Lionel Messi: Uyu musatirizi wa Argentine azova muri PSG uyu mwaka w'inkino uheze

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Inkuru ya Guillem Balague
- Igikorwa, Umwandi w'umupira w'amaguru wo muri Espagne
Lionel Messi azova muri Paris St-Germain mu ci umwaka w’inkino uheze igihe amasezerano yasinye azoba arangiye.
Uyu munye-Argentine yatsindiye igikombe c’isi yari yashitse ku “mwumvikano w’intango” wo kwongera ku masezerano yiwe uwundi mwaka umwe ariko yaba ikipe canke uwo mukinyi nta n’umwe ashaka kuyashirako umukono.
Messi ntanyurwa n’uko iyi kipe ishobora guhiganwa ku rwego rwo hejuru ku mugabane wa Buraya, kubera ibibazo vy’amafaranga, mu gihe iyi kipe isanzwe ariyo ifise igikombe c’Ubufaransa ishaka kwibanda ku kuduza abakinyi bakiri bato.
Yashize umukono ku masezerano y’imyaka ibiri i Paris mu 2021 hamwe n’akaryo ko kuyongerako uwundi mwaka umwe ariko ivyo ubu ntibigishitsweko.
Biravugwa yuko se wiwe, Jorge Messi, yabimenyesheje umuhanuzi wa Paris St-Germain mu ndwi zibiri ziheze.
Uyu mukinyi yibaza yuko uburyo bwa PSG buzogabanywa mu mwaka w’inkino ukurikira, kugira hubahirizwe amategeko ajanye no kutarenza amahera ashorwa mw’ikipe (Financial Fair Play rules) – bikazotuma ubukomezi bw’ikipe bubangamirwa.
Kwijijanya imitima ku bijanye no kuguma muri iyi kipe muri ano mezi aheze vyarateye agashavu ba nyene iyi kipe bo muri Qatar, bakibaza yuko kuba Messi ata nyishu yariko aratanga cari ikimenyetso ceruye c’uko adashaka kuguma muri iyo kipe.
Uyu mukinyi w’imyaka 35 yarahagaritswe gukina indwi zibiri na PSG ejo kuwa kabiri nyuma yo gufata urugendo akaja muri Arabie Saudite atahawe urusha n’ikipe.
Barcelona na Messi bategerezwa kuba bipfuza guhindura ukuri indoto y’ukugaruka kw’uwo musatirizi i Nou Camp ariko, mu gihe iyi kipe irongoye ihiganwa rya La Liga ifise ibibazo vy’amafaranga, kugaruka ‘muhira’ kwa Messi bisa n’ibidashoboka.
Aronderwa kandi na Inter Miami yo muri Major League Soccer muri Amerika, hakaba hari n’igifyo c’amahera imiriyoni 400 z’amanyaburaya ariko arahabwa ngo aje gukina muri Arabie Saudite umwaka umwe.
Messi ariko yibaza yuko agishoboye guhiganwa ku rwego rwo hejuru i Buraya uwundi umwaka w’inkino umwe – akaba ahanze amaso amahirwe yo guterura igikombe ca Champions League – ariko, mu gihe kuja muri Barcelone bisa n’ibidashoboka, amahitamwo yiwe asa n’ayatari menshi.
Messi yinjije bitsindo 31 anafasha kwinjiza ibindi 34 mu mikino 71 yakiniye PSG, kandi atwara igikombe ca Ligue 1 mu mwaka w’inkino uheruka.
Vyitezwe ko atazoboneka mu nkino na Troyes hamwe na Ajaccio mu gihe PSG, isanzwe irusha iya kabiri amanota atanu kandi hakaba basigaye inkino zitanu gusa, isa n’iyiri mu kwegukana igikombe kigira icenda mu myaka y’inkino 11.
Messi, asanzwe ari we yinjirije Barcelona ibitsindo vyinshi kurusha abandi mu mateka yayo (ibitsindo 672 mu nkino 778), yavuye Nou Camp mu 2021 kubera ibibazo vy’ubutunzi iyo kipe yari ifise.
Vyitezwe ko ari we atahukana agashimwe ka Ballon d’Or mu kwezi kwa Gitugutu (10) kuri imbere, akazoca arusha abandi bose utwo dushimwe dutatu, nyuma yo gutahukana igikombe c’isi na Argentine muri Kigarama.










