Uwuhagarariye Amerika 'yasavye imbabazi Afrika y'Epfo ku vyo yavuze ku Burusiya'

The Russian military frigate 'Admiral Gorshkov' docked in the harbour of Cape Town on February 13, 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'Uburusiya bwararungitswe muri Afrika y'Epfo mu myimenyerezo y'ingabo zo mu mazi muri Ruhuhuma, kizigenza muri bwo bukaba bwari ubw'intambara bwitwa Amiral Gorshkov
    • Umwanditsi, By Pumza Fihlani
    • Igikorwa, BBC News, Johannesburg

Ubushikiranganji bwa Afrika y’Epfo bujejwe imigenderanire buvuga ko uwuhagarariye Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ico gihugu ‘’yasavye imbabazi atiziganya’’ ku kuba yavuze ko ico gihugu cahaye ibigwanisho Uburusiya.

Ku wa kane, Reuben Brigety, yavuze ko ubwato bw’Uburusiya bwapakiwe ibigwanisho i Cape Town mu kwezi kwa Kigarama (12) guheze.

Afrika y’Epfo ivuga ko ata na hamwe ibona ikigwanisho cagurishijwe kandi prezida Cyril Ramaphosa yategetse ko haba amatohoza.

Ku wa gatanu umuvugizi w’igisata kijejwe umutekano w’igihugu mu biro vy’umukuru w’igihugu (White House) ntiyemeye kwinjira mw’ido n’ido ry’ivyo vyavuzwe.

Ariko John Kirby yavuze ko ari ‘’ikibazo gihambaye’’ kandi ko Amerika itahengeshanije gusaba ibihugu kudashigikira intambara y’Uburusiya muri Ukraine.

Brigety ntaco aravuga kuva abonanye n’abo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire.

Hagati aho umushikiranganji wo muri reta ya Afrika y’Epfo yaneguye iyo ‘’migenderanire yo kuvugira hejuru’’ avuga ko Afrika y’Epo idashobora ‘’gukankamirwa na Amerika’’.

‘’Ni Amerika ifise ibihano yafatiye Uburusiya…ntibategerezwa kudukwegera mu bibazo bafitaniye n’Ubusiya,’’ niko Khumbudzo Ntshavheni, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu, yabwiye tereviziyo ya reta SABC.

Ayo majambo yo gukangisha yakurikiye itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’Uburusiya, Kremelin, rivuga ko prezida Vladimir Putin yari yavuganye na mugenziwe wa Afrika y’Epfo kuri terefone hanyuma abo bategetsi babiri bakumvikana gukomeza ‘’imigenderanire ifitiye

Nta wuharira ko ubwato bw’Uburusiya, buzwi nka Lady R, bwahagaze hafi ya Cape Town muri Kigarama guheze – butuma habazwa ibibazo n’abanyaporitike bo muri ico gihugu ico gihe. Kuba ubwo bwato bwarapakiwe ibigwanisho imbere y’uko busubira mu Burusiya, ivyo bikeneye gutohozwa no kwemezwa.

Hamwe ivyo birego vyoba ari vyo, Afrika y’Epfo yoba yararenze ku mategeko yayo yerekeye ibigwanisho abuza ‘’ihanahana ry’ibigwanisho n’ibihugu biri mu bikorwa vy’ihumbahumba, ugutera vy’agasomborotso canke iterabwoba’’.

Muri iryo tegeko nyene, Afrika y’Epfo yivuga ko ari ‘’umunywanyi azi ico abazwa w’umuryango mpuzamakungu’’.

Afrika y’Epfo kiri mu bihugu bike vyifashe mu matora ya ONU yo ku ntambara yo muri Ukraine kandi yaranse kwiyamiriza Uburusiya ku mugaragaro, ishimika ivuga ko ari igihugu ata murongo gifata kuri ico kibazo.