Prezida Ndayishimiye: ''N'uwutari Red Tabara, reta ijejwe kwumviriza abana b'igihugu"

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko imigwi yitwaje ibigwanisho isavye ibiganiro reta yiwe itokwanka.
Yabivugiye mu kiganiro c'amasaha atandatu yahaye abamenyeshamakuru bakorera mu Burundi ku murwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi, Bujumbura, ku wa kabiri.
Mu migwi yitwaje ibigwanisho ishingiye mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo, harimwo iyamuka mu Burundi, Red Tabaraba na FNL.
Reta y'Uburundi ariko ivuga ko umugwi nka Red Tabara ari umugwi w'iterabwoba, iwagiriza bimwe mu bitero vy'amagrenade mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka uheze.
Ku kibazo c'uko bene iyo migwi isavye ibiganiro yokwemera, prezida Ndayishmiye yishuye ati "N'uwutari Red Tabara, reta ijejwe kuguma yumviriza abana b'igihugu, igatora umuti w'ibibazo vyose bayishikirije."
BBC ntiraronka imihari nka Red Taraba kugira igire ico ishikirije ku vyaraye bivuzwe n'umukuru w'Uburundi.

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Mu kwezi guheze abakuru b'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga binini, bahuriye mu nama i Nairobi ku kibazo co kugarukana umutekano muri Congo harangwa imigwi myinshji yitwaje ibigwanisho.
Basavye umukuru w'igihugu ca Congo kugira ibiganiro n'imigwi y'abanye-Congo, iyamuka mu bindi bihugu nayo gutaha iwabo, yose ata kindi ibanje gusaba canke naho ice irwanywa n'ingabo z'akarere zigiye gushingwa ubwo nyene.
Umukuru w'igihugu c'Uburundi yari yitavye iyo nama asubiye mu Burundi yamahamagariye iyo "migwi y'abicanyi" gutaha.
'Mwibaza ko bataha gute?'
Mw'itangazo, Red Tabara yavuze ko atari vyiza gukoresha amajambo y'agasuzuguro ku "bavukagihugu nka we bahunze ku mvo zizwi", usaba prezida Ndayishimiye "gushiraho ibikenewe vya poritike kugira iryo tahuka ribe."
Uwo mugwi uvuga ko umaze amezi atandatu uriko uragwana n'ingabo reta y'Uburundi yarungitse ku butaka bwa Congo kuwuhiga.
Reta z'Uburundi na Congo zompi zirahakana ko hari ingabo z'Uburundi ziri ku butaka bwa Congo.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike aho muri Congo yo avuga ko hari ingabo z'Uburundi zajabutse ku butaka bwa Congo mu karere ka Uvira.
N'ubwa mbere umukuru w'Uburundi yemeye y'uko imigwi yamuka mu Burundi isavye ibiganiro reta itovyanka harimwo na Red Tabara yise 'umugwi w'iterabwoba ukorana na ADF".
Atawe avuze izina, prezida Ndayishimiye yavuze ko ibiganiro ari vyo vyatumye bamwe mu banyaporitike batavuga rumwe na reta bari barahungiye hanze y'igihugu batahuka.
Muri abo harimwo Jeremie Ngendakumana yahoze ari umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, ariko aza kudacana uwaka nawo kuva mu 2015.
Prezida Ndayishimiye ati: "Na barya b'i Buraya, barya banyaporitike mwibaza ko bataha gute? None ntitwama turiko turaganira. Naho uba waracumuye burya ndababwire, igito gitabwa iwabo. "










