Habonetse uwundi muntu yanduye coronavirus mu Burundi, 22 bandi bapimwe ntayo bafise

Ubushikiranganji bujejwe amagara mu Burundi bumenyesha ko uwundi muntu yatowemwo umugera corona ubu abanduye bakaba babaye batatu muri ico gihugu.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu n'ukurwanya ikiza SIDA mu Burundi, niwe yabitangaje kuri uno wa kane.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura kuri uyu mugoroba, umushikiranganji Thaddée Ndikumana amenyesha ko uyo muntu mushasha ari umurundikazi w'imyaka 26.

Abandi 22 bapimwe basanze batanduye uwo mugera, umushikiranganji Ndikumana agasaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe zo kurwanya no gukinga ico kiza.

Amakuru y'uko hoba hari abanduye coronavirus mu Burundi yavugwa, hakaba mbere n'abagiriza leta kubinyegeza.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi yaheruka kubwira BBC ko u Burundi burinzwe n'Imana, ari yo mpamvu ico kiza kitari bwahashike.

Ivyo vyatumye hari amashirahamwe yiyamiriza ingene u Burundi bufata ikibazo ca coronavirus, akavuga ko bugifata minenerwe.

Gushika ubu mu Burundi nta mategeko abuza abantu gusohoka yari bwafatwe nk'uko biri mu bihugu bibanyi, kiretse gusa kubaha impanuro zo kugira isuku.

Ingendo z'indege zarabujijwe ikiringo c'iminsi cumi n'ine, imbibe nazo zikaba zugaye ku ruja n'uruza rusanzwe.

Gushika ubu Afrika niyo irangwamwo abanduye coronavirus bake ugereranije n'iyindi migabane, ariko abajejwe ivy'amagara ku rwego mpuzamakungu bavuga ko abandura n'abapfa kuri uwo mugabane bagenda bariyongera.