Habonetse uwundi muntu yanduye coronavirus mu Burundi, 22 bandi bapimwe ntayo bafise

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubushikiranganji bujejwe amagara mu Burundi bumenyesha ko uwundi muntu yatowemwo umugera corona ubu abanduye bakaba babaye batatu muri ico gihugu.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu n'ukurwanya ikiza SIDA mu Burundi, niwe yabitangaje kuri uno wa kane.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura kuri uyu mugoroba, umushikiranganji Thaddée Ndikumana amenyesha ko uyo muntu mushasha ari umurundikazi w'imyaka 26.
Abandi 22 bapimwe basanze batanduye uwo mugera, umushikiranganji Ndikumana agasaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe zo kurwanya no gukinga ico kiza.

Ahavuye isanamu, @BurundiGov
Amakuru y'uko hoba hari abanduye coronavirus mu Burundi yavugwa, hakaba mbere n'abagiriza leta kubinyegeza.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi yaheruka kubwira BBC ko u Burundi burinzwe n'Imana, ari yo mpamvu ico kiza kitari bwahashike.
Ivyo vyatumye hari amashirahamwe yiyamiriza ingene u Burundi bufata ikibazo ca coronavirus, akavuga ko bugifata minenerwe.

- CORONAVIRUS: Yavuye he, ifata ite, yakwirindwa gute?
- IBINDI BIBAZO WIBAZA KURI IKI CYOREZO: Ibi ni bimwe mu bisubizo
- UMUBIRI UYIRWANYA GUTE: Abahanga bamenye uko bigenda
- DUSABWA KWIRINDA KWIKORA MU MASO: Twabigenza dute?
- WABA URI MU RUBYIRUKO? OMS ivuga ko utakwirara
- KWISHYIRA MU KATO: Ni ryari? Bikorwa gute? Bitanga iki?

Gushika ubu mu Burundi nta mategeko abuza abantu gusohoka yari bwafatwe nk'uko biri mu bihugu bibanyi, kiretse gusa kubaha impanuro zo kugira isuku.
Ingendo z'indege zarabujijwe ikiringo c'iminsi cumi n'ine, imbibe nazo zikaba zugaye ku ruja n'uruza rusanzwe.
Gushika ubu Afrika niyo irangwamwo abanduye coronavirus bake ugereranije n'iyindi migabane, ariko abajejwe ivy'amagara ku rwego mpuzamakungu bavuga ko abandura n'abapfa kuri uwo mugabane bagenda bariyongera.










