Rishi Sunak ntiyoroherwa mu matora ku nteguro yiwe ku Rwanda inyuma y’imihoho yatanzwe n’abategetsi b’umugambwe wiwe

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak ntiyorohewe mu matora yo mu nama nshingamateka ku nteguro y’itegeko ryo kurungika abimukira mu Rwanda inyuma y’aho ivyegera bibiri mu mugambwe w’aba-Conservateurs be n’umuhanuzi wo mu bushikiranganji batangiye imihoho kubera iki kibazo.
Mu matora yabaye ejo ku wa kabiri Lee Anderson, Brendan Clarke-Smith na Jane Stevenson bariyonkoye mu gutora bemeza impinduka bavuga ko zokomeza iyi nteguro gusumba.
Mu kunaniza ubutegetsi bwa Sunak, abashingamateka 60 b’uno mugambwe barashigikiye izi mpinduka zisabwa n’aba bigumuye.
Umushikiranganji wa mbere yizeye ko iyi nteguro, uko imeze kwose, izoruhira kwemezwa, ariko bivugwa ko yoba ariko yitegurira kugira ivyo yemerera abamurwanya.
Vyitezwe ko abashingamateka babandanya baharira kuri izi mpinduka zisabwa kuri ino nteguro kuri uno wa gatatu, aho hazoca haba amatora mu gihe yoguma uko imeze.
Mu gihe hogira abashingamateka bababa 30 baja ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi mu kwanka iyi nteguro mu ntambwe ya nyuma yo muri ino nama nshingamateka, ishobora kutemezwa.
Abashingamateka nibura bane b’aba-Conservateurs – harimwo abahoze ari abashikiranganji Robert Jenrick na Suella Braverman – baratangaje ku mugaragaro ko biteguriye kuyihakana mu gihe itohinyanyurwa.
Ariko ntibizwi neza igitigiri c’abandi bashobora kubahamvya.

Ahavuye isanamu, PA Media
Nubwo reta yoramuka itsinze, iki kibazo kizosiga inkovu, mu gihe impari zimaze igihe kuri iki kibazo ziriko zerekana urugero rw’indyane zirangwa hagati mu mugambwe w’aba-Conservateurs.
Mu gihe hoba benshi bagarariza coba ari ikibazo ngorabahizi ku mushikiranganji wa mbere yashize imbere poritike yiwe ku Rwanda nk’umushinge mu vyo yiyemeje vyo guhagarika amato matomato yinjiza abimukira.
Miriam Cates, umwe mu bashigikiye izi mpinduka z’ejo ku wa kabiri yabwiye BBC ko “yiteguye” guhakana iyi nteguro yose.
Ati: "Ariko dufise amasaha 24 - uyu ni umwanya munini muri poritike. Dufise ayandi matora ejo ku zindi mpinduka rero ntiturashika aho dushobora gufata ingingo”.
N’ubwo abashingamateka boramuka bayemeje, reta iracafise ikibazo co kuyemeza mu nama nkenguzamateka, aho iboneka ko izokwongera ikarwanywa.
'Ntibonekemwo agatosi na gato'
Ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, Sunak yahuye n’ikibazo c’abagarariji atari bwigere abona kuva abaye umushikiranganji wa mbere, aho aba-Conservateurs 60 bagumukanye reta bagashigikira impinduka kuri ino nteguro yari yashikirijwe n’abashingamateka bo ku ruhande rw’abagendera ku mico ya kera.
Imbere gato y’amatora, Anderson na Clarke-Smith batangaje ko batanze imihoho kugira bashigikire izo mpinduka.
Aba bategetsi babiri bavuga ko batarwanya integuro ariko ko bashaka gukora ibishoboka vyose kugira ngo ntibonekemwo agatosi na gato.

Ahavuye isanamu, PA
Umupfasoni Stevenson, umushingamateka afasha mu bushikiranganji bw’ubudandaji, na we nyene yatanze imihoho amaze gutora yemeza ko haba izi mpinduka zisabwa n’abigumuye.
Izi mpinduka zifise intumbero yo kuzibira kugira ngo ntihagire itegeko mpuzamakungu riza rizibira ingingo yo kurungika abantu mu Rwanda zikongera zikagabanya ubushobozi bw’umuntu ku giti ciwe yorondera kwitura ubutungane kugira ngo ntarungikwe – ntizemejwe.
Ariko ziracashigikiwe cane n’abategetsi bakuru b’umugambwe w’aba-Conservateurs, harimwo uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umupfasoni Braverman n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Liz Truss.

Ahavuye isanamu, UK Parliament
Sunak ntararekura ku vyo asabwa n’abamunegura bo mu mugambwe wiwe, kandi ari nka hamwe yorekura, ashobora gutakaza bamwe mu bashingamateka bafise ivyiyumviro vyo hagati na hagati.
Hagati aho, mu ntumbero yo guhumuriza bamwe muri aba bamunegura, BBC yabwiwe ko reta iriko yitegura gufata icemezo c’uko hoba amabwirizwa yemerera abategetsi kwihoza ivyemezo vya sentare ya Bulaya ijejwe agateka ka muntu biza bihagarika ingingo yo kurungika abimukira mu Rwanda.
Umugambwe w’abakozi uvuga ko iyi mihoho yerekana ko Sunak "adashoboye na gato kurongora uno mugambwe kandi adashoboye na gato kurongora igihugu ".
Pat McFadden ajejwe imyiyamamazo ku rwego rw’igihugu muri uno mugambwe avuga ati: "Iyi mihoho yerekana ko mbere n’abategetsi bakuru mu mugambwe w’aba-Conservateurs bibaza ko umugambwe wabo wananiwe kandi ko ari n’ikindi kimenyetso c’akajagari karangwa mu ba-Conservateurs kuri ino mikenyuro ku Rwanda yanse – ariko bakabandanya barihisha abatangakori amakori y’agacamutwe”.










