Ukraine: Russia iriteguye kwagura intumbero z’intambara yayo - Lavrov

Ahavuye isanamu, Getty Images
Intumbero ya gisirikare muri Ukraine ntikiri ubuseruko “bwonyene”, nk’uko umushikiranganji w’imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, abivuga.
Mu kiganiro n’ibinyamakuru vyo mu Burusiya vyegamiye reta, Lavrov yerekana ko intumbero ya Moscou (umugwa mukuru w'Uburusiya) yahindutse inyuma y’aho Uburengero buhereye Ukraine ibirwanisho birasa kure.
Avuga ko ari ngombwa ko Uburusiya ubu bwigiza kure ingabo za Ukraine kugira ngo umutekano wabwo ube mwiza.
Amajambo yiwe aje inyuma y’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangarije ko zigiye guha Ukraine ibindi birwanisho birasa kure.
Ukraine izoronswa ibindi birwanisho vya muzinga bine biteye imbere gusumba vyo mu bwoko bwa Himars kugira ngo ishobore guhagarika ingabo z’Uburusiya, ibi vyo muri ubu bwoko bikazoba bibaye 16 nk’uko kizigenza wa Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika), Lloyd Austin, abivuga.
Hagati aho, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Ukraine Olena Zelenska yaraye ashikirije ijambo inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika, aho asaba ibindi birwanisho vyo gukingira ikirere kugira ngo “bidufashe guhagarika iri terabwoba ku ba nya Ukraine”.
Uburusiya bwateye Ukraine muri Ruhuhuma (2), buvuga ko abakoresha ururimi rw’ikirusiya mu karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine bariko bakorerwa ihonyabwoko, ko rero bari bakeneye kubohozwa.
Inyuma y’amezi atanu, Uburusiya bumaze kwigarurira uturere two mu buseruko n’ubumanuko bw’ico gihugu, ariko bukaba bwarananiwe no gushika ku ntumbero y’ubwa mbere yo kwigarurira umugwa mukuru Kyiv, kuva ico gihe bukaba bwaciye butangura kuvuga ko intumbero nyamukuru kwari ukubohoza Donbas.
Amerika yagiriza Uburusiya ko buriko butegura kwiyegurira uturere tw'ubutaka bwa Ukraine.
Kuva mu kwa kabiri, Uburengero bwagiye buha Ukraine ibirwanisho bikomeye ikoresha mu guhangana n’ingabo z’Uburusiya.
Umushikiranganji Lavrov avuga ko ibi vyatumye Uburusiya bwagura intumbero zabwo.
Mu kiganiro na Margarita Simonyan, umunyamakuru azwi cane ku mboneshakure yo mu Burusiya akaba arongoye n’uruganda rwo kwegeranya amakuru kuri televiziyo RT, Lavrov yavuze ati: "Ntidushobora kwemerera igice ca Ukraine kigenzurwa na [Perezida wa Ukraine Volodymyr] Zelensky... ko gitunga ibirwanisho bishobora guteza akaga ku butaka bwacu”.
Avuga ati: "Ubu isi iratandukanye”, aha akaba avuga intara zibiri za Kherson na Zaporizhzhia zo mu bumanuko nk’izindi Uburusiya buriko burarondera kwigarurira. Ingabo za Moscou ziramaze kwigarurira ibice vy’izi ntara zompi.
Lavrov yaravuze cane cane kuri vya muzinga vyo mu bwoko bwa Himars birasa kure – biherutse gutangwa na Amerika – ari vyo vyafashije Ukraine gutera intambwe kanaka.
Mu misi ibiri ikurikirana ingabo za Ukraine zarakoresheje Himars mu gutera ikiraro ngirakamaro kandi gikomeye co muri Kherson isanzwe yarigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya, nk’uko amakuru abivuga. Ikiraro ca Antonivskyi ni kimwe muri bibiri Uburusiya bukoresha kugira ngo bushobore gushika mu turere bwigaruriye mu burengero bw’uruzi Dnipro, harimwo igisagara ca Kherson.
Umushikiranganji w’imgenderanire w’Uburusiya avuga ko ibikorwa vy’Uburengero vyo guha Ukraine ibirwanisho ko ari “ishavu ataco rimaze” kandi ko ari “ugushaka kwunyura ibintu”.
Ariko Austin avuga ko “igitero c’ubugome kandi kidafise ishingiro” Uburusiya bwakoze kuri Ukraine ari co catumye amakungu ahaguruka agafata ingingo.
Umugambi w’Uburusiya wo kwagura intumbero zabwo kandi waravuzwe ku wa kabiri n’umuvugizi w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano John Kirby, aho yavuze ko Uburusiya bwariko burategura imigambi yo kwiyegurira uturere tunini tw’ubutaka bwa Ukraine.
Mu turere Uburusiya burondera kwiyegurira harimwo Kherson, Zaporizhzhia, Donetsk na Luhansk, nk’uko yabivuze - ari na two Lavrov avuga ko turiko turaronderwa n’Uburusiya ubu.










