Umuhari FDLR usaba ibiganiro na reta y'Urwanda

Umugwanyi afise inkoho mu buseruko bwa DR Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umuhari FDLR uherutse kwandikira prezida wa Angola, João Lourenço, umuhuza mu matati yo muri Republika ya Demokrasi ya Congo, umusaba kuwuhuza na reta y'Urwanda.

Iryo tangazo rigira riti: "FDLR ibona ko ikibazo c'Urwanda ari ica poritike ikaba ishira imbere ibiganiro mu kibanza c'ibigwanisho."

Iryo tangazo ryanditswe kw'itariki 22 z'ukwezi kwa Gitugutu(10) 2024 BBC Gahuzamiryango yaronse kopi yaryo, umuhari FDLR uvuga ko utigeze uhema mu kurondera ko mu Rwanda haba icuka ciza ca poritike, imibano, ubutunzi hamwe n'umutekano ku Banyarwanda bose, n'impunzi zigatahuka "mu gateka kazo".

Iryo tangazo ribandanya rivuga ko FDLR yagumye ihamagarira ubutegetsi bwa Kigali kwicara ku meza y'ibiganiro n'abo batavuga rumwe kugira ikibazo c'Urwanda gitore inyishu mu mahoro.

Abategetsi b'Urwanda bavuga ko FDLR igizwe n'abasize bakoze jenoside mu 1994.

Ivyegeranyo vya Onu bivuga ko FDLR iri mu mihari yitwaje ibigwanisho iriko irafasha Congo mu ntambara irimwo n'umuhari wa M23 uvugwa na wo nyene ko ufashwe mu mugongo n'Urwanda.

Urwanda rwagumye rubihakana.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo muhari ugwanya reta ya Kigali ukoresheje ibigwanisho, ufise ibirindiro vyawo mu buseruko bwa Congo, uvuga ko ata ko utagize ngo werekane ishaka ryo kugirana ibiganiro n'abategtsi b'Urwanda.

Muri iryo tangazo ugira uti: "Twaremeye gushira ibigwanisho hasi no kwegeraniriza hamwe abagwanyi bacu i Kamina mu 2001, i Kanyabayonga, Walungu na Kisangani mu 2014 imbere y'amakungu dufashijwe na SADC."

Bavuga ko ivyo vyose ata co vyashitseko kubera Urwanda ngo ruterekwa ibiganiro n'abo batavuga rumwe.

Umuhari FDLR usaba prezida wa Angola, João Lourenço, gukoresha ijunja n'igihagararo afise mu karere mu kugondoza reta y'Urwanda ngo yemere kuza ku meza y'ibiganiro n'abayigwanya kugira amahoro aboneke mu karere k'ibiyaga binini muri rusangi no mu buseruko bwa Congo vy'umwihariko.

Cure Ngoma, umuvugizi wa FDLR, avuga ko João Lourenço atarabasubiza.

Twagerageje kurondera reta y'Urwanda kugira igire ico ishikirije kuri iri tangazo ariko ntiturayironka.

Mu biganiro vyo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo vyari birongowe n'uwahoze ari prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta, umuhuza w'akarere k'ubuseruko bwa Afrika, EAC, vyabereye i Nairobi mu mpera za 2022, hari hapfunditswe ko imihari y'abanyamahanga yitwaje ibigwanisho nka FDLR y’Abanyarwanda, RED-Tabara y’Abarundi na ADF ikomoka muri Uganda, ishira ibigwanisho hasi igasubizwa mu bihugu iturukamwo.

Asigura igituma ivyo batabikoze, Cure Ngoma agira ati: "Twafashe ibigwanisho kugira twirengere turengere n'impunzi. Nta bwo twakwishora kw'icumu tubona."

Hagati muri uku kwezi kwa Gitugutu(10), umuvugizi wa reta ya DR Congo, Patrick Muyaya, yatangaje ko ico gihugu kigomba kuvanaho “impamvu zose Urwanda rutanga kugira ngo rukure ingabo zarwo mu gihugu cacu”, harimwo no gutuza umuhari wa FDLR urwanya ubutegetsi bw’Urwanda.

Mu gihe ivyo vyoramuka bikozwe, Ngoma avuga ati: "Ubwo nyene nibadutera tuzivuna."

Iri kete rigiye ahabona mu gihe hariko haravugwa intambara ikaze hagati y'umuhari M23 n'abagwanyi ba Wazalenzo bashigikiye reta yatandukiriye akarere ka Walikale ahavugwa ko uwo muhari umaze kwigarurira uduce twa Kalembe, Kalonge, Ihula na Minjenje.

BBC Gahuzamiryango ntirashobora kuronka inkuru ntahinyuzwa kuri izo ntambara.