'Urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi ntirushobora kuguma rwihanganira ingendo ya M23' - Col Floribert Biyereke

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare c'Uburundi kivuga ko kitagiye kwihanganira umuhari wa M23 ukibuza kugemurira abasoda baco bari ku birindiro vya Kitchanga na Mweso.
M23 igwaniriza reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo mu buseruko bw'ico gihugu.
Uburundi n'ibindi bihugu vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko bikaba vyarungitse ingabo muri Congo, kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara.
Mw'itangazo ry'igisirikare c'Uburundi ryashizweko umukono n'umuvugizi waco Col Floribert Biyereke, kivuga ko intambara yasubiye gusutama.
Rigira riti:"Haraciye imisi umugwi wa M23 n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho isubiye gutana mu mitwe mu turere tutari duke twa Kivu ya ruguru, muri Republika ya Demokrasi ya Congo."
Ribandanya rivuga ko iyo ntambara isesereza ubuzima bw'abanyagihugu, ikabuza n'ingabo za Afrika y'ubuseruko gukora ibikorwa vyazo.
Riradoma urutoke kuri M23 ko incuro zibiri zose, yankiye abasirikare b'Uburundi kurengana.
Riti:"Kw'igenekerezo rya 21 Gitugutu (10) 2023, imodoka z'abasirikare b'Uburundi bari mu ngabo z'akarere k'ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko, zari zitwaye ibifungurwa ku birindiro vya Kitchanga na Mweso, zarankiwe kurengana n'umugwi wa M23.
"Ivyo nyene vyarasubiriye kuba kw'igenekerezo rya 30 Gitugutu(10) 2023, igihe imodoka zari zijanye ibifungurwa zariko zija kuri ivyo birindiro nyene."
Ibiro bikuru vy'ingabo z'akarere k'ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko ngo vyarasabwe gutorera umuti izo ngorane, ariko ngo ntivyashoboye kwumvisha umugwi M23 ngo wugurure iryo barabara.
Kubera izo mvo, urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi rumenyesha ko rudashobora kuguma "rwihanganira ingendo nk'iyo."
Abasirikare b'Uburundi bari mu ngabo z'akarere k'ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko "bategerezwa gufata ingingo zibereye".
Izo ngingo ariko ntibazidomako urutke.
M23 yagiriza Uburundi gufashanya na FARDC mu kubagwanya
Mw’itangazo ryo kuri uyu wa mbere, umuhari wa M23 waragirije abasirikare b’Uburundi ko bakorana n’igisirikare ca Congo hamwe n’iyindi mihari yitwaje ibigwanisho, bagakoresha ibibanza uwo muhari wavuyemwo mu gutera abasivile ata co bazira.
M23 igira iti:"Urunani rwa reta ya Kinshasa, FARDC, FDLR. MERCENAIRES. MILICES hamwe n'abasirikare FORCES DE DÉFENSE NATIONALE DU BURUNDI (FDN) bakoresha ibibanza twasubije ingabo z'akarere k'ubuseruko bwa Afrika mu kugira ibitero ku basivile."
M23 ibandanya ivuga ko itewe umutima uhagaze no kubona igihugu c’Uburundi kija mu bikorwa vyo kurenga ku masezerano yo guhagarika intambara kandi ari co kirongoye ishirahamwe ry’Ubuseruko bwa Africa, kikaba kinari mu bigize ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini.
Uwo muhari uherutse kwerekana muri vídeo umusirikare uvuga ko ari umurundi yafatiwe ku rugamba yambaye impuzu z’igisirikare ca Congo.
Mw'itangazo ry'ingabo z'Uburundi, nta ho ryigera rivuga ko boba baratanye mu mitwe n'abagwanyi ba M23.
Twagerageje kurondera umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Col Floribert Biyereke kugira agire ico avuze kuri ibi M23 ibagiriza, ariko atwishura biciye ku muhora wa WhatsApp ko itangazo igisirikare c’Uburundi casosohoye ryikwiye.
Congo yagumye yagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo umuhari wa M23, ariko rwagumye rubihakana.
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Reta zunze Ubumwe za Amerika aherutse guhamagara prezida Paul Kagame w'Urwanda na Felix Tshisekedi wa Congo abasaba gukura ingabo zabo ku rubibe bahana.










