Inkuru zaranze 2025: Ku mwanya wa 3... 'U Rwanda rushimye gutera Bujumbura ruciye muri Congo natwe Kigali si kure duciye mu Kirundo' Ndayishimiye
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuza
Dushitse ku mwanya wa 3, mu nkuru mwasomye cane muri 2025 kuri uru rubuga rwacu. Iyi nkuru yari ku kiganiro cihariye Prezida Ndayishimiye yagiranye na BBC Gahuzamuryango...
Uburundi buragabisha ko buzivuna bwivuye inyuma ku bitero ivyo ari vyo vyose vyoza biturutse mu gihugu c'Urwanda.
Mu kiganiro yahaye BBC, Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko Urwanda, gutegura gutera Uburundi ruciye muri Congo, ari ukwihenda.
"Turazi ko Urwanda ruriko ruragerageza kudutera ruciye ku butaka bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, rubicishije ku muhari Red- Tabara. Ariko twebwe tubabwira ko ni baba bashaka gutera Bujumbura baciye muri Congo natwe Kigali si kure duciye mu Kirundo," uko ni ko prezida Evariste Ndayishimiye avuga.
Umuvugizi wa reta y'Urwanda Yolande Makolo avuga ko atangazwa n'iyo mvugo ya Perezida Evariste Ndayishimiye.
Agira ati: "Ivyo bivugwa biratangaje kuko mu vy'ukuri inzego zo kwivuna abansi n'umutekano zo mu Rwanda no mu Burundi zari ziriko zirahura kugira ngo ziganire ku buryo twokingira imbibe zacu dusangiye bivanye n'ibintu biriko biraba mu buseruko bwa Congo".
Perezida Ndayishimiye, aterekanye ibihamya, asigura ko afise amakuru yo kwizera avuga ko igihugu c'Urwanda gifise umugambi wo gutera Uburundi.
Avuga ko mu gihe ivyo vyoba, iyo ntambara ishobora gukwega akarambaraye kuko ishobora gukwira mu karere kose.
Agira ati: "Igihugu c'Urwanda nta mahoro cumva kitariko kirasotorana. Kiramaze gushwana na Uganda, na Tanzania...ubu kiri mu ntambara muri Congo ari na ko gitegura kudutera".
Yongerako ati: "Abarundi ntidushobora kwemera gupfa kurya Abanyecongo bicwa. Twebwe tuzopfa turiko turagwana kuko abarundi ni abagwanyi".
Perezida Ndayishimiye avuga ko amaze gutuma intumwa zitandukanye kwa Prezida Paul Kagame w'Urwanda amusaba gushira mu ngiro ivyo bumvikanye vyotuma ivyo bihugu uko ari bibiri bisubira kubana neza ariko ko akirindiriye inyishu.
Ati: "Kuva mu 2020 twaragiranye ibiganiro vy'igihe kirekire n'Urwanda turatinda turashika ku masezerano y'ibikwiye gukorwa. Ariko hageze ko Urwanda ruyashira mu ngiro, nta vyo rwakoze".
Ku rubuga rwiwe rwa X yahoze ari Twitter, umushikiranganji w'ububanyi n'amahanga w'Urwanda, yanditse ko amajambo ya Perezida Evariste Ndayishimiye adahuye n'ibikorwa bimaze igihe biba.
Olivier Nduhungirehe, avuga ko abategetsi mu nzego za gisirikare n'iperereza bo mu bihugu vyombi bari mu biganiro kandi bumvikanye guhagarika ubushamirane no guterana amajambo. Ibi avuga ko yanabiganiriye na mugenzi we w'Uburundi mu nama yabereye i Harare muri Zimbabwe kuwa 17 z'ukukwezi kwa Ntwarante (3).

Ahavuye isanamu, AFP
'Red Tabara ifashwe mu mugongo n'Urwanda'
Uburundi bwagiriza Urwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi muri ico gihugu mu mwaka wa 2015.
Abategetsi b'Uburundi baguma basaba ko abagirizwa ico caha batahukanwa mu Burundi bagashikirizwa ubutungane.
