Lionel Messi mu gufasha abafise ingorane zo kutabona neza muri Ethiopia

Lionel Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lionel Messi yifanije na kompanyi y'ibikoresho mu gutanga ubufasha bwunganira abafise ingorane zo kutabona neza

Icamamare mu mupira w’amaguru Lionel Messi yifatanije n’abari mu gikorwa co gufasha abanya-Ethiopia bafise ingorane zo kutabona neza.

Mu butumwa ku mbuga hwaniro, uwo kapiteni w’umugwi nserukiragihugu wa Argentine aherutse gutahukana igikombe c’isi, yavuze ko yatewe iteka mu gushirwa mu bakorana n’ikigo gitanga ibikoresho vyunganira abafise ingorane zo kutabona neza OrCam mu gutanga ubufasha ku banya-Ethiopia.

Ingorane zo kutabona neza ni kimwe mu bibazo bikomeye vy’amagara y’abantu muri Ethiopia, aho kimwe mu vyigwa cerekana ko uruhumyi mu gihugu ruri ku rugero rwa 1,18% vy’abanyagihugu.

Ku bwa OrCam, ubuhinga bwabo bwo gufasha abafise ingorane yo kutabona neza ‘’buratanga akarusho ku buzima bw’abantu bafise uruhumyi, abatabona neza n’abafise ingorane zo gusoma”.

Mu mwaka uheze, ku mfashanyo y‘abagiraneza, ibiro vy’umugore w’umushikiranganji wa mbere vyaratanze ibikoresho bigezweho vyo gufasha abafise ingorane yo kutabona neza ku bantu 2.000 – cane cane abanyeshure n’abakozi ba reta.

Ivyo biro vyavuze ko abantu batahora babona baciye bashobora gusoma iki-Amharic - ururimi rw’akazi muri ico gihugu - hamwe n’icongereza atawurinze kubafasha.

Ubuhinga bwa ‘intelligence artificielle’ bufatanye na monture/frame z’amarori y’amaso bufasha abantu bafise ingorane zo kutabona neza gusoma no kumenya gutandukanya amabara kuko [intelligence artificielle] iyasoma ikayabwira [mw’ijwi] uwuba yambaye ayo marori.

Ubwo buhingwa ikinyamakuru Times cavuze ko buri mu bintu ‘’vy’akabirya bikomeye cane’’ vyo mu 2019.

Ariko ayo marori OrCam MyEye arazimvye, si benshi boshobora kuyagura kuko ayo umuntu umwe agurwa amafaranga arenga ibihumbi bine vy’ama dorari ($4.000; n’amafaranga y’Uburundi arenga miriyoni 8).