Abarongoye igendereza mu Bwongereza na Amerika bagabisha ko China ari akaga ‘gakomeye’

Ahavuye isanamu, UK pool via ITN
Abakuru b’ibisata vy’Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe igendereza baremeshereje hamwe ikiganiro n’abanyamakuru, ibitari bwigere bibaho, bagabisha ko Ubushinwa bushobora guteza akaga.
Umukuru w’ikigo FBI (kijejwe igendereza muri Amerika) Christopher Wray avuga ko Ubushinwa ari bwo "kaga gakomeye cane ku butunzi n’umutekano vy’igihugu cacu”, kandi bwarivanze no muri poritike, harimwo no mu matora aheruka.
Umukuru wa MI5 (igisata kijejwe igendereza rya gisirikare mu Bwongereza) Ken McCallum avuga ko igisata ciwe congereje incuro zirenga zibiri imirimo yaco yo kugendererza ibikorwa n’Ubushinwa mu myaka itatu iheze, kandi ko gishobora no gusubira kurenzako izindi ncuro zibiri.
Yongerako y’uko ubu MI5 ikora igendereza rijanye n’ibikorwa vy’umugambwe w’abakomunista mu Bushinwa ku rugero rw’incuro indwi ugereranije no mu 2018.
Wray arongoye FBI agabisha ko mu gihe Ubushinwa bworamuka bwigaruriye Taiwan ku nguvu “bishobora kuba kimwe mu bintu vyohungabanya ubucuruzi mu buryo isi itarigera ibona”.
Iyi nama ya mbere ibereye ku mugaragaro hagati y’aba bategetsi babiri yabereye ku cicaro ca MI5 kiri mu nyubakwa Thames House ku mugwa mukuru w’Ubwongereza, Londres.
McCallum avuga kandi ko akaga gatewe n’umugambwe w’Abakomunista w’Ubushinwa “kazotuma ibintu bihinduka”, mu gihe Wray na we avuga ko “gakomeye cane” kandi “gahagaritse umutima”.
Wray yagabishije abariko baramwumviriza – harimwo abayobozi nshingwabikorwa b’amashirahamwe y’ubudandaji hamwe n’abategetsi b’amakaminuza - ko reta y’Ubushinwa yiteguye “kwiba ubuhinga bwanyu” ikoresheje uburyo butandukanye.
Avuga ko iki gihugu co muri Asia ari “akaga gakomeye ku budandaji bwo mu bihugu vy’Uburengero gusumba uko abahinga bakomeye mu vy'ubudandaji bavyibaza”.
Avuga kandi ko Ubushinwa bwarungitse ba maneko nyabwonko (cyber espionage) kugira bakore "ubusuma bwo ku rwego rwo hejuru”, mu gukoresha porogaramu yo kwiba amakuru nini cane gusumba iyo mu bindi bihugu vyose bikomeye bigiye hamwe.
Umukuru wa MI5 avuga ko amakuru y’igendereza ku vyerekeye iterabwoba nyabwonko yahawe ibihugu 37 kandi ko mu kwa gatanu umugambi wo ku rwego rwo hejuru wo guhungabanya ibikorwa vy’ikirere wasambuwe.
McCallum yatanze kandi uturorero dufitaniye isano n’Ubushinwa. Muri two harimwo umuhinga mu bijanye n’indege yarondewe akemererwa akazi keza.
Yaragendeye incuro zibiri Ubushinwa ahabwa “imivinyu n’indya” imbere y’uko ikompanyi ikoreramwo abajejwe igendereza rya gisirikare ry’Ubushinwa rimusaba amakuru y’ubuhinga ku ndege ya gisirikare.
McCallum ati: "Aho niho twaciye tumerera magabo”. Yavuze kandi ko hari ikigo c’ubuhinga cegerewe na kompanyi yo mu Bushinwa, ica ishobora gutwara ubuhinga bwaco imbere y’uko amasezerano afutwa, bituma ico kigo , Smtith’s Harlow, gihomba mu 2022.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aragaruka kandi ku kamo k’inama nshingamateka yateye mu kwa mbere ku vyerekeye ibikorwa vya Christine Lee vyo kwivanga mu buzima bw’igihugu. Yavuze ko ibikorwa nk’ibi bifise intumbero yo gushira hejuru abashigikiye umugambwe w‘abakomunista no gucecekesha abanegura ubutegetsi bwabo. Uyu mukuru wa MI5 ati: “Iki gitegerezwa kurwanywa”.
Muri Amerika, umukuru wa FBI avuga ko reta y’Ubushinwa yivanze mu buryo butaziguye mu matora y’inama nkenguzamateka aheruka i New York kuko butashaka ko hatorwa umukandida yabunegura mbere yigeze no kuja mu bakoze imyiyerekano yo mu kibanza citiriwe Tiananmen Square.
Avuga ko bakoze ivyo mu guha akazi maneko yigenga kugira ngo arondere amakuru yose amuvuga nabi. Bamaze kubura na kimwe, baciye barondera amayeri yo gukoresha imaraya imbere y’uko biyumvira ko bokoresha isanganya ry’imodoka.
Wray avuga ko Ubushinwa buriko burakura “ivyigwa vy’ubwoko bwose” ku ntambara ya Ukraine. Aha harimwo nko kugerageza kwikingira ibihano ivyo ari vyo vyose vyo muri kazoza bisa n’ivyafatiwe Uburusiya.
Mu gihe Ubushinwa bwotera Taiwan, ubutunzi bwohungabana cane gusumba ingene bwahungabanye uno mwaka, akavuga ko imitahe y’ibihugu vy’uburengero yogirwa imbohe mbere n’amayira y'uruhererekane rw'ibidandazwa akononekara.
Inyuma y’ijambo ryiwe, umukuru wa FBI yabwiye abanyamakuru ati: "Nta mpamvu n’imwe yotuma niyumvira ko inyungu zabo muri Taiwan zagabanutse mu buryo ubwo ari bwo bwose”.
Umukuru wa MI5 avuga ko itegeko rishobora gufasha mu kurwanya aka kaga, ariko kandi ko Ubwongereza bukeneye kuba “ntavogerwa” mu gukora ibishoboka vyose kugira ngo abanyagihugu bose bamenye ibibahanze. Avuga ko impinduka mu bijanye n’ama visa zatumye abanyeshure barenga 50 bafitaniye isano n’igisirikare c’Ubushinwa bava mu Bwongereza.
Wray ati: "Ubushinwa bumaze igihe kirekire bubona ko ari yo mirukiro agira kabiri y’abantu bose”. Yongera ati: “Ubu ntibagishobora kwinyegeza”.










