Abajejwe amagara mu Burundi bemeje ko abantu babiri banduye coronavirus

Umushikiranganji ajejwe amagara no kurwanya ikiza ca sida mu Burundi yatangaje ko mu gihugu ku nshuro ya mbere habonetse abantu banduye umugera corona.

Umushikiranga Dr Thaddée Ndikumana yavuze ko abo banduye ari abantu babiri, u Burundi bukaba bwari mu bihugu bike bitari bwagaragaremwo uwanduye coronavirus.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu mugoroba wo ku wa kabiri, umushikiranganji Ndikumana amenyesha ko ari abagabo b'imyaka 56 na 42.

Ngo binjiye mu Burundi bava mu Rwanda n'i Dubai, bose bakaba ari Abarundi.

Amakuru y'uko hoba hari abanduye coronavirus mu Burundi yavugwa, hakaba mbere n'abagiriza leta kubinyegeza.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi yaheruka kubwira BBC ko u Burundi burinzwe n'Imana, ari yo mpamvu ico kiza kitari bwahashike.

Ivyo vyatumye hari amashirahamwe yiyamiriza ingene u Burundi bufata ikibazo ca coronavirus, akavuga ko bugifata minenerwe.

Gushika ubu mu Burundi nta mategeko abuza abantu gusohoka yari bwafatwe nk'uko biri mu bihugu bibanyi, kiretse gusa kubaha impanuro zo kugira isuku.

Ingendo z'indege zarabujijwe ikiringo c'iminsi cumi n'ine, imbibe nazo zikaba zugaye ku ruja n'uruza rusanzwe.

Gushika ubu Afrika niyo irangwamwo abanduye coronavirus bake ugereranije n'iyindi migabane, ariko abajejwe ivy'amagara ku rwego mpuzamakungu bavuga ko abandura n'abapfa kuri uwo mugabane bagenda bariyongera.