko zikaba zarananiwe kugarukana amahoro mu buseruko bw'ico gihugu".
Mw'ijambo yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye, prezida Felix Tshisekedi yagarutse ku mutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo, cane cane muri Kivu ya ruguru, aho ingabo z’ico gihugu zihanganye n’iza M23.
Yavuze ko ingabo za Onu n’iz'akarere k’ubuseruko bwa Afrika zokwitegurira gutahuka.
Tshisekedi yagize ati: "Harageze ko igihugu cacu gifata kazoza kaco mu minwe kugira cicungirire umutekano co nyene."
Prezida wa Congo avuga ko abandanya kurondera ko ingabo za SADC ari zo zoza gusubira mu kibanza MONUSCO ivuyemwo.
Mu rugamba rwo kugwanya abatera umutekano muke mu buseruko bwa Congo, yavuze ko hari intambwe bamaze gushikako, ngo kuko bamaze kumenya abansi bo hagati mu gihugu n’inyuma yaco.
Ngo baramaze kandi gufata ingingo yo gukumira abasuma b’amabuye y’agaciro muri ico gihugu, avuga ko ari yo ntandaro y’izo ntambara.
Prezida wa Congo agira ati: "Intandaro y'izo ntambara mu gihugu cacu ni amabuye y'agaciro.
"Kubera ingingo tumaze gufata mu turere turangwamwo intambara, nk'amategeko y'ibihe vy'intambara muri Ituri na Kivu ya Ruguru, hari icahindutse.
"Twaratahuye abansi bo hagati mu gihugu no hanze yaco bakokeza intambara, turanakumira abasuma b'amabuye y'agaciro."
Tshisekedi arishimira ko igihugu ciwe kimaze kwongerereza inguvu igisirikare, kandi ko kimaze no gushira umukono ku masezerano n’ibindi bihugu vyemeye kuza biraha inyigisho igisirikare ca Congo.
Mu gihe amatora muri ico gihugu ategekanijwe mu mpera z’ukwezi kuza, prezida Tshisekedi aranebagura imidurumbanyo ifatiye ku moko iherutse kwaduka mu ntara ya Haut Lomani aho bamwe mu banyagihugu bishwe.
Iryo jambo arishikirije mu gihe havugwa irengwa ku masezerano yo guhagarika intambara hagati y'igisirikare ca Congo n'abagishigikiye hamwe na M23.
Congo yagumye yagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo umuhari wa M23, ariko ico gihugu na co cagumye kibihakana.
M23 iherutse gusohora itangazo aho yagiriza ingabo z'Uburundi ko zifasha ingabo za Congo mu ntambara irimwo n'uwo muhari, mbere ko hari n'abasirikare b'ico gihugu bamaze gufatirwa ku rugamba bambaye impuzu z'ingabo za Congo.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burundi nta co buravuga kuri ivyo bwagirizwa, ariko mw'itangazo ryabwo buvuga ko M23 babatangiriye bagiye kugemurira abasirikare b'Uburundi bari ku birindiro vya Kitchanga na Mweso.
Iryo tangazo rikongerako riti "ntituzobandanya kwihanganira iyo nyifato."










