Uganda: Batandatu bapfuye abandi benshi barakomereka mu bisasu bibiri vyaturikiye i Kampala

Igitero c'igisasu i Kampala

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abantu batandatu harimwo abapolisi babiri nibo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima mu gitero c'ibisasu ku mugwa mukuru Kampala mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, nk'uko bitangazwa n'ikigo kijejwe ubutabazi, NECOC, (Uganda's National Emergency Coordination and Operations Centre.

Igipolisi kimenyesha ko 33 ari bo bamaze kumenyekana ko bakomeretse.

Abapolisi babiri, umwe w'umugore bakomerekeye muri ico gitero.

Umupolisi w'umugore yakomeretse agira ati:"Jewe nari aho bakirira abantu bagishika. N'umvise ikintu gitutse. Nca nsanga nakomeretse."

Igitero c'igisasu i Kampala

Ahavuye isanamu, Getty Images

Na yo umupolisi w'umugabo yaguma atabaza " baryango, baryango. Aba bagabo bari bagiye kutwica. Aba bagabo bari bagiye kutwica. Numva mbabara cane. Amaguru n'amaboko vyanje birababara cane. Twari tuvuye gukizura turi mu modoka. Sinamenye ikintu kiduturikije."

AU ifatanije umubabaro na Uganda

Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika(AU) yavuze ko iryo shirahamwe ryifatanije na reta hamwe n'abanye Uganda.

Ku rubuga rwa Twitter, yavuze ko ateye ivyatsi ivyo bitero "yivuye inyuma".

Yongeyeko ati:"Turahojeje imiryango yabuze ababo tukaba tunipfurije abakomeretse gutora mitende vuba."

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Igisasu kimwe caturikirijwe kw'iduka rinini (centre comercial) riri hafi y'ikigo gikuru c'igiporisi, ikindi hafi y'ingoro y'inama nshingamateka, nk'uko umunyamakuru wa BBC i Kampala abivuga.

Ikigo NECOC kivuga ko hari ibisasu bindi bitatu bitashoboye guturika bimaze gutorwa, harimwo bibiri vyatowe hafi y'inyubakwa ya sentare.

Igitero c'igisasu i Kampala

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwe mu bakomeretse ajanywe kwa muganga

Kivuga ko igipolisi kijejwe kurwanya iterabwoba kiriko kirakora uko gishoboye kirondera ibindi bisasu bitaturitse kugira ngo bisamburwe.

Ikinyamakuru Daily Monitor co muri ico gihugu casohoye ireresi yerekana amamodoka ariko arasha hafi y'inyubakwa y'ishirahamwe ry'ubwishingizi:

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Umukuru wa Croix Rouge i Kampaka avuga ko hamwe haturikiye iki gisasu batabaye inkomere hafi 20.

Ibikorwa vy'inama nshingamateka vyaciye bihagarikwa uyu munsi kubera igisasu kimwe caturikiye imbere y'ingoro yayo.

Televiziyo NTV Uganda ivuga ko umukuru w'inama nshingamateka n'abandi bategetsi bari babanje guhungishwa mu gihe igiporisi cari cazingurije ako gace.

Iki gitero cateye ubwoba abantu

Ahavuye isanamu, Reuters

Ikinyamakuru NTV Uganda kivuga ko Salim Uhuru, umukuru w'akarere ka Kampala Central, yemeje ko umwe mu bagenzi biwe yitwa Katongole yaguye muri uku guturika.

Mu kwezi guheze, ibisasu bibiri vyaturikiye mu bibanza bitandukanye vyarahitanye abantu babiri. Kimwe muri vyo cahitanye umukozi wo mu kabare, ikindi naco gihitana umwiyahuzi yari yinjiranye ibisasu mu modoka yunguruza abantu.

Abategetsi b'iki gihugu bagirije umurwi w'inyeshamba Allied Democratic Forces, ADF, ukorera muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo ko ari wo wakoze iki gitero co mu kw'icumi.

Igitero c'igisasu i Kampala

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwujejwe gutegura ibisasu ku kazi i Kampala

Kuva ibi bitero bibaye, abantu n'imiburiburi 50 nibo bamaze guhagarikwa, bamwe muri bo bakaba bamaze gucirirwa imanza.

Hari haciye indwi zitatu ibiro vy'ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bigabishije ko hashobobora kuba ibitero vy'iterabwoba muri Uganda, inyuma y'ibi bitero vy'ukwezi guheze.

Kampala

Ahavuye isanamu, Reuters

Kampala

Ahavuye isanamu, Reuters

Kampala

Ahavuye isanamu, Reuters