Ndayishimiye abwira urwaruka rw'Urwanda kutemera kuba 'impfungwa mu karere'

Ndayishimiye na Kagame

Mu nama n’urwaruka i Kinshasa muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yasubiye kwagiriza abategetsi b’Urwanda ko ari bo nkwezi y’amarere mu karere, aca arusaba kwunga urunani kugira "murwanye umwansi wanyu".

Mu kiyago yagiranye na rwo, Perezida Evariste Ndayishimiye yagirije abategetsi b'Urwanda ko ari bo bateje ibibazo kuko ku bwiwe abanyagihugu bobo nta ngorane bifitiye, "ni abamarayika".

Ati: “Nimba dufise umubanyi adutera, agerageza gukora ibishoboka vyose kugira ahungabanye ibihugu vyacu, ndibaza ko atari ingingo iva mu benegihugu b’Urwanda”.

Reta y'u Rwanda ntaco irashikiriza ku majambo ya Ndayishimiye, ariko uwuserukira Urwanda mu Buholande yavuze ko ayo majambo ateye kubiri n’inshingano yahawe na bagenzibe mu nama y’Ubumwe bwa Afrika.

Abajijwe ico yokora kugira ngo Urwanda rwisubireko, Perezida Ndayishimiye yahuye ati: “Banza wifashe wewe nyene hanyuma isi izogushigikira”.

Ati: “Ico nobasaba rero, mwebwe abenegihugu ba Congo, ni mwunge ururani kugira ngo murwanye umwansi wanyu”.

Aya majambo yayavuze mu rugendo yarimwo rwo gushigikira Perezida Felix Tshisekedi yari aramutse arahirira ikiringo kigira kabiri ku musi wa gatandatu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’ico kiyago yagiranye n’urwaruka rwa Congo, Ndayishimiye yasubiriye kwagiriza Urwanda ko ari rwo ruhaye indaro umuhari w’inyeshamba RED-Tabara urwanya ubutegetsi bwiwe mu Burundi, kandi ko ari co catumye asubira kwugara urubibe igihugu ciwe gihana n’Urwanda.

Ati: “Igihe dufata ingingo yo kwugurura imbibe ku gushaka kwacu kugira ngo twerekane ko dushaka amahoro, Abanyarwanda bararyohewe cane, mu gihe abategetsi bobo babandanya bagaburira abicanyi. Ibiro bikuru vya Red-Tabara biri mu Rwanda, kandi n’abategetsi ntibabihakana.

“Buri gihe bagumye batwemerera ko bagiye kubaturungikira mu myaka irenga ibiri y’ibiganiro, ariko twasanze ari uburyarya”.

Yavuze ko ari co gituma aherutse gufata ingingo yo gusubira kwugara imbibe Uburundi buhana n’Urwanda, ingingo yafashe inyuma y’igitero c’inyeshamba hafi y’urubibe Uburundi buhana na Congo.

Ati: “Igihe bategura ubwicanyi mu kigwati co muri Bujumbura hafi y’urubibe na Congo, niho naciye ntahura ko ari umubeshi.

“Iyo umuntu akubeshe rimwe, kabiri, ni ikosa ryiwe. Ariko iyo wemeye kubeshwa ku ncuro igira gatatu, ikosa ni rwawe”.

Avuga ko ari ngombwa kubandanya urugamba gushika aho “abanyagihugu b’Urwanda na bo nyene batangura gutera igitsure”.

Ati: “Ndibaza ko n’urwaruka rw’Abanyarwanda rudashobora kwemera kuba impfungwa mu karere”.

Hagati aho, Ndayishimiye, nk’imboneza y’Ubumwe bwa Afrika mu gisata c’urwaruka, amahoro n’umutekano, yavuze ko, nk’uko babimusavye muri iki kiyago, ashobora gutumako inama y’urwaruka rwo mw’ishirahamwe CEPGL rihurikiyemwo Uburundi, Urwanda na Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro.

Urwanda rusanzwe rwagirizwa guteza umudugararo mu karere k’ibiyaga binini, cane cane rukagirizwa ko ari rwo rufashe mu mugongo umuhari w’inyeshamba M23 umaze igihe urwanya reta ya Kinshasa, hakaba hageretsweko n’ibi birego vya reta y’Uburundi ko ari rwo ruhaye indaro inyeshamba za RED-Tabara, ibirego ruhakana.

Nayo ku majambo Ndayishimiye yavugiye i Kinshasa, Olivier Nduhungirehe aserukira Urwanda mu Buholande, ntiyashoboye kuyihanganira.

Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, yanditse ati : “Ntivyumvikana ukungene umukuru w’igihugu ca Afrika, mu nshingano ziwe nk’imboneza y’Ubumwe bwa Afrika mu gisata c’urwaruka, amahoro n’umutekano, mu nama ifashwe mu mugongo n’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Afrika, yemerera abanyagihugu ba Afrika, kw’izina ry’Ubumwe bwa Afrika, ko azobafasha gutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabo.

“Ibi, uretse ko biteye kubiri n’inshingano yahawe na bagenzibe mu nama y’Ubumwe bwa Afrika muri Ruhuhuma 2023, ni cane cane uguhonyanga amasezerano y’umuryango w’Umugabane wacu”.