Burundi Vs Rwanda: ‘Nta kuri na guto’ kuri mu vyo Ndayishimiye yagiriza Urwanda – umuvugizi wa reta ya Kigali

Reta y’Urwanda irahakana amajambo yashikirijwe na Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi aho yaraye yagirije Urwanda ko rufasha inyeshamba z’Abarundi zifise ibirindiro mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mw’itangazo ryaraye risohowe n’ibiro vy’umuvugizi wa reta, Urwanda ruvuga ko ata sano rufitaniye “mu buryo ubwo ari bwo bwose, n'umurwi uwo ari wo wose w’Uburundi witwaje ibirwanisho”.
Mu kiganiro c’ejo ku wa gatanu n’abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamakuru, Perezida Ndayishimiye yasubiye kwagiriza Urwanda ko ari rwo rwigisha ivya gisirikare n'ukwica umuhari Red Tabara ugwanya reta y'Uburundi ushingiye mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo.
Uwo muhari ku ndwi iheze warateye mu Gatumba mu burengero bwa Bujumbura hicwa abantu 20. Reta y'Uburundi ivuga ko mu bishwe harimwo abana b'inzoya n'umugore yari yibungenze. Uwo muhari wo uvuga ko wishe abasirikare icenda n'umuporisi umwe.
Perezida Ndayishimiye avuga ko bazi ko umutwe w'uwo muhari uri mu Rwanda.
''Iyo migwi ihabwa indaro, ihabwa ivyo kurya, ihabwa amabiro bakoreramwo, ihabwa amahera n'igihugu bicayemwo, aho mu Rwanda,'' niko perezida Ndayishimiye yavuze muri ico kiganiro yatanze ari mu ntara ya Cankuzo - mu buseruko bw'Uburundi - aho be n'umuryango wiwe bari bamaze iminsi ine baremesha amasengesho yo kurangiza umwaka.
Mw’iri tangazo ryiyamiriza ibi birego, reta y’Urwanda yibutsa ko mu rwego rw’ugukomeza ubucuti, reta y’Urwanda yigeze no gushikiriza abarwanyi b’Abarundi bari binjiye mu Rwanda mu buryo butemewe n’amategeko.
Rivuga riti: “ Reta y’Urwanda isaba reta y’Uburundi gutorera umuti ibibazo vyayo ibicishije mu rwego rw’imigenderanire aho bishobora gutorerwa umuti mu mwumvikano”.
Twarananiwe
Muri kahise yari yavuze ko imigwi yitwaje ibigwanisho isavye ibiganiro reta yiwe itokwanka.
Red Tabara ivuga ko hakenewe ibiganiro vy'ingene mu Burundi hogaruka intwaro ishingiye ku matora atarangwa n'ubusuma.
Ariko muri ico kiganiro, Prezida Ndayishimiye yavuze ko ataco abona umugwi wica 'inzoya n'abagore bafise inda'' wosaba.
Yabandanije avuga ko bamaze imyaka ibiri basaba Urwanda gutanga abo bantu ngo bashirwe imbere y'ubutungane.
Muri ico kiganiro cariko kirakurikirwa ikibirihaho ku maradiyo n'imboneshakure vyo mu Burundi, Prezida Ndayishimiye yagize ati: ''Gushika ubu novuga nti twarananiwe kuko iyo tutananirwa baba barabaduhaye".
Yagabishije Urwanda ko ''babandanije barera umuntu ariko arica inzoya, bariko barima urwanko, bariko barima umugera w'inzankano hagati y'abenegihugu b'ivyo bihugu bibiri''.
Kuva Prezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020, imigenderanire yarateye imbere hagati y'Uburundi n'Urwanda.
Ariko haracari agahaze. Uburundi busaba Urwanda kuburungikira abo reta ya Gitega ivuga ko bahawe indaro n'ico gihugu inyuma yo guhungirayo bahejeje kugerageza gutembagaza inzego mu 2015.
Ariko amajambo ya Ndayishimiye yo kuri uyu wa gatanu niyo ya vuba akomeye cane yerekanye ko inzira ikiri ndende imbere y'uko Uburundi n'Urwanda bisubira kubana neza vy'ukuri.










