RD Congo - ADF: Ingabo za Uganda zizohaguma igihe ntarengwa

Ahavuye isanamu, Twitter/UPDF
Itororokaniriz ry'amakuru rya Reuters rivuga ko prezida wa Republika ya demokrasi ya Congo yaremesheje abantu ko ibikorwa vy'igisirikare ca Uganda mu buseruko bw'ico gihugu bizogira aho bigarukira.
Abasirikare ba Uganda n'aba Congo bamaze indwi zibiri bari um ntambara yo kugwaniriza hamwe umuhari wa ADF (Allied Democratic Forces).
ADF yashinzwe muri Uganda ariko iza gutuzwa muri ico gihugu mu myaka ya mbere y'iki kinjana.
Ibitero vya bombe biherutse gukorwa muri Uganda vyagirijwe ADF ni vyo vyatumye Uganda itegura ivyo bikorwa vya gisirikare.
Ariko hari amakenga muri RD Congo kubera igihe ingabo za Uganda zaheruka muri ico gihugu, zaragirijwe ubusuma no gusinzikaza agateka ka zina muntu.
Reuters ivuga ko igihe prezida wa Congo Felix Tshisekedi yariko arashikiriza ijambo abanyagihugu yagize ati:"Nzokora uko nshoboye kugira ingabo za Uganda ku butaka bwacu zihamare igihe gikenewe."
Ku ruhande rwabo, Uganda yavuze ko ishobora kuguma muri RD Congo igihe gikenewe co gutuza ADF, nk'uko bivugwa na Reuters.
Amajana y'abasirikare barwanira ku butaka, ibiduga bitamenwa hamwe na vya muzinga (tanks/chars de combat) vyarakurikiye biciye ku rubibe ibihugu vyombi bihana, mu burengero bwa Uganda.
Major General Kayanja Muhanga, umugaba w'ingabo za Uganda muri ico gikorwa, yavuze yuko ico gikorwa kizoza kirihwezwa buri mezi abiri ngo harabwe aho guca intege abo bagwanyi bigeze.
Uganda yagiriza ADF - ikorana na Islamic State - kugaba urukurikirane rw'ibitero vy'ibisasu mu murwa mukuru Kampala no mu micungararo yawo mu ndwi ziheze.
Ivyo bitero, harimwo n'ibisasu vyaturikijwe n'abiyahuzi, vyahitanye abantu bane abandi benshi barakomereka.
ADF, umugwi w'abarwanyi watanguriye muri Uganda, umaze imyaka irenga mirongo ibiri ukorera mu buseruko bwa Kongo.







