Red Tabara yongeye gutera, Uburundi bwongera kwiyama Urwanda

Ahavuye isanamu, SOCIAL MEDIA
Umugwi Red-Tabara witwaje ibigwanisho uvuga ko waraye ugavye igitero i Buringa muri komine Gihanga yo mu ntara ya Bubanza mu burengero bw'Uburundi.
Ibitigiri vy’abaguye n’abakomerekeye muri ico gitero biratandukanye bivanye n’uruhande rwabivuze.
Mw’itangazo, reta y’Uburundi ivuga ko muri ico gitero hishwe abantu icenda (9) barimwo abagore batandatu (6) n’umusikirikare umwe, hakomereka abandi batanu (5) barimwo abagore batatu(3).
Red-Tabara - yemanga ico gitero – ivuga ko yagavye ibitero bibiri ku birindo bibiri vy'abasirikare kimwe kiri ku ruzi Mpanda n’ahandi bita ''chez Ndombolo'' hapfa abasirikare batandatu (6) habomorwa n’ingoro y’umugambwe CNDD-FDD, nk’uko uwo muhari wavyanditse kuri X (yahoze ari Twitter).
Uyu muhari kandi wanashizeko amafoto y’imyambaro ya gisirikare n’ibigwanisho uvuga ko wahafatiye.
Iyo ngoro ya CNDD-FDD iravugwa no mw’intangazo rya reta. Rivuga kandi ko haturiwe imodoka zibiri n’ipikipiki, imodoka imwe ikaba yari irimwo ikiziga c’umuntu yari ajanywe mu buruhukiro, ku bw’iryo tangazo.
Reta ivuga ko igitero cagabwe ku muryango wari mu kigandaro.
Red-Tabara yaheruka kugaba igitero mu kwezi kwa Kigarama (12) mu 2023 aho reta yavuze ko yishe abantu 20 ariko Red-Tabara yo ikemanga abasirikare umunani n’umuporisi umwe.
Mw'itangazo inyuma y'ico gitero caraye kibaye, Reta y’Uburundi yongeye kwiyamiriza inyifato y’Urwanda ''ibeshejeho, yigisha, iha ibigwanisho umugwi w’iterabwoba Red-Tabara udahengeshanya guhekura Uburundi mu bitero bitumberezwa ku banyagihugu ataco bazira.''
Reta y’Uburundi isaba ''umutwe'' [abakuru] w’uwo mugwi uhawe indaro n’Urwanda'' kurungikirwa ubucamanza bw’Uburundi.
Red Tabara yo irahakana ko ata bufasha ihabwa n’Urwanda.
''Turi mu Burundi, no muri Congo baraje kuturonderayo tumaze igihe tugwanirayo, rero nta bufasha na bumwe dufise bw’Urwanda,'' bivugwa na Patrick Nahimana, umuvugizi w’umuhari Red Tabara, mw'ijwi yarungikiye BBC Gahuzamiryango.
Avuga kandi ko batagaba ibitero ku banyaguhugu basanzwe.
Ikibazo ca Red Tabara kirateye umubano mubi hagati y'Urwanda n'Uburundi.
Mu kwezi kwa mbere uyu mwaka reta yarafashe ingingo yo kwugara imipaka ihana n'Urwanda irwagiriza gufasha uwo mugwi.
Reta y'Urwanda ihakana ivyo yagirizwa n'Uburundi ko ataho ihuriye na Red-Tabara.














