Putin agabisha Uburengero ko butohirahira ngo burungike ingabo muri Ukraine

    • Umwanditsi, Na Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yaraye agabishije ibihugu vy’Uburengero ko bitohirahira ngo birungike ingabo muri Ukraine.

Ingaruka z’ingingo nk’iyi zoba “amahano”, niko avuga.

Mw’ijambo ry’umwaka yaraye ashikirije igihugu, Perezida Putin yagirije Uburengero ko buriko bugerageza gukwegera Uburusiya mw’ihiganwa ryo guhingura ibirwanisho.

Avuga ko Uburusiya ari ngombwa ko butsimbataza umutekano wabwo ku rubibe rwo mu burengero kubera Suwede na Finland biriko vyinjira mu rurani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero.

Perezida Putin avuga ko Uburengero "bwateje" intambara muri Ukraine, kandi ko "bubandanya kubesha ataco bwinona, mu kuvuga ko Uburusiya bushaka gutera Ubulaya".

Kumbure afatiye ku majambo ya Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa mu ntango z’ino ndwi aho yavuze ko ingingo yo kurungika ingabo za OTAN muri Ukraine “itokwiyobagiza”, Perezida Putin agira ati: "Ingaruka ku biyumvira kurungika ingabo zizoba….amahano".

Yongerako ati: "Turafise kandi ibirwanisho bishobora gukubita ubutaka bwavyo.

"Ibi vyose bishobora guteza akaga ko gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara no gusambura isi. Ibi ntavyo babona?"

Amerika iranegura Uburusiya kuri ano majambo yaraye ashikirije ajanye n’intambara ya nikleyeri. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika Matthew Miller avuga ko atari “ubwa mbere twumva amajambo nk’aya y’ububuramutima avugwa na Vladimir Putin".

"Ntivyumvikana ingene umutegetsi w’igihugu gitunze ibirwanisho vya nikleyeri avuga amajambo nk’aya”, niko avuga, akongerako y’uko Amerika ata vyemezo ibona vy’uko Uburusiya bwoba buriko butegura ikoreshwa ry’ibi birwanisho.

Perezida Putin arishimira kandi ibirwanisho karuhariwe vy’Uburusiya – nka vya bisasu binyaruka gusumba ijwi hamwe n’amato atagira abadereva yo mu mazi – kandi ko ingabo zikoresha ibirwanisho vya nikleyeri bikoreshwa mu ntambara “zimeze magabo”.

Mu bintu nyamukuru, Perezida Putin yavuze mu mvugo yeruye ko ibimaze imyaka ibiri bibera muri Ukraine ari “intambara”, nubwo yari amaze igihe ashimangira ko igitero c’Uburusiya gikwiye kwitwa “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare”.

Avuga ko “igice kinini” c’Abarusiya gishigikiye ingingo yiwe yo gutera Ukraine, kandi ko abanyagihugu b’Uburusiya bunze ubumwe mu guhangana n’ico yita utwigoro tw’Ubugenrero two gucuvya igihugu.

Yamirira kure kandi ibirego vya Amerika bivuga ko Uburusiya buriko buhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara vyo gusambura ibigendajuru mu kirere.

Ashikirije iri jambo mu gihe hasigaye indwi zibiri zirenga gato ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu mu Burusiya, aho ata nkeka ko Perezida Putin azotsindira ikiringo kigira gatanu.

Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) Dmitry Peskov avuga ko iri jambo rishobora "kuboneka, ku rugero rutari ruto, nk’imigambi [Putin] ategura gushikiriza muri ano matora".

Mu vy’ukuri, ahanini ijambo ryiwe ryahagaze ku bibazo vyo hagati mu gihugu, kuva ku guteza imbere igisata co kwegeranya amakori gushika ku bijanye n’ubwishingizi be n’ubushirukabute bifise intumbero yo kuduza ibiharuro vy’abana bavuka mu Burusiya bigenda bigabanuka.

Yavuze kandi ko ari ngombwa kunagura igisata c’amagara y’abantu mu gihugu, aho yatangaje ingingo zitari nke zifise intego yo kuduza imyaka yo kubaho (espérance de vie/life expectancy) mu Burusiya, aho ubu ari imyaka 70 urugero rwa mbere ruto ku mugabane wa Bulaya.

Mu gusaba abanyagihugu kwitaho ibikorwa vy’ukwinonora imitsi no kugabanya kunywa inzoga, yavuze yifyinatira ati: "Heba kunywa hanyuma utangure gukina ski!"

Iri jambo ryamaze amasaha abiri yose kandi ryitabwe n’abategetsi bose bo hejuru, abayobozi nshingwabikorwa b’amakompanyi Rosneft na Gazprom yimbura igitoro na gaze, hamwe rero n’abarongoye amashengero yose.

Ryerekanywe ku ma videwo manini cane (écrans geants) hose ku mugwa mukuru Moscou, kandi bivugwa ko n’amazu ya sinema menshi mu bisagara bitandukanye vy’Uburusiya yaryerekanye ku buntu.

Nk’uko vyari vyitezwe, ntiyigeze acishamwo ivy’urupfu rwa wa munyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe Alexei Navalny aherutse gupfira mw’ibohero yari apfungiwemwo muri Siberia haraciye indwi zibiri. Yabonwa n’abatari bake nk’umukeba ruhebwa wa Putin.

Mu gihe vyitezwe ko ashingurwa kuri uno wa gatanu i Moscou, Navalny yapfuye ku wa 16 Ruhuhuma (2) mu buryo butaratomorwa neza gushika ubu. Umupfakazi asize Yulia ashimangira ko ari Putin we nyene abazwa urupfu rwiwe.