Rwanda-UK: Umugambi wo kwohereza impunzi usubiye kudindira

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare Nkuru mu muji wa London mu Bwongereza yatanze uruhusha rw’uko hunguruzwa urubanza ku cemezo ca leta kitavugwako rumwe co kurungika impunzi mu Rwanda.
Ishirahamwe ry’abagiraneza rirengera impunzi, Asylum Aid, ni ryo ryasavye ubwo bubasha bwo kwunguruza.
Asylum Aid yavuze yuko ingingo yafashwe na sentare atari yo, aho yemeza ko uwo mugambi wa leta y’Ubwongereza ukurikije amategeko kandi yuko u Rwanda ari igihugu gitekanye, kibereye kwakira abimukira.
Uku kunaniza umugambi wa leta gusubiye kuba gusigura yuko kurungika impunzi mu Rwanda bica bisubira kwigizwa inyuma.
Uyu mugambi w’Ubwongereza ufatwa na leta nk’intambwe ikomeye mu gukemura ikibazo c’abimukira, wagomba kuba waratanguye kuja mu ngiro mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, aho indege ya mbere yari yitezwe guhagurukana impunzi izitwaye mu Rwanda.
Leta y’Ubwongereza yarashize imbere cane kurwanya abimukira badaca mu nzira y’amategeko, mu guca intege abafata inzira y’amazi ya English Channel.
Leta y'Ubwongereza yaheruka gutsinda urubanza yari yashingishije, aho sentare yavuga yuko umugambi wo kurungika impunzi mu Rwanda ukurikije amategeko.
Uwo mugambi ushingiye ku mwumvikano hagati ya leta y'u Rwanda n'iy'Ubwongereza, aho humvikanywe yuko zimwe mu mpunzi zije mu Bwongereza ziciye muri English Channel zoca zirungikwa mu Rwanda ikibazo cazo kigirwa yo.
Leta y'u Rwanda mu kwakira izo mpunzi ica ironswa amafaranga yo kuzitunga no kwiga amadosiye yazo.
Uwo mugambi wariyamirijwe cane mu Bwongereza n'abantu batandukanye barimwo abakuru b'amadini, hamwe n'abanyepolitike bagizwe ahanini n'abatavuga rumwe na leta.










