Ikiza c'ibicurane bita Coronavirus mu Bushinwa : Kiva hehe? Bacikingira gute?

Ubwoko bw'umugera watumye ikiza gihitana abantu mu Bushinwa burazwi neza - kandi buteye ubwoba abaganga.

Uri mu bwoko bw'ubwandu bita coronaviruses butera ubushuhe buvanze n'inkorora bugahava buvamwo umusonga kandi bugatuma umugwayi ahema nabi.

Ubwo bwandu bw'uyo mugera wa coronavirus bwitwa SARS. Mu majambo yose babwita (severe acute respiratory syndrome)- bumaze kwica abantu 41 mu gihe abashika 1287 babaze kumenyekana ko bawanduye.

Ubundi bwandu bwa coronaviruses burangwa nivyo bimenyesto nyene ariko bukaze ugusumba. Bwitwa Mers (Middle East respiratory syndrome) bwabonetse ubwambere muri Arabiya Saoudite bukaba bumaze guhitana hafi ibice 35% vy'abantu babwanduye.

Kuber'iki ubu bwoko bw'uyu mugera bukwiragira hose mu kanya gato , ni kuber'iki bishoshora gutera ubwoba?

Ni hehe uyo mugera wa coronaviruses utereye ubwoba ?

Ibintu vyakabuye ubwo bwandu bita Sars na Mers hamwe n'ikiza ca kino gihe vyibazwa ko bitavuye mu bantu ariko mu bikoko.

Mugihe ibikoko vyinshi bigendana imigera myinshi iteye ubwoba, amahirwe n'uko idakunze kuboneka ko isimbira ku bantu.

Akenshi hariho umurongo ntarengwa ku bwoko bw'ibinyabuzima, bigatuma uyo mugera utabifata, nk'uko bivugwa n'umwigisha w'ibinyabuzima Andrew Easton wo muri Kaminuza ya Warwick.

Ariko iyo umubiri w'umuntu udafise ububasha bw'ukwikingira, canke hakaba ikindi gituma umugera uronka aho winjirira , umuntu arashobora kurwara yanduye kandi bidakunze kuboneka.

Igitera ubwoba kenshi, ni igihe bihera ku mpinduka itari yitezwe

Usanga ifise uburyo bwo gukurira muri ico kibanza gishasha.

Ako gake cane uyo mugera wa coronavirus winjira mu magara y'abantu , bishobora kugorana cane.

Ariko birakenewe kwibutsa ko ubwoko bw'imigera bwose bwa coronovirus budateye ubwoba rwose- abantu benshi bitega kubabara buke buke igihe cose - ariko uyo mugera wanse imiti bashobora kubabara cane.

Kubera iki umugera uvuye mu bindi binyabuzima uteye ubwoba?

''Igihe umugera wimukiye mu kinyabuzima kindi ntushobora kumenya ico ukora kugira uwurwanye, mu ntango bishobora kugorana'', nk'uko umwigisha Easton abivuga.

Ni kubera y'uko iyo umugera wa coronavirus uvuye ku bikoko ukaja mu bantu , umubiri wacu ushobora gutakaza inguvu, kubera utaba wari umenyereye ikintu nk'ico gishasha cawujemwo.

Ingorane imeze uko iyo ibicurane bikwiragiye mu bwoko bw'ibinyabuzima bibiri bidasa.

''Mugihe hari ikwiragira ry'ibicurane, abantu bakura ku nyoni ziba mu mazi , amakenga n'uko igihe bishitse ku bantu , iyo ndwara igira ubukari bukomeye''umwigisha Easton niko avuga.

Ikiza c'ibicurane cabayemu 1918-1919 kizwi ko cavuye ku nyoni , kandi cahitanye abantu barenga imliyoni 50.

Ntavyemezo vyerekana ko iki kiza ca coronavirus kizokwica ukwo , ariko muri kahise k 'ibiza bikomeye vyavuye ku bikoko bigashika mu bantu, vyarateye amakenga mu bijanye n'amagara y'abantu.

none iyi migera ya coronavirus irashobora gukwiragiracane mu kanya gato ?

Inkuru nziza ni uko hari icizere ko iyo umugera wavuye ku bikoko ukaja ku bantu udashobora kuva ku muntu uja ku wundi muntu.

Easton ati: ''Iyo ni iyindi ntambamyi kuri uwo mugera".

Hagati aho, avuga ko bishobora guhinduka mu kanya gato, kandi ko mu gihe birinze bihinduka, bishobora kuba ikibazo gikomeye cane .

Ati: "Imigera ya coronaviruses yihimbaguramwo uduce twinshi".

Iyo rero umugera umaze kwihindura ugafata iyindi sura, ushobora gukwiragira uva kumuntu ukaja ku wundi, bivuga ko ukwiragira ku rugero runini cane kandi mu kanya gato.

Ibi vyarabaye ku vyerekeye iki kiza mu Bushinwa arico gituma hafashwe ingingo zikomeye zo kurwanya ikwiragira ry'uwo mugera.

Ariko biguma biboneka ko abantu babandanya bandura.

Mu gihe umuntu afise amagara meza umubiri wiwe urashobora kugira ubushobozi bwo kuwurwanya.

Imigera imwe imwe yinjira ubw onyene, hanyuma iyindi ikinjira buhoro buhoro. Kimwe mu bibazo umuntu yokwibaza ni aho uyo mugera wa coronavirus uba.

Hokorwa iki mugihe ikiza c'umugera wa coronavirus catanguye ?

Inkuru mbi n'uko umuti atari wo nyishu nyayo kenshi.

''Hariho imiti ikiza cane ico kiza", niko Easton yavuze.

Ariko hariho izindi ngingo zisanzwe zikwiye gufatwa, cane nko gukaraba mu minwe no gukoresha udutambara.

Avuga ko isuku risanzwe ari ikintu ciza cane. Bikingira ibintu vyose kandi ni naco kirwanisho nyamukuru kiriho kubera ata miti iriho muri aka kanya ka vuba.

Kiretse ukuwukinga , uburyo abayobozi bafasha uwamaze kwandura uwo mugera navyo nyene bifise uruhara rudasanzwe.

''Ikindi ni ukurondera abantu banduye mu kiringo ca vuba kugira bafashwe vyihuta , bongere bashirwe mu kibanza kugira uwo mugera ntukwiragire ''.

Amahirwe ni uko amakungu yihutira kurwanya ibiza nk'ivyo vya Sars na Mers iyo birinze vyaduka.

Easton ati: "Twarabibonye incuro zitari nke, aho wasanga iyo bikenewe ko hafatwa ingingo zihuta zaca zifatwa mu buryo bubangutse.

Umugwi w'abaganga ku rwego mpuzamakungu bizeye ko bigiye ku bindi biza vy'imigera ya coronaviruses yabaye imbere y'aho, kandi ko bizobafasha kugwanya iyi yadutse ubu, mber no muri kazoza, kugira ngo ntikore ibara.