Uganda: ADF itegerezwa kwishikana - Museveni

Umukuru w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni avuga ko umuhari Allied Democratic Forces (ADF) ugendera ku vyiyumviro vya Islam utegerezwa kwishikana, agashimangira ko reta yavuye hasi mu kuyirwanya.
Mw'ijambo yaraye ashikirije nijoro inyuma y'ibitero bibiri vya bombe vyakozwe ku wa kabiri ku mugwa mukuru Kampala, Museveni avuga ko ADF yibaza ko ikomeye cane rwose kubera abayo bashobora kwigira utwo bashatse ku birindiro vyabo muri DR Congo, kandi kubera babona bimba ubutare bakanagurisha n'imbaho uko bashatse .
Avuga ko Uganda izobandanya kubahiga buhongo, agatera akamo abo bose batarasubiza ibirwanisho hasi kubikora vuba bwango.
Umuhari wiyitirira Reta ya ki-Islam (Islamic State/Etat Islamique, IS) niwo wiyitiriye ibitero vyo ku wa kabiri mu gatondo vyaguyemwo abashika batandatu, abarenga 30 nabo bagakomereka.
Haraciye imyaka mike umuhari ADF umenyesheje ko wishize hamwe na IS, mu kizwi nka Islamic State Central Africa Province (Intara ya Reta ya ki-Islam yo muri Afrika yo hagati).
Museveni avuga ko ADF yabonye ko yatsinzwe mu ntara ya Rwenzori no mu bundi burere bwo mu misisozi mu 2007, none ko yatoye amayeri yo gukora ibitero vy'iterabwoba mu bisagara.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuva mu kwa gatandatu inyuma y'igitero cahatswe kugandagura umushikiranganji kivugwa ko coba cakozwe n'inyeshamba za ADF, inzego z'umutekano za Uganda zimaze kwica 12 bikekwa ko ari bo bakoze ico gitero, abandi 106 nabo bakaba bamaze guhagarikwa. Batanu muri abo bishwe harimwo umuvugabutumwa w'umu Islam bapfuye mu misi itanu iheze.
Muri kino gihe, Museveni ari mu biganiro na mugenziwe wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Perezida Felix Tshiekedi, kugira ngo bigire hamwe ingene Uganda yorungika ingabo mu buseruko bwa Congo guhiga uyu murwi w'inyeshamba.










