Burundi: CVR yatahuye ibinogo rusangi birenga 4000 vyahambwemwo abantu

Ahavuye isanamu, CVR
Umurwi wo kumenya ukuri n'ukunywanisha Abarundi, CVR, umenyesha ko umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 vyahamwembwo abantu bishwe mu magume u Burundi bwagiye bucamwo kuva bwikukira.
Ivyo biri mu cegeranyo ca mbere c'umwaka uwo murwi washikirije inama nshingamatekan na nkenguzamateka kuri uyu wa kabiri.
Kubwo umurwi CVR, ico gitigiri gishobora no kuzokwiyongera kubera gushika ubu hari "Abarundi benshi bataravuga ibinogo boba bazi n'aho biherereye".
Ejo ku wa mbere, uyo murwi washize ahabona amagufa y'abantu bari hagati ya 250 na 270 yabonywe muri karitiye Kamenge iri mu gisagara ca Bujumbura, bagandaguwe mu 1993.
Muri ico cegeranyo, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi yabwiye abashingamateka n'abakenguzamateka ko hari ibitaravugwa.
Ati: "Ibinogo vyatawemwo abishwe mu gihugu ni vyinshi, hari ivyo Abarundi bataratumenyesha kubera ubwoba canke agahinda bibibutsa. Abarundi benshi bazi vyinshi ntibaravuga ivyo babonye canke bazi".
Avuga ko hafi ivyo binogo vyose vyagiye kumenyekana ari uko aho biri "hariko harakorerwa ibikorwa vy'iterambere vy'igihugu, nko kubaka amabarabara, imiserege canke amashure.
Icegeranyo cabo cerekana ko mu ntara zose uko ari 18 zirangwamwo ibinogo nk'ivyo, aho intara ya Gitega, ubu ariwo mugwa mukuru mushasha w'u Burundi, yabonywemo ibinogo bishika 640.
Intara ya Cankuzo mu buseruko bw'igihugu niyo maze gutorwamwo bike, aho CVR imaze kuronka ibishika 41.
Ntivyoroshe kumenya abatowe ibisigarira
Mu gihe ibitigiri vy'abahitanywe n'ayo magume yagiye asinzikaza u Burundi bitazwi neza, Bwana Ndayicariye avuga ko umugwi arongoye "umaze gutohoza no kumenya ku buryo mfatakibanza igitigiri c'abantu bashika 142,505 bishwe canke bagiye mazi mayongo".
Avuga ko ico gitigiri ari ico abantu bafitiye amazina kandi berekana iyo baturuka uhereye ku ntara, ikomine, umutumba canke ikaritiye.
Ivyo binogo rusangi bamaze kubisangamwo igitigiri mfatakibanza c'ibisigarira vy'abantu
142.505Hagati ya 250 na 270 batowe mu kinogo rusangi mu Kamenge
Gitega, ibinogo 640Cankuzo mu Buseruko ibinogo 41...
Ibinogo rusangi 4163ni vyo CVR imaze gutora gushika ubu...
Bishwe mu 1965, 19691972, 1988, na 1993.
Asaba Abarundi bose ko botinyuka bakamenyesha abagize uyo murwi aho bazi hose hari ibinogo vyatawemwo Abarundi n'abanyamahanga muri ayo makuba.
Kuva u Burundi bwikukira mu 1962, bwamye burangwamwo ubwicanyi bwa politike bushingiye ku moko, cane cane hagati y'abahutu n'Abatutsi.
Ubuzwi cane bukaba ari ubwabaye mu myaka ya 1965, 1969, 1972, 1988, na 1993.
Bwana Ndayicariye avuga ko ayo makuba yahitanye abantu benshi n'ibintu vyinshi, asiga mu miryango amaganya, intuntu n'akabonge.
Avuga ko kurondera ukuri kuri ayo makuba yose vyofasha Abarundi gushinga inkingi z'ukunywanisha Abarundi ku buryo burama.
Avuga ko ibi bizofasha abasaba ikigongwe kwiha umwanya wo kugisaba, abatanga ikigongwe nabo bakiha umwanya wo kugitanga.
Ati: "Ni yo nzira ibereye yo gutegura kazoza keza k'abariho uno musi n'abazovuka. Ivyo tubikora munzira yo kunywanisha atari munzira yo guca imanaza kuko umugwi CVR atari Sentare".










