Bujumbura - Burundi: Igipolisi mu matohoza ku bateye amagerenade yishe abantu

Ibarabara ry'i Bujumbura (isanamu ya kera)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bujumbura yari imeze igihe kirekire itekanye (isanamu ya kera)

Reta y'Uburundi imenyesha ko ibitero vy'amagrenade yaraye atewe mu bice bimwe vya Bujumbura mw'ijoro ryo ku wa kabiri ari ibitero vy'iterabwoba, vyahitanye abantu babiri.

Hafi nk'isaha imwe z'ijoro niho hatangura kwumvikana ibiturika, yari amagrenades, iya mbere ikaba yatanguye kwumvikana kw'isoko rizwi nka COTEBU riri muri zone Ngagara.

Iyo yakurikiwe n'ayandi yagiye aterwa mu bice vy'ahahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura, hamwe n'ahakunze kwitwa kuri "Permanence", ikibanza kiri hagati y'amazone ya Bwiza na Buyenzi.

Hari amajwi yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, BBC itashoboye guhinyuza, avuga ko ayo magrenade hari abandi bantu yahitanye, abandi batari bake bagakomereka.

Ikinyamakuru Iwacu gikorera mu Burundi gisubiramwo ababibonye bavuga ko hari benshi bakomeretse.

Ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi, bumenyesha ko abantu babiri ari bo bapfiriye muri ibi bitero, umwe akaba yapfiriye ahahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura, uwundi nawe akaba yapfuye ariko atwarwa kuvurwa.

Ubu bushikiranganji bumenyesha ko abakomeretse bariko baravurirwa mu bigo vy'amavuriro.

Hari amakuru avuga ko uwateye kw'isoko ya Ngagara (Cotebu) yoba yaciye araswa arapfa, ayandi nayo akavuga ko bamwe mu bakoze iki gitero bamaze gufatwa, ariko BBC ikaba itarashobora kubihinyuza.

Gusa, ubu bushikiranganji bwemeza ko umwe mu bakoze ico gitero yakomerekejwe na gerenade we nyene yari ateye aca arafatwa. Bumenyesha ko "amatohoza abandanya" kuri iki gitero.

Iwacu yandika ko ibi bitero vyakurikiwe n'ifatwa ry'abikekwa, ryakozwe na bamwe mu baporisi bo mu gisata kijejwe gukingira inzego (API), hamwe n'abo mu gisata kijejwe ubutabazi bwihuta (GMIR).

Kubera iki kibaye iki gihe?

Iki gitero "c'iterabwoba" (nk'uko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bucita) kibaye mu gihe Bujumbura yari isanzwe yakiriye inama mpuzamakungu ihuza ibihugu 11 vyo muri Afrika yo hagati, inama yateguwe n'inama ya ONU ijejwe amahoro kw'isi.

Baciye ku mbuga hwaniro, hari bamwe babona ko iki gitero gikozwe mu ntumbero yo gutoba iyi nama.

Muri iyi nama, ibihugu vya Angola, Uburundi, Cameroun, République centrafricaine, Congo Brazaville, Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Gabon, Guinée-Équatoriale, u Rwanda, Sao Tomé-et-Principe hamwe na Tchad, bikoraniye hamwe i Bujumbura kugira ngo vyihwereze hamwe ibibazo vy'umutekano n'imigenderanire hagati yavyo.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi bumenyesha ko iyo nama yatanguye ku wa 24 ikazorangira ku wa 28 z'uku kwezi kwa gatanu.

Ni yo nama ya mbere mpuzamakungu ibereye mu Burundi kuva iki gihugu cinjiye mu ndyane za poritike zadutse mu 2015 biturutse ku ngingo y'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yo kugena uwahoze ari umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, ngo awuserukire mu matora y'uwo mwaka.