Gatumba yongeye guhamba yibutsa kahise k'ubwicanyi bumaze kuhabera

Mu mugirwa wibutsa iyabaye mu myaka iheze, mu Gatumba hashinguwe abanyagihugu 20 baherutse guhitanwa n’igitero umugwi witwaje ibigwanisho wagavye ku ndwi iheze muri iyo zone iri ku mupaka Uburundi buhana na Congo mu ntara ya Bujumbura.
Igikorwa co gushingura abo bantu cari citabwe n’abantu isinzi n’abategetsi batandukanye. Amarira n’umwiheburo ni vyo vyaharangwa.
Imiryango yabuze isaba ubutungane gukubita intahe mu gahanga abayihekuye.
Umwe mu baserukiye imiryango yabuze yasavye ko ubutungane bwonyarutsa amatohoza kugira ababikoze bamenyekane.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse yari yaserukiye reta avuga ko bazoruhuka bafashe ababikoze bose, avuga ko bariko barabahiga.
Musenyeri Anatole Rugerinyange yasomye imisa yo gusezera abahisi, yibukije ko Uburundi bwasinzikajwe n’ibikorwa vyo gusesa amaraso.
Ku bwiwe, ababikora bikwegera umuvumo. Abasaba gusubiza inkota mu rwubati.
Igitero cahitanye aba banyagihugu 20 cabaye ku wa gatanu igenekerezo rya 22 Kigarama mw’ijoro.
Reta ivuga ko abagikoze bateye imihana 9 yo mu karere ka Vugizo muri Garumba. Ibandanya ivuga ko mu bitavye Imana harimwo abana 12 - babiri muri bo bafise musi y’imyaka itanu - abagore batatu, babiri muri bo bari bibungenze (bafise inda).
Umuhari Red Tabara ugwanya reta y’Uburundi ushingiye aho muri Congo waremanze ko ari wo wagize ico gitero. Ariko wo uvuga ko cahitanye abasirikare 9 n’umupolisi umwe.
Ico gitero n'uwo mugirwa wo gushingura abakiguyemwo vyibutsa ibindi bitero vyahitanye abantu nk'uko aho mu Gatumba nyene.
Hari icabaye kw'ikambi mfatakibanza y'impunzi z'abanye-Congo b'Abanyamulenge mu 2004 gihitana abarenga 160. Agathon Rwasa niwe yari umukuru wa Palipehutu FNL Abanyamulenge bagiriza ubwo bwicanyi.
Agathon Rwasa muri kahise yarahakanye ivyo yagirizwa avuga ko ahubwo vyobazwa Pasteur Habimana yari umuvugizi w'uwo muhari, we yavyiyemereye ku maradiyo.
Muri iyi myaka ya vuba hari ibindi umhari Red Tabara wagiye uremanga.










