Burundi: Igitero ca grenade cishe abantu babiri hakomereka benshi i Gitega

Burundi

Abantu babiri baraye bapfuye abandi n'imiburiburi 16 barakomereka mu gitero ca grenade caraye kibaye mu kabare ku mutumba wa Rutegama muri komine n'intara ya Gitega, nk'uko vyemezwa n'igipolisi.

Amakuru ava i Gitega avuga ko igitigiri c'abakomeretse gishobora kuba kirenga.

Umukuru w'igipolisi mu ntara ya Gitega, Evariste Habogorimana, yabwiye BBC ko iki gitero cabaye mu masaha ya kare abantu bateramye, ariko ko ababikoze n'imvo zabitumye bitaramenyekana.

Ati: "Ni ahantu hari hakoraniye abantu benshi bariko barasangira urwarwa, hegereye imitumba, mu masaha akiri mato cane ku buryo hari abantu benshi cane.

"Hari ababikora ku bugizi bwa nabi busanzwe, hari n'ababikora ku mvo zabo nyene basanzwe bafise, ariko nk'uno musi ntitwovuga ngo uwabikoze yoba yashatse gushika kuri iki, ni vyo tukiriko turatohoza".

Habogorimana avuga ko bariko bakora amatohoza no kurondera abakoze ico gitero.

Amakuru ava i Gitega avuga ko nyene ako kabare kari kuri parkingi y'amasanganzira ico gitero cabereyeko ari umupolisi, abahasize ubuzima bakaba ari umugabo n'umugore bari basanzwe ari abigisha.

Umunyamakuru yashitse aho vyabereye avuga ko ico kibanza gisanzwe kirimwo uruja n'uruza runini cane, ariko ko mu gitondo c'uno musi rwari rwagabanutse.

Si bwo bwa mbere haba ibitero vya grenade mu Burundi, ivyaheruka bikaba ari ivyo mu kwa gatanu uno mwaka mu bice bitandukanye vy'igisagara ca Bujumbura vyahitanye abantu babiri.

Ico gihe bamwe babonye ko ari igitero cari gifise intumbero yo gutoba inama mpuzamakungu yahuza ibihugu 11 vyo muri Afrika yo hagati yari itegekanijwe kubera i Bujumbura, inama yari yateguwe n'inama ya ONU ijejwe amahoro kw'isi.

Ico gihe igipolisi catangaje ko vyari ibitero vy'iterabwoba.