Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Macron yatangaje ko Uburengero bushobora kurungika ingabo
Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa, inyuma y’inama n’abategetsi ba Bulaya i Paris, yatangaje ingingo nshasha zo gufasha Ukraine, yongera avuga ko kugira ngo Uburusiya butsindwe muri ino ntambara, kurungika ingabo zirwanira hasi ntivyokwiyobagizwa.
Macron yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru AFP avuga ati: “Uno musi nta mwumvikano uhari wo kurungika ingabo zirwanira hasi, ariko nta kintu na kimwe cokwiyobagizwa. Tuzokora ibishoboka vyose kugira tubuze Uburusiya gutsinda ino ntambara.
“Turemeza ko ari nkenerwa ko Uburusiya butsindwa ku nyungu z’umutekano wa Bulaya”.
Macron yatangaje kandi ko hashinzwe urunani rushasha rwo guha Ukraine ibisasu vya misire biraswa kure hamwe n’ayandi masasu.
Avuga ko Uburusiya butera bwongereza akariro, atari ku rubuga rw’intambara gusa, ariko kandi muri rusangi.
Mw’ijambo yashikirije yugurura iyi nama ku kirimba c’umukuru w’igihugu w’Ubufaransa, Élysée, Macron yavuze ko incuti za Ukraine ari ngombwa ko zongereza ubufasha ziyiha ubu yinjiye mu mwaka ugira gatatu w’ino ntambara.
Macron ati: “Turiko turabona ko Uburusiya bugenda bwongereza inguvu, cane cane kuva mu mezi make aheze”.
Yongerako y’uko Uburengero butegerezwa guhindura imikenyuro kandi bugafatira “ku kaga gashobora kwibonekeza mu gisata ca gisirikare”.
Iyi nama yitabwe n’umukuru wa reta y’Ubudagi Olaf Scholz, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire David Cameron, Umushikiranganji wa mbere wa Espagne Pedro Sanchez, Umushikiranganji wa mbere w’Ubuholande Mark Rutte, hamwe n’abategetsi b’ibihugu vy’uturere twa Scandinavia na Baltique.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaserukiwe n’icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire ajewe ibibazo vy’Ubulayi hamwe n’akarere ka Eurasia (Ubulaya+Aziya), Jim O'Brien, Canada nayo ikaba yarungitse umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Bill Blair.
Mu butumwa yarungikiye abari muri iyo nama abicishije ku buhinga bwa videwo, Perezida Vladimir Zelensky wa Ukraine yagize ati: “Twese hamwe dutegerezwa gukora ibishoboka vyose tukabuza Putin gusambura ivyo tumaze kurangura no gukwiragiza ubugarariji bwiwe mu bindi bihugu”.
Avugana n’abanyamakuru ku wa Mungu, Zelensky yavuze ko abategetsi ba Bulaya bamaze kubona akaga ino ntambara ishobora gutera ku mugabane wose.
Ati: “Ndibaza ko bamaze kubona ko Putin tiyeguye kubandanya n’ino ntambara”.
Nk’uko Emmanuel Macron abivuga, uru runani rushasha rutegura kurungikira Ukraine ibisasu vya misire biraswa ku ntera iciriritse n’ibiraswa kure.
Yagize ico avuga kandi ku makuru avugwa n’ibinyamakuru ko Ubufaransa bushobora kurungikira Ukraine indege z’intambara z’Ubufaransa zizwi nka Mirage, aho yavuze ko ata biganiro Paris irimwo kuri iki kibazo.
Aho nyene, umukuru wa Reta y’Ubudagi Olaf Scholz ejo ku wa mbere yahakanye ivyo kurungikira Ukraine ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Taurus.
Nk’uko bivugwa n’uno mutegetsi w’Ubudagi, kurungikira Ukraine ibi bisasu ntahusha bishobora gutuma ibintu biyangara muri ino ntambara kuko ibi bisasu bishobora gushika ku butaka bw’Uburusiya.