Burundi: Ubwicanyi bwa 1972 ntiburahabwa izina kubera ukwikwegerako kwa bamwe n’abandi

Ahavuye isanamu, SENAT DU BURUNDI
Inama nkenguzamateka y'Uburundi yemeza ko ubwicanyi bwabaye mu 1972 butavugwako rumwe n'abarundi kubera hari abashatse kunyegeza ukuri mu ntumbero yo gukingira inyungu zabo.
Ku wa 29/04/1972, niho hatangura ubwicanyi bwahitanye abarundi isinzi bagandaguwe, abandi baharurwa mu bihumbi amajana bahungira mu bihugu bibanyi, bamwe mbere n'ubu bakaba batazi Uburundi ico ari co.
Inyuma y'imyaka 49 irangiye bubaye, Inama nkenguzamateka y'Uburundi yaratanguje urukurikirane rw'ibiganiro bikibandanya kuva ku wa 28 z'ukwezi guheze, vyo kwibuka no kurabira hamwe ingene ubwo bwicanyi bwagenze, mbere banashobore no kubuha izina ribereye.
Gabby Bugaga avugira umukuru w'inama nkenguzamateka yabwiye BBC ko "ibiganiro biriko biraba muri kino gihe bishobora kwerekana insiguro y'ubwo bwicanyi" bwahitanye ibihumbi n'ibihumbi vy'Abarundi cane cane bo mu bwoko bw'Abahutu.
Bugaga avuga ko ubu bwicanyi bw'agahomerabunwa bwabaye ico gihe "bushobora kugira irindi zina ndetse ugasanga haraje nk'ivyo ihonyabwoko bishobora kuba vyarabaye mugabo abantu babirenzako uruhu rw'amazi kuko rimwe na rimwe wasanga hari ababinyegeje".
Avuga ko ubu bwicanyi - bamwe bita ikiza - bugenda busigurwa mu buryo butandukanye, umwe wese agafata ico umurwi wiwe ushobora kuba uvyibazako.
Gabby Bugaga avuga ko kubona hari abavuga ko ibiganiro bibandanya bifise imvo za politike ari ibintu bisanzwe, akabona ko ari bo babinyegeje kugira ngo ntibimenyekane mu ntumbero yo gukingira inyungu zabo.
Ati: "Imyaka 49 irangiye ata muntu n'umwe aravuga ati 'yamara aha harabaye bino bintu', abantu ntibubahuke ngo bavuge, abantu bakaba baranyazwe ntibavuge, vyerekana ko hari ababinyegeza, abo bantu rero ntibagomba ko ukuri kumenyekana".
Ubu bwicanyi - bwakozwe n'igisirikare ca reta y'ico gihe yari irongowe na Perezida Michel Micombero - buvugwa ko bwoba bwahitanye abahutu bari hagati ya 100.000 na 200.000, ntibubonwa kumwe.
Ku ruhande rw'Abatutsi, hari abavuga ko ari ihonyabwoko ryari ryateguwe n'Abahutu kugira ngo bahonye Abatutsi nk'uko vyari vyagenze mu Rwanda mu mpera z'imyaka ya 1950.
Ku rundi ruhande, Abahutu, ari nabo bahatikiriye, bemeza ko ari umugambi wari wateguwe n'Abatutsi mu ntumbero yo kubahonya.
Igihe yugurura urukurikirane rw'ibi biganiro ku wa 28 z'ukwa kane, umukuru w'inama nkenguzamateka, Emmanuel Sinzohagera, yaremeje ko abategetsi b'Uburundi b'ico gihe bapfunze abantu ikivunga, bagandagura abenegihugu batari bake maze babata mu binogo rusangi.
Yemeza ko Inama nkenguzamateka y'Uburundi ifise amakuru akwiye yerekana ko Reta y'Uburundi y'ico gihe yateguye ubwicanyi bw'abanyagihugu isinzi, ivyo yemeza yisunze icegeranyo yahawe na wa murwi ujejwe ukuri n'ukurekuriranira (CVR) co ku wa 07 z'ukwa mbere 2021.
Uyu murwi CVR umaze igihe werekana ingene ubwo bwicanyi bwagenze mu kuzura ibiziga vy'abahambwe mu binogo rusangi muri ubwo bwicanyi, igikorwa na co nyene kitabonwa kumwe, aho hari abavuga ko ibiriko biraba bifise imvo za poritike, mu ntumbero yo kunyegeza ukuri, ari nako babona ibi biganiro bibandanya.
Umukuru w'Inama nkenguzamateka yarerekanye ko ivyo vyaha vy'ihonyabwoko bidashobora na gato guharirwa, kwibagirwa canke ngo vyirengagizwe.
Ati: "Ukugerageza kuzivya ivyabaye, kubivuga ukutari kwo, canke guhindura amateka, ntibishobora kwemerwa canke ngo vyihanganirwe".
Umukuru w'inama Nkenguzamateka abona ko ari nkenerwa ko abarundi bava mu kinyoma kugira ngo amakungu ashobore kumenya amahano yashikiye Uburundi mu 1972.










