Amerika iriyamiriza Ubushinwa ku myimenyerezo yabwo ivugwa yo gutera Taiwan

Pékin yitezwe kubandanya imyimenyerezo ya gisirikare mu kirere no mu mazi mu micungararo ya Taiwan gushika kuri uno wa Mungu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Pékin yitezwe kubandanya imyimenyerezo ya gisirikare mu kirere no mu mazi mu micungararo ya Taiwan gushika kuri uno wa Mungu

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) ko ikora ibikorwa vyo “gusotora” kandi “bidafise ishingiro” inyuma y’aho Taiwan itangarije ko Ubushinwa bwakoze imyimenyerezo yo gutera iri zinga.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika (Maison Blanche/White House) bivuga ko Pékin iriko igerageza “guhindura uko ibintu bimeze” kuri Taiwan.

Icuka kibi cariyongereye inyuma y’urugendo ruherutse gukorwa muri Taiwan n’intumwa za Amerika zari zirongowe n’umukuru w’inama nshingamateka, umu Democrat Nancy Pelosi.

Ubushinwa bufata uru rugendo nk’inzitizi ku vyo busanzwe buvuga ku bijanye n’ubwigenge bwa Taiwan yoyo yifata nk’iyigenga.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Taiwan avuga ko amato n’indege z’intambara vy’Ubushinwa vyakoreye imyimenyerezo mu muhora wa Taiwan (détroit de Taïwan/ Taiwan Strait) ejo ku wa gatandatu, mbere zimwe zikaba zararenze umurongo ugabura ibi bihugu vyompi.Taiwan yaciye irungika indege zayo z’intambara kuzirukana.

Igisirikare ca Taiwan kivuga ko iyi yari imyimenyerezo yo kwigana igitero kuri iri zinga.

Pékin ntaco irashikiriza kuri ino myimenyerezo ya gisirikare, ariko vyitezwe ko ibandanya mu kirere no mu mazi mu micungararo ya Taiwan gushika kuri uno wa Mungu.

Washington yagiriza Ubushinwa ko butuma icuka kibandanya kiba kibi.

Umuvugizi wa Maison Blanche avuga ati: "Ibi bikorwa vyerekana ko Ubushinwa bwakobeje mu twigoro twabwo two kurondera guhindura ingene ibintu bitunganijwe. Ni ivy’agasotoro, bitagira inshingano, mbere ni ukutiyumvira”.

"Biteye kubiri kandi n’intumbero yacu y’igihe kirekire yo kubungabunga amahoro n’umutekano ku muhora wa Taiwan, ari na vyo amakungu yiteze”.

Ubushinwa buvuga ko urugendo rw’umupfasoni Pelosi "rwahungabanije cane " amahoro n’umutekano ku muhora wa Taiwan.

Ubushinwa bufata Taiwan ko ari intara yabwo ishaka kwiyonkora kandi ko amaherezo yayo ari uko izoruhira kuja mu minwe ya Pékin. Hagati aho, Taiwan ni izinga rifise ubutegetsi bwaryo, rikifata ko ari igihugu cigenga.

Ariko, iyo hagize umutegetsi n’umwe w’igihugu kanaka yemera ubutegetsi bwaryo, Ubushinwa buca burakara. Ku wa gatanu bwatangaje ko bufatiye ibihano Nancy Pelosi n’umuryango wiwe kubera uru rugendo.

Taiwan

Pékin kandi yatangaje ko ihagaritse imigenderanire yose na Amerika mu bisata nyamukuru bitari bike harimwo ihindagurika ry’ikirere, ibiganiro vya gisirikare n’utwigoro two kurwanya ubukozi bw’ikibi kw’isi.

Umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yagiriza Ubushinwa gufata “ingingo zitagira ishingiro” mu kuzibira imihora mikuru mikuru yo guhanahana amakuru na Washington.

Pelosi – nk’umuntu yamye anegura Ubushinwa akaba kandi n’umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru agendeye iri zinga mu myaka 25 – yashitse muri Taiwan ku wa kabiri, yirengagije amajambo yo kugabisha yashikirizwa na Pékin.

Mu rugendo rwiwe, Pelosi yavuze ko “isi ihanganye n’ikibazo co guhitamwo hagati y’ubutegetsi bw’agahotoro n’ubutegetsi bwa demokarasi”.

line

Ubushinwa na Taiwan: bikuru bikuru

  • Kubera iki Ubushinwa na Taiwan bifitaniye imigenderanire mibi? Ubushinwa bufata iri zinga rifise ubutegetsi bwaryo nk’igice c’ubutaka bwabwo, bugashimangira ko ari ngombwa ko risubira mu ruhongore, bibaye ngombwa hakoreshejwe inguvu
  • Taiwan irongowe gute? Iri zinga rifise ibwirizwashingiro ryaryo, abategetsi batorwa mu nzira ya demokarasi, igisirikare caryo kikaba kifise ingabo zababa 300.000 ziri ku kazi
  • Ni ibihe bihugu vyemera Taiwan? Ibihugu biri ku rushi nivyo vyemera Taiwan. Vyinshi ahubwo vyemera reta ya Pékin. Amerika nta bucuti bwo ku mugaragaro ifitaniye na Taiwan ariko ifise itegeko riyisaba guha iri zinga uburyo bwo kwivuna
line