Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abajejwe amagara mu Burundi bemeje ko abantu babiri banduye coronavirus
Umushikiranganji ajejwe amagara no kurwanya ikiza ca sida mu Burundi yatangaje ko mu gihugu ku nshuro ya mbere habonetse abantu banduye umugera corona.
Umushikiranga Dr Thaddée Ndikumana yavuze ko abo banduye ari abantu babiri, u Burundi bukaba bwari mu bihugu bike bitari bwagaragaremwo uwanduye coronavirus.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu mugoroba wo ku wa kabiri, umushikiranganji Ndikumana amenyesha ko ari abagabo b'imyaka 56 na 42.
Ngo binjiye mu Burundi bava mu Rwanda n'i Dubai, bose bakaba ari Abarundi.
Amakuru y'uko hoba hari abanduye coronavirus mu Burundi yavugwa, hakaba mbere n'abagiriza leta kubinyegeza.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi yaheruka kubwira BBC ko u Burundi burinzwe n'Imana, ari yo mpamvu ico kiza kitari bwahashike.
Ivyo vyatumye hari amashirahamwe yiyamiriza ingene u Burundi bufata ikibazo ca coronavirus, akavuga ko bugifata minenerwe.
- CORONAVIRUS: Yavuye he, ifata ite, yakwirindwa gute?
- IBINDI BIBAZO WIBAZA KURI IKI CYOREZO: Ibi ni bimwe mu bisubizo
- UMUBIRI UYIRWANYA GUTE: Abahanga bamenye uko bigenda
- DUSABWA KWIRINDA KWIKORA MU MASO: Twabigenza dute?
- WABA URI MU RUBYIRUKO? OMS ivuga ko utakwirara
- KWISHYIRA MU KATO: Ni ryari? Bikorwa gute? Bitanga iki?
Gushika ubu mu Burundi nta mategeko abuza abantu gusohoka yari bwafatwe nk'uko biri mu bihugu bibanyi, kiretse gusa kubaha impanuro zo kugira isuku.
Ingendo z'indege zarabujijwe ikiringo c'iminsi cumi n'ine, imbibe nazo zikaba zugaye ku ruja n'uruza rusanzwe.
Gushika ubu Afrika niyo irangwamwo abanduye coronavirus bake ugereranije n'iyindi migabane, ariko abajejwe ivy'amagara ku rwego mpuzamakungu bavuga ko abandura n'abapfa kuri uwo mugabane bagenda bariyongera.