Burundi-Agateka ka muntu: 'Hari ivyakozwe ariko inzira iracari ndende'- Doudou Diene

Doudou Diene

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku buryo agateka ka muntu kifashe mu Burundi uvuga ko hari ibimaze gukorwa n'ibimaze kwemerwa n'ubutegetsi bushasha, ariko ngo inzira iracari ndende.

Ivyo vyashikirijwe mu cegeranyo c'aho uwo mugwi ugejeje ibikorwa, washikirije inama ya ONU ikurikirana ivy'agateka ka zina muntu kw'isi.

Doudou Diene arongoye uwo mugwi umaze imyaka itatu yavuze ko amabi yabandanije gukorwa kuva ushikirije icegeranyo caheruka mu mpera za 2020.

Yatanze akarorero k'ibiziga vy'abantu bishwe bidasiba gutorwa mu gihugu.

Uhagarariye Uburundi muri urwo rwego Ambassadeur Renovat Tabu yavuze ko kuva uwo mugwi ushinzwe wama ushikiriza ivyegerenyo vy'ibinyoma bishingiye kuri politike.

Doudou Diene yavuze iki?

Co kimwe n'abandi bagize ico bashikiriza ku Burundi, Doudou Diene arashima ivyo umukuru w'igihugu Evaritse Ndayishimiye amaze gukora canke kuvuga mu nzira yo guteza imbere agateka ka zina muntu.

Harimwo:

  • Irekurwa ry'abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Iwacu
  • Kwemerera radio Bonesha gusubira gushikiriza ibiganiro n'urubuga rwa Iwacu gusubira kwakira ivyiyumviro vy'abasomyi hamwe no kubandanya inzira yo kwugururira ibindi binyamakuru vyugawe
  • Ingingo y'umukuru w'igihugu yo gutezurira abanyororo barenga ibihumbi bitanu ku ndwi iheze
  • Impunzi zimaze igihe zihunguka ziva mu bihugu bibanyi.

Baranashima kandi ko reta y'Uburundi iriko irasubira kwunga imigenderanire yo gufashanya n'ibihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu.

Ni nk'iry'abasangiye ururimi rw'igifaransa OIF ryakuye ibihano ku Burundi mu mpera z'umwaka uheze, n'ibiganiro vya politike vyatanguye hagati ya reta y'Uburundi n'ishirahamwe rya Buraya muri iyo nzira.

'Amabi arabandanya'

Doudou Diene ariko avuga ko kuva atanze icegeranyo ca nyuma mu kwezi kwa 11, hakomeje ubwicanyi afatiye ku biziga vy'abantu bishwe bidasiba gutorwa irya n'ino mu gihugu, ukunyuruza, n'ugupfunga bidaciye mu mategeko.

Amazina akunze kugaruka mu babigiramwo uruhara n'ubu ni ya yandi: Imbonerakure, urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, n'urwego rujejwe iperereza.

Yasavye umukuru w'igihugu gukoresha ububasha afise kugira iyo migwi ibiri ntibandanye gukora amabi. Abayakoze nabo babibazwe imbere y'ubutungane.

N'ubwo yemera ko hari ibimaze canke ivyemewe gukorwa, Doudou Diene avuga ko urubuga rwo kwishira no kwizana mu vyiyumviro n'urwa politike ahanini bikiboshwe, abaharanira agateka ka zina muntu nabo ngo n'ubu babandabya gutotezwa.

Diene avuga kandi ko mu gihe reta y'Uburundi yerekana ishaka ritomoye ryo kunagura imigenderanire n'abafasha mw'iterambere, mu bijanye n'agateka ka zina muntu ho atawubona neza intumebero yayo.

Amb. Renovat Tabu yavuze ko amakungu adakwiye gusamazwa n'ibivugwa na Doudou Diene

Ahavuye isanamu, UN

Insiguro y'isanamu, Amb. Renovat Tabu yavuze ko amakungu adakwiye gusamazwa n'ibivugwa na Doudou Diene

Yasavye amakungu gufasha reta y'Uburundi ariko nayo akayisaba kwerekana ibimenyetso bifadika, vy'intumbero yo guteza imbere agateka ka zina muntu.

Yavuze ko "kimwe muri ivyo bimenyetso coba ugusubira kwugurura mu Burundi ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu".

'Abamaze imyaka itanu bashikiriza ibinyoma'

Uwuhagarariye Uburundi mu nzego mpuzamakungu Ambassadeur Renovat Tabu yiyamirije ivyashikirijjwe n'umugwi.

Avuga ko mu gihe Uburundi bugaragaza inzira irashe yo gutera buja imbere mu bisata vyose harimwo n'ico c'agateka ka zina muntu, amakungu adakwiye "gusamazwa n'abamaze imyaka itanu bashikiriza ibinyoma ku Burundi."

Akarorero kamwe muri bwinshi ku vyerekeye ubwigenge, Ambassadeur Tabu yavuze ko mu Burundi hari "amaradio 59, ama television 7, ibinyamakuru vyandikwa 24 n'ivyo ku mbuga hwaniro 33 vyose bikora mu mwidegemvyo".