CVR Burundi: "Inzego za leta zagize uruhara runini mu bwicanyi bwo mu 1972"

Abatabwa mu binogo nazanwa n'imodoka za leta

Ahavuye isanamu, CVR Burundi

Insiguro y'isanamu, "Abatabwa mu binogo nazanwa n'imodoka za leta"

Umugwi ujejwe kurondera ukuri ku bihe vy'ubwicanyi bukabije vyagiye birashikira Uburundi muri kahise usanga inzego za leta yari ihari ico gihe zaragize uruhara runini mu bwicanyi bwo mu 1972.

Ushikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka icegeranyo ca buri mwaka c'aho ugejeje ibikorwa, umugwi CVR wasavye leta ihari ubu gusaba ikigongwe ku bantu bose bahuye n'ivyo vvago.

N'icegeranyo giteye ubwoba nk'uko vyashikirijwe n'umukuru w'umugwi CVR Pierre Claver Ndayicariye.

Kivuga ido n'ido ry'ingene abantu ibihumbi n'ibihumbi bagizwe ahanini n'abo mu bwoko bw'abahutu bishwe muri uwo mwaka w' 1972 bagatabwa mu binogo rusangi na cane cane mu bibanza bitatu vy'intara ya Gitega ari naho ahanini uwo mugwi wakoreye mu mwaka uheze.

Wamenyesheje ko ku binogo 8 washoboye kuzuramwo ibisigarira muri commune za Shombo, Giheta no ku ruzi Ruvubu, umugwi CVR waharuye abantu bahatawe barenga ibihumbi indwi n'amajana atatu na 40, abahicirwa bakaba begeranirizwa ku mugwa mukuru wa Gitega bakuwe cane cane mu ntara zihana urubibe n'iyo ntara.

Benshi ngo bari abanyeshure, abarimu, abadandaza n'abihebeye imana.

Uruhara rw'inzego za reta ico gihe ruguma rugaruka

Umugwi CVR uvuga ko abaja kwicwa batangwa canke bakegeranywa n'abakuru b'imitumba, abakuru b'ama commune canke b'intara, imodoka zabatwara nazo zari iz'igisirikare canke izo cahamagaje.

Izo mbere ngo ni nazo zongera zikaja kwimba ibinogo zigatwara abo bantu kubitabwamo bahejeje kwicwa bakubwiswe inyundo canke ibindi vyuma, barashwe canke bapfiriye mu twumba batsindagirwamwo ari benshi cane batabona izuba kandi badahabwa amazi, rimwe na rimwe mbere ngo hari abasukwa mu binogo bagihema.

Ibisigarira vy'impuzu z'abishwe mu 1972

Ahavuye isanamu, CVR Burundi

Insiguro y'isanamu, Ibikorwa vy'uwo mugwi umaze imyaka irenga itandatu ushinzwe birabandanya

Ivyo vyose umugwi CVR uvuga ko wabibwiwe n'abakiriho mu babibonye, abacitse kw'icumu, apfakazi canke impfuvyi.

Ngo hari n'abari mu nzego za reta ico gihe bakiriho kandi bavuganye n'uwo mugwi.

Umugwi CVR mu mwaka uheze warakoreye kandi ugiye kuzobandanya ukorera mu ntara za Rumonge na Makamba ari naho bivugwa ko ubwicanyi bwatanguriye itariki 29 ukwezi kwa kane mu 1972 butumbereye abatutsi.

Uwo mugwi ukibaza gusa ingene bwanyarutse gukwira igihugu cose kandi abavugwa ko bari bateye igihugu muri izo ntara batarenze aho.

CVR ishaka ko ukuri kumenyekana ntihazosubira kugira uwuzira ivyo atakoze

Ahavuye isanamu, CVR Burundi

Insiguro y'isanamu, CVR ishaka ko ukuri kumenyekana ntihazosubira kugira uwuzira ivyo atakoze

Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi wo kurondera ukiri ku vyago vyashikiye Uburundi yavuze ko naho ico cegeranyo giteye ubwoba intumbero yaco ari ugukiza abarundi biciye mu kumenya ukuri benshi gushika ubu batigeze bamenya.

Ibikorwa vy'uwo mugwi umaze imyaka irenga itandatu ushinzwe birabandanya, mu myaka ibiri iheze ukaba mbere warongerejewe ibikorwa kuko ubu utohoza gushika mu 1885 kare wageza kuva Uburundi bucikukira gushika mu 2008.

Kuva wongewe ibikorwa ukaba usigaje imyaka ibiri ku kiringo c'imyaka ine wahawe ariko gishobora kwongerwa.