Uburundi bwugaye imbibe buhana n'Urwanda

Mu nama n'abarongoye abandi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi, Martin Niteretse yanyesheje ko Uburundi bwugaye imbibe zose buhana n'Urwanda.
Muri iyo nama yariko irabera mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw'igihugu, uwo mushikiranganji yavuze " uyu musi twugaye imipaka kandi uwuza kugenda ntarengana, ingingo yafashwe.
"Ndabibabwiye muvyumve ntihagire uwuvuga ngo nciye Nemba-Gasenyi canke Kanyaru ngo ngiye mu Rwanda, 'Jamais'!
"N'abo iwabo nta bo dukeneye, n'abari bari ngaha ku gataka twabirukanye na bo nyene."
Reta y'Urwanda yatangaje ko yamenyeye mu binyamakuru “ingingo bwite” ya reta y’Uburundi yo gusubira gupfunga imipaka yabwo n’Urwanda.
Itangazo rya reta y’Urwanda rivuga ko iyi ngingo “ibabaje” izobuza uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu, kandi iteye kubiri n'amategeko yo gufashanya y’akarere no guhurira mw'ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.
Umushikiranganji Niteretse kandi yavuze ko Uburundi bwahagaritse imigenderanire na prezida w'Urwanda Paul Kagame amwagiriza 'kuba umubanyi mubi'.
Yagize ati:"Kubera twasanze dufise umubanyi mubi, Paul Kagame, prezida w'Urwanda, twarahagaritse imigenderanire na we gushika abanze yihanure.
"Kuko afise, novuga imigambi idatomoye. Ni we abika inkozi z'ikibi zononera Uburundi. Nka zose zica iwe."
Agahengwe mu migenderanire y'Uburundi n'Urwanda
Kuva habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015 Uburundi bwari bwaciye bwugara imbibe zose zihana n'Urwanda, bukaba bwari basubiye kuzugurura mu kwezi kwa cumi mu 2022, inyuma y'imyaka indwi.
Ico gihe, Uburundi bwari bwagirije ico gihugu gufata mu mugongo abashatse gukura ku nguvu ku butegetsi umuhisi prezida Pierre Nkurunziza.
Mu misi iheze harabaye icizere ko imigenderanire ishobora gusubira kunaguka inyuma y'ingendo z'abategetsi batandukanye b'ivyo bihugu bibiri.
Mu kwezi kwa kabiri mu 2023, prezida Paul Kagame yaritavye inama y'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ry'ubuseruko bwa Afrika (EAC) ku kibazo ca Republika ya Demokrasi ya Congo.
Abatambukanyi b'abakuru b'ivyo bihugu bibiri [Ndayishimiye na Kagame] baragenderaniye baranahana n'utuganuke.
Urwanda rwagirizwa guha indaro abagwanyi ba RED-TABARA
Mu kiganiro Prezida w'uburundi Evariste Ndayishimiye aherutse gutanga ku banyagihugu bose yavuze “Nta numwe atabizi ko hampande yo gutikiza inganda mu 2015 ufashijwe n’icyo gihugu nyene, uwo murwi (RED-Tabara) waciye uhungira mu Rwanda uraharonkera inyigisho z’iterabwoba n’ubwicanyi.
"Ahacu ntaco tutari twakoze kugira ngo turabe ko urwo ruhagarara hagati y’u Rwanda n’Uburundi rwohera mbere n’amakungu ni ivyabona kuko yaradukeje igihe twebwe nyene twafata ingingo yo kwugurura urubibe hagati y’ibihugu vyompi kugira ngo abenegihugu b’impande zose bashobore gusubira kugenderanira.
“Turibuka akanyamuneza Abanyarwanda bagize basubiye kubona ikiyaga Tanganyika, basubiye kubona umukeke n’indagara none utwo twigoro twose igihugu c’u Rwanda rwemeye kubisubiza ibubisi.
“Ico twiyemeje n'uko tugiye gufata ingingo zose kugira ngo abana b’u Burundi ntibasubire kugandagurwa n’ivyo birara.
“Dusavye Abarundi bose guhagarara magabo kuko umutwe w’iterabwoba urasasiwe vy’ukuri mu gihugu kibanyi c’u Rwanda.”
Ndayishimiye yongeraho ati: "Turasubiye gutera akamo abategetsi b’igihugu c’u Rwanda bikubite agashi bigenze runtu baboneko inzu y’umubanyi ihiye na rwawe iba igeramiwe. Abanyarwanda n’Abarundi barabana ay’ingwe ntaco bizotezako imbere ubwo butegetsi.
"Tugiye kandi gutaka amakungu n’abantu b’umutima ukunda amahoro kugira barabe ko bogondoza ubwo butegetsi butagira ubuntu kugira barekure abakuru b’abo bicanyi baze mu Burundi hanyuma intahe ibakubite mu gahanga.
"Nibata agati naho, bamenye ko bariko barakwega akarambaraye kuko bariko barema urwanko hagati y’abenegihugu b’ivyo bihugu ata ruhara babifisemwo."
Ku mbuga hwaniro abantu batandukanye bavuze ko Ndayishimiye yoba yariko arerekana ko ubutegetsi bwiwe bushobora kwongera gupfunga imbibe z’igihugu bahana n'Urwanda nk'uko vyabaye mu 2022.
Igitero cakozwe muri zone Gatumba iri muri komine Mutimbuzi itariki 22 z'ukwezi kwa Kigarama (12) gihitana abantu 20, cemanzwe n'umuhari RED-TABARA.
Ntibiramenyekana nimba imbibe zugawe ari izo ku butaka gusa.










