Umugwi wa ONU uti 'ntitwizeye u Burundi kuri coronavirus' nabwo buti 'mushaka gutoba'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mugwi urashima ko leta y'u Burundi yafashe zimwe mu ngingo zijanye no gutangiriza ikwirakwira ry'ico kiza.
Izo ngingo ngo ni nko guhimiriza isuku mu banyaghugu mu gukaraba intoki, guhagarika ingendo z'indege hamwe no gushira ukwabo ingenzi zinjiye mu gihugu, cane cane iziturutse mu bihugu bimaze kubonekamwo ico kiza.
Ariko rero ngo ivyo ntibihagije mu gutorera umuti ico kiza cateye isibe isi yose, cane cane ku gihugu nk'u Burundi, aho inzego z'ubuvuzi zitifashe neza kandi abantu baronka ico bashira ku munwa ari uko basohoye amaboko ku munsi ku munsi.
Ngo ndetse abagera ku 70 % bakaba bari munsi y'umurongo w'ubukene, n'ukuvuga batunzwe n'uburyo buri munsi ya 1.90 $ ku munsi.
Uyu mugwi ushimangira ko iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu ariyo nkingi y'ivyo leta y'u Burundi yokora vyose mu guhangana n'iki kiza.
Ku bijanye n'amasezerano mpuzamakungu yiyemeje, cane cane ayerekeye kubahiriza uburenganzira ku buzima n'amagara y'abanyagihugu, uyu mugwi wibutsa leta y'u Burundi ko ibwirizwa gukungira abanyagihugu bayo coronavirus no kuvura abarwaye.
Ngo kandi ivyo bigakorwa uburenganzira bwabo burimwo gufungurirwa budahungabanijwe.
Uyu mugwi wibutsa leta y'u Burundi kandi ko uburenganzira bwo kumenya amakuru ari ntangere mu gihe nk'iki c'ikiza.
Ngo niyo mpamvu ubwo burenganzira butegerezwa kwuhabirizwa kandi ntibuburizwemwo mu nzira yo kuzibira amakuru ashingiye ku bimenyetso vy'ukuri avuguruza ayaba yatanzwe n'abategetsi canke gutangaza ivyiyumviro n'ayandi makuru anegura ingingo zafashwe na leta.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uyu mugwi wemeza ko ahubwo igikwiye ari uko hoba gushira ahabona amakuru yerekana uburyo ico kiza giteye impungenge, urugero kigezeko n'uburyo buhari bwo kukirwanya, no kuvura abanduye, kuko ari vyo vyoha ingoga abanyagihugu mu ruhara rwabo mu kugikumira.
Uyu mugwi ubabazwa no kubona hari amashirahamwe y'abagiraneza yimwe uruhusha rwo gushika mu bibanza abantu bashizwemwo ukwa bonyene mu gukumira iki kiza ca Covd-19.
Wemeza ko bari bafashwe mu buryo butabereye kiremwa muntu, ata mazi meza canke imfungurwa bahabwa, eka n'ubuvuzi.
Ingingo zifatwa mu gukumira iki kiza kandi ngo ntizikwiye kubamwo ivangura, canke ngo zize gusongera isibe ku budasa bwari buhasanzwe hagati y'abakene n'abakire.


Ikindi kandi ngo zikwiye guhuzwa n'ubuzima abanyagihugu babayemwo mu Burundi, aho abenshi batunzwe no kwikorera utwabo.
Kuronswa uburyo bwo kwivuza ngo bikwiye guhabwa abanyagihugu bose, hatitaweho ubudasa bwabo, bwaba ubufatiye ku gitsina, imigwi ya politike, amadini, amoko, ubukire canke ubwenegihugu.
U Burundi bwasubije iki?
Felin Gakwaya yavuganye n'umushikiranganji w'u Burundi ajejwe ivy'agategaka ka zina muntu, Martin Nivyabandi.
Umushikiranganji Nivyabandi yavuze ko u Burundi ari igihugu cikukiye, ko co kimwe n'ibindi bihugu, ata wokibwiriza ingene gikemura ibibazo vyaco.
Yavuze ko uwo mugwi wa ONU ata kindi ugamije atari guhungabanya abanyagihugu mu gihe hitezwe amatora mu kwezi kuza.












