Uganda ivuga ko hafashwe umugaba wa ADF avuye mu Burundi

Ahavuye isanamu, Google Maps
Igisirikare ca Uganda cemeje ko umugaba w'inyeshamba wo ku rwego rwo hejuru yafatiwe muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.
Uwo mugabo bivugwa ko ari umugaba wo mu mugwi Allied Democratic Forces, ADF, umugwi wagirizwa kugaba ibitero muri Uganda hamwe no guhonyanga agateka ka zina muntu mu karere.
Biravugwa yuko Benjamin Kisokeranio yafashwe kuwa kabiri ari ku rubibe rwa Uvira mu ntara ya Kivu y'epfo, mu gihe yari mu rugendo ava mu Burundi aja muri Kongo.
Igisirikare ca Uganda kivuga yuko Kisokeranio ari umukuru w'ishami ryiyonkoye kuri ADF, rikaba rikorana n'uwashinze uwo mugwi w'abarwanyi Jamil Mukulu, ubu apfungiwe muri Uganda.
Mukulu yafatiwe muri Tanzania mu 2015, aca arungikwa muri Uganda, aho yagirizwa ivyaha vy'iterabwoba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu kwezi kwa Munyonyo (kwa 11), igisirikare ca Uganda carungitse abasirikare muri Kongo, ku butumire bwa leta ya Kinshasa.
Bagiye mu butumwa bwo guhiga ishami rya ADF rirongowe na Musa Bakulu, rivuga yuko rifitaniye imigenderanire n'umugwi Islamic State.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajejwe intwaro muri Uganda bagiriza ADF kugaba ibitero vy'iterabwoba mu gihugu.
Ivyo bitero birimwo ibisasu vy'abiyahuzi ku murwa mukuru Kampala vyahitanye abanyagihugu basanzwe bashika bane mu mwaka uheze.











