Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Putin: Intambara ya kino gihe ni co kimwe n’intambara ya kabiri y’isi yose
Putin yasubiye kugereranya reta ya Ukraine, reta yatowe n’abanyagihugu, na reta y’Abanazi b’Abadagi batsinzwe mu ntambara ya kabiri y’isi yose.
Mw’ijambo ryiwe yashikirije mu birori vyo guhimbaza Umusi w’Intsinzi, Perezida Putin yavuze ko Uburusiya bwonyene ari bwo bubandanya buvuga ukuri ku vyabaye mu ntambara ya kabiri y’isi yose, mu gihe Uburengero bwibagiye uwatsinze Abanazi.
Yagirije abategetsi ba Ukraine ko ari abategetsi bagendera ku vyiyumviro vy’ikinazi, aca avuga ko intambara y’iki gihe ari intambara n’umwansi yateye igihugu c’amavukiro c’Uburusiya.
Abarusiya bamye babwirwa ko ari bo batsinze intambara ya kabiri y’isi yose, ibi bikaba bidatangaza abategetsi b’Uburengero kubona adashobora kuvuga ivy’urugamba rwo kubohora uburengero n’ubumanuko bwa Bulaya bwari bwigaruriwe n’abanazi.
Kuva atanguje intambara kuri Ukraine, Kremlin yamye irondera kwerekana isano riri hagati y’Intambara ya Kabiri y’isi yose n’ “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare”.
Mw’ijambo ryiwe ahubwo, yasubiye kwagiriza “incabwenge z’Uburengero” gukwiragiza “inzigo n’urwanko”.
N’aho yavuze gato ku Burengero abwagiriza, ijambo ry’uno mwaka riratandukanye n’iryo mu mwaka uheze aho ata mwanya munini yafashe mu kwagiriza Uburengero na OTAN ko ari bo nkwezi y’amarere.
Yibanze cane ku gushimagiza ingabo z’igisirikare c’Uburusiya ziri mu “gikorwa kidasanzwe ca gisirikare” muri Ukraine.
Ati: “Nta kintu na kimwe gikuru kw’isi nk’urukundo dufitiye ingabo zacu.
“Nta kintu gikomeye gusumba igikorwa canyu ku rugamba, na rirya Uburusiya bugendera ku bikorwa birangurwa n’abari ku rugamba.
“Intambara zicira inzira ya kazoza igihugu catuvyaye zamye ari iz’igihugu kandi z’iteka.
“Twese turabasengera.
“Ku Burusiya, ku gisirikare cacu”, niko arangiza avuga, ururirimbo rw’igihugu ruca rurakurikira.
Umusi w’Intsinzi ni iki, kubera iki ari umusi udasanzwe?
Umusi w’Intsinzi ni umusi wo guhimbaza intsinzi y’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti ku ba Nazi b’Abadagi mu 1945.
Ubudagi bwateye igikumu ku rwandiko rwemeza ko bumanitse amaboko ku wa 08 Rusama (5), aho hari hamaze kuba ku wa 09 Rusama mu masaha ya Moscou.
Mu ntambara ya kabiri y’isi yose, Ubumwe bw’Abasoviyeti bwapfishije imiriyoni 27 z’abanyagihugu babwo, igitigiri kinini cane rwose gusumba ibindi bihugu vyose vyagize uruhara muri ino ntambara.
Bivugwa ko umusoviyeti umwe umwe wese yatakaje incuti yiwe yaba iyahafi canke iya kure muri iyo ntambara.
Mu butegetsi bwiwe, Perezida Vladimir Putin yamye arondera kuvyaza umusaruro uko Abarusiya biyumvamwo uyu musi n’iteka abenshi biyumvamwo ku ruhara icahoze ari URSS/USSR yagize mu gutsinda Abanazi b’Abadagi.
Putin yama ashira imbere iciyumviro c’uko ari intsinzi ku butegetsi bw’agahotoro , mbere akaba ari yo mvugo akoresha mu gusigura intambara yiwe kuri Ukraine.
Ibirori vy’Umusi w’Intsinzi bimaze kuba akaryo ko kwerekana inguvu za gisirikare mu kwerekana ingabo n’ibirwanisho Uburusiya butunze.
Idefire ikomeye y’ibirwanisho n’ibimodoka vy'intambara yama ibera mu Kibanza Gitukura (Place Rouge/Red Square) yamye ari akaryo keza ka Kremlin ko gushira ahabona ibirwanisho vya none n’inguvu za gisirikare.
Ariko uno musi siko vyagenze. Abasirikare bari musi ya 8.000 ugereranije na 11.000 mu mwaka uheze, ibikoresho vya gisirikare bike, nta bimodoka vy'intambara bishasha vyashizwe ahabona, nta defire y’indege yahabaye, kandi ibirori vyabaye umwanya muto ugereranije n’imyaka iheze.