Igisirikare ca Uganda, UPDF, kivuga ko cishe ibihumbi vy'abarwanyi ba ADF

Ahavuye isanamu, Twitter @updf_
Igisirikare ca Uganda, Uganda People's Defence Forces canke UPDF, kivuga ko ibitero vy'indege ku barwanyi ba Allied Democratic Front canke ADF, muri Republika ya Demokrasi ya Kongo vyashitse ku cari kigamijwe.
Ngo ivyo bitero vyarashoboye kugema inkambi z'abarwanyi ba ADF ku buryo "hasize ubuzima abashika ku bihumbi".
Ni ibitero vyagabwe ku bufatanye bw'abasirikare ba leta za Uganda na Kongo bigamije guca intege ADF mu birindiro vyayo i Yayuwa, Tondoli, Beni One na Beni Two, nk'uko bisomwa mw'itangazo ry'igisirikare ca Uganda.
Ico gikorwa ca gisirikare ciswe "Operation Suja" catanguye ku wa kabiri hagabwa ibitero vy'indege hamwe n'ibikoho biremereye muri Kongo, biraswa n'igisirikare ca Uganda.
Amajana y'abasirikare barwanira ku butaka, ibiduga bitamenwa hamwe na vya muzinga (tanks/chars de combat) vyarakurikiye biciye ku rubibe ibihugu vyombi bihana, mu burengero bwa Uganda.
Major General Kayanja Muhanga, umugaba w'ingabo za Uganda muri ico gikorwa, yavuze yuko ico gikorwa kizoza kirihwezwa buri mezi abiri ngo harabwe aho guca intege abo barwanyi bigeze.

Ahavuye isanamu, Twitter @updf_
Abasirikare ba Uganda bashinze ibirindiro mu kigwati ca Mukakati kiri nko ku birometero 18 imbere muri Kivu ya ruguru, nk'uko urwo rwandiko rubandanya rubivuga.
UPDF yasohoye amasanamu yambere y'ico gitero mu gihugu kibanyi, yerekana imirongo y'abasirikare bariko baratambuka, abanyagihugu babaramutsa mu gihe babaca impande mu miduka, nayo ibiduga bitamenwa bigenzura ibigwati.
Uganda yagiriza ADF - ikorana na Islamic State - kugaba urukurikirane rw'ibitero vy'ibisasu mu murwa mukuru Kampala no mu micungararo yawo mu ndwi ziheze.

Ahavuye isanamu, Twitter @updf_
Ivyo bitero, harimwo n'ibisasu vyaturikijwe n'abiyahuzi, vyahitanye abantu bane abandi benshi barakomereka.
ADF, umugwi w'abarwanyi watanguriye muri Uganda, umaze imyaka irenga mirongo ibiri ukorera mu buseruko bwa Kongo.











