Tshisekedi yitezweko intambara canke amahoro kuri Congo n'Urwanda?

Imyiyamamazo ya prezida Tshisekedi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida yavuzeko kwirukana ingabo z'akarere k'ubuseruko bwa Afrika zari zaje kuja hagati muri iyo ntambara Congo irimwo, zigasubirirwa n'iza SADC, bizofasha mu kugarukana umutekano.
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Félix Tshisekedi ararahirira kurongora igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo mu kiringo kigira kabiri, inyuma y'amatora yaranzwemwo akajagari n'impari nyinshi.

Afise ikindi kiringo c'imyaka itanu co guteza imbere ubutunzi bw'igihugu aho abantu barenga ibice 70% bari mu bukene nyakuja, intambara na yo imaze imyaka irenga mirongo ibiri ikaba yarasesereje ubuzima bw'abantu imiriyoni n'imiriyoni.

None Tshisekedi ashobora kuzana ayo mahoro arindiriwe igihe kirekire n'abanyagihugu? Canke intambara n'ivyo yemeye gukora igihe yariko ariyamamaza ko azogwana n'igihugu kibanyi c'Urwanda bishobora kuburizamwo amahirwe yo kugarukana amahoro?

Mu myiyamamazo yiwe yose, Tshisekedi yiyemeje kurangiza intambara iri mu buseruko bwa Congo.

Imigwi myinshi yitwaje ibigwanisho - harimwo uwuvugwa cane wa M23 - igwanira kwigarura uturere n'ubutare buhari, harimwo inzahabu, Diamand na Cobalt, ikenewe cane mu gukora amabateri ya terefone ngendanwa n'imodoka zikoresha umuriro.

Mu mwaka uheze, haradutse intambara hagati y'iyo migwi inyuma y'amezi atari make y'agahengwe, ituma haba igitigiri c'abantu imiriyoni 6.9 kitari bwigere kiboneka, bata izabo, nk'uko bivugwa na ONU.

Kugira arangize ico kibazo, Tshisekedi arakeneye guhindura intumbero yiwe, akareka ibikorwa vya gisirikare "vy'ikiringo gito" ahubwo agashira inguvu ku nyishu irama, nk'uko Richard Moncrieff, umuyobozi ajejwe imigambi mw'ishirahamwe International Crisis Group (ICG) yabibwiye BBC.

Prezida Tshisekedi n'abandi bakuru b'ibihugu vya Afrika baratanguye ibiganiro - bizwi nk'ivya Nairobi na Luanda - mu twigoro two kugarukana umutekano biciye mu bikorwa vya gisirikare na politike. Ariko ivyo biganiro bisa n'ivyahagaze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo mukuru w'igihugu ca Congo ntiyigeze yitaho ku mugambi n'umwe w'amahoro muri iyo, nk'uko bivugwa na Moncrieff.

Yongerako ati:"Akeneye kugira imigambi y'igihe kirekire mu gusubiramwo igisata kijejwe umutekano... areke gushira icizere cinshi mu nyishu z'ikiringo gito."

Mu twigoro twa gisirikare twafashwe na prezida mu kiringo ciwe ca mbere harimwo amategeko nk'ayo igihugu kiri mu ntambara mu ntara za Ituri na Kivu ya Ruguru mu 2021.

Yaragerageje kugarukana umutekano mu kugena abategetsi ba gisirikare basubirira ubutegetsi bw'aba sivire muri utwo turere.

Hambavu y'ivyo, prezida yahatiwe kwinjiza mu gisirikare ibihumbi n'ibihumbi vy'urwaruka, mu gihe yatanguje n'ibikorwa wo kwaka ibirwanisho abavyitwaje batabifitiye uruhusha mu ntumbero yo gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abagwanyi.

Abatavuga rumwe na we bavuga ko utwo twigoro twananiwe kugabanya intambara zibera mu buseruko, n'aho Tshisekedi avuga ko hari co twashitseko.

Mu kwezi kwa Munyonyo (11) yabwiye inama nshingamateka ko habaye "igabanuka ry'ubutare bujabuka imbibe ari bwo butuma intambara zongerekana", co kimwe n'igabanuka ry'imishamirano mu mibano hamwe "no n'isubizwaho ry'ubutegetsi".

Prezida kandi yavuzeko kwirukana ingabo z'akarere k'ubuseruko bwa Afrika zari zaje kuja hagati muri iyo ntambara Congo irimwo, zigasubirirwa n'iza SADC, bizofasha mu kugarukana umutekano.

Mu kwezi kwa Gitugutu (10) reta ya Congo yavuze ko ishobora kutongereza ikiringo c'ingabo z'akarere k'ubuseruko bwa Afrika (EAC) inyuma yimisi itari mike abategetsi ba Congo bidogera umwimbu muke w'izo ngabo.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire yavuze ko ingabo zo mu karere ko mu bumanuko bwa Afrika, SADC, zahawe inshingano "zo gufata mu mugongo igisirikare ca Congo mu kugwana no mu gutuza M23 n'iyindi mihari yitwaje ibigwanisho ibandanya guhungabanya amahoro n'umutekano muri ico gihugu".

Hasigaye kuraba nimba SADC ishobora kugwanya imigwi yose yitwaje ibigwanisho iri muri Congo, ingabo zaje imbere yayo, harimwo n'iza ONU ziri muri ico gihugu kuva 1999, zananiwe muri ico gikorwa.

Bitegekanijwe ko ingabo za ONU ziri mu butumwa bwa MONUSCO ziba zarangije kuva muri Congo mu mpera z'uyu mwaka - inyuma y'aho reta ya Tshisekedi izagiririje ko ata co ziriko ziramara.