Uburundi kandi bwagiriza ubutegetsi bwa Perezida Kagame gufasha umuhari witwaje ibigwanisho ugwanya reta y'Uburundi, Red Tabara, umaze gukora ibitero bitari bike uje uturuka mu buseruko bwa Congo.
Urwanda rwagiye ruhakana ibi vyagirije vyo gufata mu mugongo umuhari wa RED-Tabara.
Perezida Ndayishimiye ati: "Turazi ko bashaka gukoresha Red Tabara mu gutera Uburundi nka kurya bariko barabikora muri Congo bakoresheje M23. Abarundi turiteguye".
Ibitero biheruka vy'umuhari Red Tabara mu Burundi mu mpera z'umwaka uheze, ni vyo vyatumye ico gihugu gifata ingingo yo gupfunga imbibe zose gihana n'Urwanda.
Perezida Evariste Ndayishimiye kandi ararahira akarengwa ko adashobora kwicarana ku meza y'ibiganiro n'umuhari wa Red Tabara.
Agira ati: "Ikibanza ca Red Tabara kiri imbere y'ubutungane. Ntidushobora kuganira n'abicanyi".

Ahavuye isanamu, SOCIAL MEDIAS
Gukokeza ubwicanyi bushingiye ku moko no gukorana na FDLR
Mu misi iheze, Gen James kabarebe ajejwe imigenderanire y'Urwanda n'akarere, yavuze ko umukuru w'igihugu c'Uburundi yagirishije inama amwe mu moko y'Abanyekongo, abahamagarira kwica abo mu bwoko bw'Abanyamulenge.
Ibi Perezida Ndayishimiye avyamirira kure.
Agira ati: "Umushikiranganji Kabarebe umuntu turazinanye, azi n'ingene meze jewe. Ariko kuza kunyambika ibara kurya, ankurako agashambara birababaje.
"Urya ni umukenyuro. Ni ko bakora. Barabanza bakakwambika iceyi bakakwerekana mu maso y'abantu ko uri igikoko [Deshumanisation] kugira nibagutera abantu bazobifate nk'ibisanzwe".
Jenerali James Kabarebe ari mu bategetsi b'Urwanda bafatiwe ibihano na Reta Zunze Ubumwe za Amerika imwagiriza kugira uruhara mu ntambara ziriko zirabera mu buseruko bwa Congo.
ONU, reta ya Congo n'ibihugu bimwe vy'Uburengero bw'isi bagiriza Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23. Mu bihe vya vuba Urwanda ntirwabihakanye rweruye canke ngo ruvyemere.
Perezida Ndayishimiye ararahira akarengwa kandi ko reta yiwe itarigera ikorana na FDLR canke ngo ishigikire uwo mugwi.
Agira ati: "Barakwegerako. Ni bimwe bavuga ngo umwansi w'umwansi wawe aca aba umugenzi. Ariko nta ho bifatiye.
"Twebwe tumaze gushikiriza Urwanda inkozi z'ikibi nyinshi zo muri ico gihugu. N'ubu imbibe zugaye batubwiye ko hari inkozi y'ikibi yahungiye iwacu, duca tuyibaha.
"Prezida Kagame yarampamagaye ambarira ko muri Congo tutariko turabafasha gutuza abagwanyi ba FDLR. Namusavye ko abasirikare biwe bavugana n'abanje bakababwira aho babonye aba FDLR hanyuma tubatere, ariko gushika ubu tuvugana nta ho batubariye".
Prezida ndayishimiye avuga ko ikibazo ca FDLR ari ingorabahizi.
Agira ati: "Umusi umwe, turi mu nama prezida Felix Tshisekedi yabajije prezida Kagame ingene mu bikorwa vyo kugwanya umuhari wa FDLR baguma bafata abagwanyi bigeze gushikiriza reta y'Urwanda, ariko nta nyishu twaronse".
'Kuba M23 ibandanya kwigarurira utundi turere, ntivyobazwa twebwe'
Uburundi buremera ku mugaragaro ko bufise ingabo muri Republika ya Demokrasi ya Congo, n'aho butavuga igitigiri.
