Lionel Messi yatsindiye agashimwe k’umukinyi mwiza wa FIFA w’umwaka

Ahavuye isanamu, EPA
Umusatirizi wa Argentina na Paris St-Germain Lionel Messi yatsindiye agashimwe k’umukinyi mwiza wa FIFA mu 2022 ku ruhande rw’abagabo.
Uyu mukinyi w’imyaka 35 yatsinze abasatirizi babiri b’Abafaransa, Kylian Mbappe na Karim Benzema.
Messi ni we yari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu igihe Argentina itahukana ihiganwa ry’igikombe c’isi yose riherutse kubera muri Qatar, akaba yashoboye gutsindira igihugu ciwe n’umurwi wiwe ibitsindo 27 mu nkino 49 mu mwaka w’inkino wa 2021-22.
Alexia Putellas wa Barcelona na we yatsindiye agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka ku ruhande rw’abagore.
Messi, inyuma yo gutsindira aka gashimwe ku ncuro ya kabiri avuga ati: "Birateye igomwe. Wabaye umwaka udasanzwe kandi ni iteka kuri jewe kubona ntahukanye aka gashimwe. Iyo bataba abakinyi bagenzanje, sinari kuba ndi ng’aha.
"Nashitse ku ndoto nari maranye igihe kirekire cane. Ni abantu bake cane bashobora gushika kuri ino ntambwe kandi ni umugisha nagize kuyishikako".
Mu birori vyabereye i Paris, Lionel Scaloni, ari na we yamenyereza Argentina igihe itsindira igikombe c’isi yose kigira gatatu, ni we yagenywe nk’umumenyereza w’umwaka ku ruhande rw’abagabo.
Scaloni yatsinze Pep Guardiola – umumenyereza wa Manchester City yayifashije gutsindira ihiganwa ry’Ubwongereza ku ncuro ya gatandatu – hamwe kandi n’umumenyereza wa Real Madrid Carlo Ancelotti yayifashije gutsindira ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo ku mugabane wa Bulaya (Ligue des champions/Champions League).
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abagore mu Bwongereza Sarina Wiegman na we yatsindiye agashimwe k’umumenyereza mwiza w’umwaka ku ruhande rw’abagore inyuma yo kurongora umurwi nserukiragihugu w’abagore Lionesses mu ntsinzi yawo y’igikombe ca Bulaya (European Championship), igikombe ca mbere gikomeye c’uyu murwi.
Umunyegori wa Aston Villa n’umurwi nserukiragihugu wa Argentina Emiliano Martinez nawe yagenywe nk’umunyegori mwiza ku ruhande rw’abagabo, mu gihe umwongerezakazi nawe Mary Earps yatsinze ku ruhande rw’abagore.
Martinez w’imyaka 30, yafashije igihugu ciwe gutsindira igikombe c’isi yose, mu gusama penalties zine zose harimwo n’igihe batsinda Ubufaransa ku ma penalties mu rukino rwa nyuma.
Earps asanzwe akinira umurwi wa Manchester United mw’ihiganwa ry’abagore Women's Super League, yatanguye mu kibuga mu nkino zitandatu zose z’Ubwongereza muri Euro 2022 igihe batsindira iri higanwa.
Cumi n’umwe b’umurwi w'isi yose ku ruhande rw’abagabo ni aba: Thibaut Courtois; Achraf Hakimi, Virgil van Dijk, Joao Cancelo; Kevin De Bruyne, Luka Modric, Casemiro; Lionel Messi, Erling Haaland, Karim Benzema, Kylian Mbappe.











