Burundi - Red Tabara: Igitero co mu Gatumba cahitanye abapolisi n'abasirikare 12

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuhari Red Tabara ugwanya reta y'Uburundi ukoresheje ibigwanisho uremanga ko waraye ugize igitero mu Gatumba ku rubibe ico gihugu gihana na Republika ya Demokrasi ya Congo bica abasirikare batanu n'abapolisi indwi.
Ku rubuga rwa Twitter, uwo muhari uvuga ko wagize ico gitero ugiye gutabara bagenzi babo bariko barasahurwa n'abo bajejwe umutekano
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Mu gipolisi c'Uburundi ntibahakana ivyerekeye ico gitero ariko ntibaravuga ivyahononekariye.
Inkuru zo ku mbuga hwaniro zitaremezwa n'inzego z'igihugu zivuga ko ico gitero cagizwe n"ababandi", bateye ibirindiro vy'igisirikare n'igipolisi, cabaye isaha zitanu n'iminota cumi n'itanu z'ijoro ku rubibe rwo mu Gatumba.
Zivuga kandi ko cahitanye umusirikare umwe na bane bakomeretse harimwo umupolisi umwe.
Hari ngo kandi n'abakomeretse ubu bariko bavurigwa kwa muganga.
Izindi nkuru zivuga igitigiri kinini c'abasirikare n'abapolisi bahasize ubuzima.
Havugwa abapolisi batandatu n'abasirikare bishwe, mu gihe abandi basirikare barenga cumi n'abasirikare batanu boba barakomeretse.
Mu gipolisi c'Uburundi ntibahakana ivyerekeye ico gitero ariko ntibaravuga ivyahononekariye.