Perezida Ndayishimiye avuga ko igihe yari arongoye inama y'abakuru b'ibihugu vy'akarere k'ubuseruko bwa Afrika, EAC, ari ho hafashwe ingingo yo kurungika abasirikare b'ako karere gufasha.
Ariko ngo nta co zashitseko kuko bimwe mu bihugu vyari vyarungitse izo ngabo bitakurikije ivyo bari bumvikanye.
Agira ati: "Twari twumvikanye ko haba ihagarikwa ry'intambara kandi ko hagize umugwi uvyura umutwe duca tuwutera.
"Uburundi aho bwari buherereye mu ntara ya Kivu y'Epfo twarabikoze. Ariko M23 isubiriye kugwana, abari bari muri Kivu ya Ruguru nta co bakoze. Ni uko vyagenze. "
Avuga ko inyuma yo kuvanayo ingabo za EAC, Uburundi bwagiraniye amasezerano na Congo yo gufashanya mu vy'umutekano, ari co gituma n'ubu ari yo bakiri.
Ariko ivyo ntivyabujije ko umuhari wa M23 ubandanya kwigarurira ibindi bice vyo mu buseruko bwa Congo.
Ikosa Perezida Ndayishimiye arita ku bategetsi ba Congo.
Agira ati: "Ni vyo ni yo turi ku masezerano yo gufashanya mu vy'umutekano. Ariko twagiye gufasha. Igikorwa nyamukuru n'ico igisirikare ca Congo.
"Twajanyeyo abasirikare bake bo gufasha kuko abandi turabakeneye ko baguma bacunze umutekano w'igihugu, abandi bari mu bundi butumwa butandukanye.
"Rero kuba M23 ibandanya kwigarurira utundi turere, ntivyobazwa twebwe".

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Uburundi burashigikiye ibiganiro hagati ya reta ya Congo n'imihari yitwaje ibigwanisho
Kugira intambara irangwa mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo irangire, Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko yasavye mugenziwe wa Congo gutanguza ibiganiro vy'amaso ku yandi n'abafise uruhara bose muri iyo ntambara kugira haboneke umuti urama.
Uno mukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko inzira yonyene yotuma iyo ntambara irangira ari ibiganiro bitaziguye vyohuza impande zose.
Yongeyeko ko Uburundi bushigikiye ibiganiro birongowe n'ishirahamwe ryo mu buseruko bwa Afrika EAC n'iryo mu bumanuko bwa Afrika SADC.
Mu mpera z'indwi iheze, umuhari M23 warasivye mu biganiro vy'imbona nk'ubone vyaterezwa kubahuza na reta ya Congo.
Perezida Ndayishimiye agira ati: "Ni iyihe nyungu dufise yo kureka abantu bakamarana, hanyuma inganda zimaze gutikira akaba ari ho tuja ku meza y'ibiganiro. Aka ni akamaramaza. Ibigabiro bikwiye gutangura imbere, intambara ikaba intambwe ya nyuma".
Abandanya avuga ko intambara yo muri Congo ishobora gutorerwa inyishu irama mu gihe ubutunzi kama bw'ico gihugu bwosanganywa hagati y'abanye Congo bose
Agira ati: "Kizoguma ari ikibazo gikomeye igihe abantu bake ari bo boguma bikwegerako itunga ryose ry'igihugu mu gihe abanyagihugu bari mu bukene. Ibi ni vyo bituma abantu batangura kugumuka, intambara zikaduka".
Umusi umwe inyuma yo kwigarurira igisagara ca Walikare, umuhari M23 warasohoye itangazo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante(3) 2025 ko ukuye ingabo zawo muri ico gisagara.
Bukeye, reta ya Congo na yo yamenyesheje ko ihagaritse ibitero vyose ku ngabo z'umwansi, kandi ko inategetse abagwanyi ba Wazalendo na bo kuvyubahiriza mu ntumbero yo guha akaryo keza inzira y'ibiganiro.
Si ubwa mbere hatangazwe agahengwe hagati y'impande zishamiranye mu buseruko bwa Congo, ariko bakakarengako.
Ubu ako gahengwe koba kagiye kwubahirizwa vy'ukuri?














